IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?
Amashamba
AMASHAMBA yiswe ko ari “amahaha y’isi kandi ko atuma ubuzima bushoboka.” Ivyo birumvikana. Ibiti birakwega umwuka wa gaze karubonike ushobora kutugirira nabi. Bica bisohora umwuka wa ogisijeni, ari na wo urimwo impemu duhema. Nk’ibice 80 kw’ijana vy’ibikoko n’ibiti biri kw’isi biba mu mashamba. Ata mashamba ahari ubuzima ntibwoshoboka.
Ibigeramiye amashamba
Buri mwaka, abantu baratema ibiti amamiliyaridi, ahanini kugira baronke ahantu ho kurima. Kuva mu mpera z’imyaka ya 1940, ica kabiri c’ibibira biri kw’isi carazimanganye.
Iyo ishamba rihonye, ibiti vyose n’ibikoko vyariyo na vyo nyene bica bihona.
Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka
Mbere n’ahantu usanga ibiti nka vyose vyariciwe, ishamba rirashobora gusubira gutotahara. Abahinga baheruka kubona ko, isi y’ahantu hahora ibiti vyinshi ishobora gusubirana ningoga na ningoga hagasubira kumera ishamba. Ivyo vyarabatangaje. Raba uburorero bumwebumwe:
-
Abahinga barihweje ibiba mu turere abantu bahoneje amashamba kugira baturime ariko mu nyuma bagaheba kuharima. Icigwa cagizwe muri mwene utwo turere dushika 2.200 muri Amerika no muri Afrika y’uburengero, cerekanye ko dushobora gusubira kumeramwo amashamba mu myaka idashika cumi.
-
Twisunze icigwa casohowe mu kinyamakuru kimwe (Science), ubushakashatsi bwerekanye ko mu myaka nka 100 ayo mashamba ashobora gusubira kumera nk’uko yahora imbere y’uko batema ibiti.
-
Abahinga bo muri Brezile baheruka kugira ivyigwa kugira bamenye nimba ayo mashamba ashobora kugwira ningoga kuruta aho igihe abantu ari bo basubiye gutera ivyo biti.
-
Ku bijanye n’ivyo vyigwa, ikinyamakuru kimwe (National Geographic) kigira giti: «Basanze bidakenewe ko basubira gutera ibiti, kandi ivyo vyarabahimbaye cane.» Mu myaka itanu gusa, basanze uturere bakoreyemwo ivyo vyigwa «twuzuyemwo ibiti vyimejeje.»
Utwigoro abantu bariko baragira
Kw’isi yose, abantu bariko baragira utwigoro two gukingira amashamba ahari no kugarukana ayahahora. Nk’uko ikinyamakuru kimwe ca ONU kibivuga, «ivyo guhonya amashamba vyaragabanutse gushika ku bice birenga 50 kw’ijana mu myaka 25 iheze.»
Ariko utwo twigoro ntiduhagije kugira amashamba akingirwe. Raporo yasohowe n’ishirahamwe rimwe (Global Forest Watch) igira iti: «Igitigiri c’amashamba ariko arahona nticahindutse cane mu myaka mikeyi iheze.»
Amashirahamwe aca ibiti atabiherewe uruhusha kugira akore imbaho, yinjiza amadolari amamiliyaridi n’amamiliyaridi, kandi iyo ni yo mvo nyamukuru iriko iratuma amashamba ahona.
Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?
«Yehova a Imana ameza igiti cose kibereye ijisho kandi gifise ivyamwa biryoshe.»—Itanguriro 2:9.
Umuremyi yaremye amashamba ku buryo ashobora gusubirana igihe abantu bayahoneje. Yipfuza gukingira ayo mashamba n’ibinyabuzima vyose bibayo.
Bibiliya yerekana ko Imana itazoreka abantu b’abikunzi ngo babandanye guhonya isi n’ibinyabuzima vyose biri kuri yo. Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi isi izorusimba», ku rupapuro rwa 15.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.