Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGORANE

Turageramiwe

Turageramiwe

Raporo imwe yo mu 2018 ivuga yuko naho twagize iterambere ridasanzwe mu bijanye n’ubuhinga bwa none, mu vya siyansi no mu vy’ubutunzi, kuva isi yakabaho ni twe tuyigejeje habi mu bijanye na politike, ubutunzi be n’ibidukikije.

KUBERA IKI INCABWENGE NYINSHI ZIHAGARITSE UMUTIMA KU BIJANYE NA KAZOZA KACU BE N’AK’ISI? RABA INGORANE ZIMWEZIMWE ZIDUHANZE.

  • UBUGIZI BWA NABI BWO KURI INTERNET: Ikinyamakuru kimwe co muri Ostraliya kivuga giti: “Gukoresha internet biguma birushiriza kubamwo akaga. Kwonona abana, gusotorana, gutotezanya no kwiba amakuru, bisigaye vyiraye kuri internet. Ukwiba amakuru yerekeye abandi bisigaye biri mu bugizi bwa nabi bwimonogoje kw’isi. . . . Internet iraha abantu akaryo ko kwerekana imico mibi bafise, nko gukora ibintu vy’ububisha n’ubunyamaswa.”

  • UBUSUMBANE MU VY’UBUTUNZI: Raporo iherutse gusohorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gufasha abakene (Oxfam) yerekana ko abantu umunani batunze cane kw’isi bafise itunga ringana n’iry’abantu imiliyaridi 3 n’imiliyoni 600 bakenye kw’isi. Iyo raporo ivuga kandi ko igisata c’ubutunzi kirangwa n’akarenganyo kuko abatunzi baguma bikwegerako itunga, abakene na bo bakaguma barushiriza gukena, na canecane abagore. Hari abatinya ko ubwo busumbane bushobora kuzotera intureka.

  • INTAMBARA N’AGATOTEZO: Raporo yo mu 2018 y’igisata ca ONU kijejwe impunzi yavuze iti: “Ntitwari bwigere tubona igitigiri gihanitse c’abata izabo nko muri iki gihe.” Abantu barenga imiliyoni 68 barataye izabo, ahanini bikaba vyavuye ku ntambara n’agatotezo. Iyo raporo yavuze kandi ko “mu masegonda abiri umuntu umwe aba ataye urwiwe.”

  • KUGERAMIRA IBIDUKIKIJE: Raporo imwe yo mu 2018 ivuga ko “ibikoko n’ibimera biriko birazimangana ku bwinshi,” be n’uko “gutosekaza ikirere be n’ibiyaga biguma birushiriza kugeramira amagara y’abantu.” Vyongeye, mu mihingo imwimwe utunyabuzima dutandukanye turiko turahona. Kubera yuko dufasha mu bijanye n’ukurondoka kw’ibiterwa, abahinga bavuga ko ivyo bishobora kuzotuma ubuzima buparangana. Utunyabuzima two mu mazi na two nyene turageramiwe. Abahinga bavuga ko muri iyi myaka 30 iheze, hapfuye hafi ica kabiri catwo.

Twoba none dushoboye kugira ivyo duhinduye kugira ngo isi yacu irushirize gutekana? Hari ababona ko kugira ngo ivyo bishoboke abantu bakwiye kubanza kwigishwa. None iyo nyigisho yoba ari nyabaki? Ibiganiro bikurikira biraca irya n’ino ivyo bibazo.