INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO
Ubuzima butarimwo imyitwarariko burashoboka
Ivyo Bibiliya yigisha birashobora kudufasha kwirinda kurengerwa n’imyitwarariko idakenewe. Twebwe ubwacu ntidushobora gukuraho ibintu vyose bidutesha umutwe. Ariko Umuremyi wacu we arabishoboye. Yaragenye mbere uwuzodutabara, akaba ari Yezu Kristu. Vuba Yezu agiye gukora ibintu vyinshi vy’agatangaza kw’isi yose kuruta ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. Nk’akarorero:
YEZU AZOKIZA ABARWAYE, NK’UKO NYENE YABIGIZE.
“Bamuzanira abamerewe nabi bose, barembejwe n’indwara be n’imibabaro bitari bimwe, . . . na we arabakiza.”—MATAYO 4:24.
YEZU AZORONSA ABANTU BOSE UBURARO N’IBIFUNGURWA.
“Emwe, [abatwarwa ba Kristu] bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.”—YESAYA 65:21, 22.
UBUTEGETSI BWA YEZU BUZOZANA AMAHORO N’UMUTEKANO KW’ISI YOSE.
“Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho. Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva kuri rwa Ruzi gushika ku mpera z’isi. . . . Abansi biwe bazorigata umukungugu.”—ZABURI 72:7-9.
YEZU AZOKURAHO AKARENGANYO.
“Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—ZABURI 72:13, 14.
YEZU AZOKURAHO IMIBABARO N’URUPFU.
“Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—IVYAHISHUWE 21:4.