Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuganga ntakwiye kuvura ibimenyetso gusa, ahubwo akwiye kuvura indwara ibitera

URUGAMBA

Kumenya umuzi w’ingorane

Kumenya umuzi w’ingorane

Woba wibaza ko abantu bashobora gutorera umuti ingorane umuyoro zituma bataronka amahoro n’umutekano, zikanatuma bagira ubwoba bwa kazoza? Umuti ruhasha ni uwoza uvura ibitera izo ngorane, aho kuvura ibimenyetso vyazo gusa.

Reka tubitangire akarorero: Uwitwa Tom yararwaye mu nyuma arapfa. None vyavuye ku ki? Umuganga wo ku bitaro vyakiriye Tom imbere y’uko apfa, yavuze ati: “Igihe ibimenyetso vy’indwara yiwe vyatangura kwibonekeza, nta witayeho kurondera kumenya ico yari arwaye.” Biboneka ko abaganga bamuvuye ubwa mbere bamuhaye umuti watuma agira agahengwe gusa.

None abantu ntibariko babigenza gutyo nyene mu kuvura indwara isi irwaye? Nk’akarorero, mu kurwanya ubukozi bw’ikibi, usanga amaleta ashinga amategeko, agakoresha amakamera, agakomeza n’inzego z’umutekano. Naho ivyo bifasha ku rugero kanaka, ntibitorera umuti ibitera ubwo bubisha. Kanatsinda, ivyo abantu bakora bihishura agatima bafise, ukuntu biyumvira be n’ivyo bipfuza.

Uwitwa Daniel wo mu gihugu kimwe gikenye co muri Amerika y’Epfo, avuga ati: “Kera twari tubayeho neza. Nta wikeka abasuma bitwaje ibirwanisho. Ariko ubu, nta gisagara canke ikigwati gitekanye kikibaho. Ubukene bwarerekanye uko abantu bameze koko, ko ari abanyamwina kandi ko batubaha ubuzima bw’abandi canke amatungo yabo.”

Uwo twise Elias yarahunze intambara mu gihugu kimwe co muri Aziya mu nyuma atangura kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Abantu bo mu miryango, abanyepolitike be n’abanyamadini, bararemesheje imisore itari mike yo mu gisagara iwacu kuja mu ntambara kugira ngo ifatwe nk’intwari. Igitangaje ni uko abo bari bahanganye na bo nyene babwiwe nk’ivyo nyene. Ivyo vyose vyatumye mbona ko kwizigira abategetsi b’abantu ari uguta umwanya.”

Ntibitangaje kubona Bibiliya ivuga iti:

  • “Impengamiro y’umutima w’umuntu [ni] mbi guhera mu buto bwiwe.”​—Itanguriro 8:21.

  • “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?”​—Yeremiya 17:9.

  • “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, . . . ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma.”​—Matayo 15:19.

Abantu vyarabananiye kuvura inyifato mbi zibarimwo zituma bagirira nabi abandi. Ahubwo riho ibintu bitera bimera nabi nk’uko za ngorane twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki zivyerekana. (2 Timoteyo 3:1-5) Igitangaje ni uko ibintu biguma vyunyuka kandi abantu basigaye bazi ibintu vyinshi cane, bakaba baranateye imbere mu bijanye no guhanahana amakuru. Ni kubera iki none tudashobora gutuma iyi si yacu itekana? Vyoba birengeye ubushobozi bwacu? Hoho vyoba binashoboka?

UBWO SI UKWIHANGA IBIDASHOBOKA?

Naho vyoshika ku gitangaro tugatuma inyifato mbi abantu bafise zihinduka, ntitwoshobora gutuma isi yose itekana. Uti kubera iki? Kuko hari ivyo tudashoboye.

Bibiliya ivuga iti: “Umuntu . . . si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Ni vyo, ntitwaremanywe ubushobozi bwo kwiyobora. Kurya nyene tutaremanywe ubushobozi bwo kuba mu mazi canke mu kirere ni ko tutaremanywe n’ubushobozi bwo kuganza bagenzi bacu.

Kurya nyene tutaremanywe ubushobozi bwo kuba mu mazi ni ko tutaremanywe n’ubushobozi bwo kuganza bagenzi bacu

Nk’akarorero, mbega abantu muri rusangi boba bashima ko abandi babashingira ingene bobaho be n’imico bakwiye kwisunga? Boba bashima ko abandi babategeka ingene bakwiye kubona ibijanye n’ugukorora inda, ingene bokwigenza canke ingene borera abana babo? Ivyo ni ibintu bikeya gusa abantu badahurizako. Bibiliya ivuga ukuri, naho ivyo ivuga bisa n’ibigoye kwemera: Nta bushobozi dufise canke uburenganzira bwo kuganza bagenzi bacu. None ni nde abishoboye?

Birumvikana ko ata wundi kiretse Umuremyi. Nakare, ni we yaturemye! Vyongeye, ntiyatwibagiye nk’uko hari abavyiyumvira. Nkako, ibivugwa muri Bibiliya biratwereka ko atwitwararika. Igihe dutahuye ivyo ico gitabu kidasanzwe kivuga, duca turushiriza gutahura uko tumeze. Turanatahura igituma kahise k’abantu kagiye kararangwa n’ingorane. Duca tubona igituma umufilozofe umwe w’Umudagi yanditse ati: “Abantu be n’amaleta nta cigwa na kimwe bakuye kuri kahise, ngo bitume bahindura ingendo.”

BIBILIYA IRADUKINGIRA

Yezu Kristu yavuze ati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’abana babwo bose,” ni ukuvuga ico buvamwo. (Luka 7:35) Akarorero kamwe k’amajambo y’ubukerebutsi kari muri Yesaya 2:22, ahavuga ko ‘ku neza yacu, tudakwiye kwizigira umuntu buntu.’ Iyo mpanuro nziza irashobora kudufasha kutizigira ibintu bitazopfa birangutse. Uwitwa Kenneth aba mu gisagara kimwe co muri Amerika ya ruguru cuzuyemwo ubukozi bw’ikibi. Avuga ati: “Uko abanyapolitike bagiye barakurikirana, ni ko bagiye barasezerana ko bazohindura ibintu bikamera neza, ariko vyarabataye ku w’amazi. Kuba vyarabananiye, ni icerekana ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri.”

Umwe Daniel twavuga, yanditse ati: “Buri musi ndibonera ibindi bimenyamenya vyerekana ko umuntu adashobora gutegeka neza. . . . Kwizigira amahera wabitse muri banki canke imitahe ufise ntibisigura ko utazogira ingorane muri kazoza. Nariboneye ingene abavyizigiye bavunitse umutima.”

Bibiliya iradufasha kutizigira ibintu bitazopfa birangutse, ikaduha n’icizigiro nk’uko tuza kubibona.