Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Georgette Douwma/Stone via Getty Images

IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?

Amabahari

Amabahari

MU MABAHARI turahakura vyinshi mu bifungurwa dufungura, ariko kandi turahakura ibintu vyinshi dukeneye kugira dukore imiti. Amabahari aratanga umwuka witwa ogisijeni urenga ica kabiri c’uwukenerwa kw’isi, kandi arakwega umwuka mubi wa gaze karubonike uva mu bintu abantu bakora. Vyongeye, amabahari aratuma ikirere kidahindagurika cane.

Ibigeramiye amabahari

Ihindagurika ry’ikirere rirabangamira udukoko turundanye two mu mazi, ibifyera vyo mu mazi, n’ibindi binyabuzima vyo mu mazi. Abahinga bavuga ko udukoko turundanye two mu mazi nka twose dushobora kuzoba twarapfuye mu myaka 30 iri imbere. Utwo dukoko tugize nk’ica kane c’ibinyabuzima vyose biri mu biyaga.

Abahinga bagereranya ko ibice 90 kw’ijana vy’inyoni zirya ibintu vyo mu mazi zishobora kuba zaramaze kurya ibintu vya plastike, kandi vyiyumvirwa ko ibintu vya plastike biri mu mabahari bishobora kwica ibikoko amamiliyoni biri mu biyaga buri mwaka.

Mu 2022, umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ati: «Ntitwitwararitse amabahari, none ubu biri mu bintu vyihutirwa.»

Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka

Amabahari n’ibinyabuzima biri muri yo vyaremwe ku buryo vyisukura, kandi bikaguma bimeze neza igihe abantu batavyononye. Igitabu kimwe (Regeneration: Ending the Climate Crisis in One Generation) kivuga ko igihe abantu batoba bonona amabahari «yoshobora kubandanya yisukura.» Raba uburorero bukeyi:

  • Hari utunyabuzima dutoyi turi mu mazi dukwega wa mwuka wa gaze karubonike tukawubika. Uwo mwuka ni wo vyiyumvirwa ko utuma ubushuhe bwongerekana kw’isi. Utwo tunyabuzima twonyene tubika umwuka uhakwa kungana n’uwubikwa n’ibiti, ivyatsi, n’ibindi bimera vyo kw’isi tubifatiye hamwe.

  • Hari utundi tunyabuzima dutoyi turya ibisigarira vy’ifi zapfuye, ivyo bisigarira bikaba vyoshobora kwonona ibahari. Hari ibindi bikoko vyo mu mazi bica birya utwo tunyabuzima. Nk’uko bivugwa n’urubuga rumwe (Smithsonian Institution Ocean Portal), «ivyo bituma ibahari iguma isukuye kandi ityoroye.»

  • Kubera ukuntu umubiri w’amafi menshi usya ivyo yariye, aragabanya ubumara buri mu mazi bubangamira utunyabuzima turundanye two mu mazi, ibifyera vyo mu mazi, n’ibindi biremwa.

Utwigoro abantu bariko baragira

Gukoresha udusaho n’amacupa bisubira gukora vyogabanya ibintu vya plastike bija mu mabahari

Iyaba ata bucafu bwigera bwinjira mu mabahari, ivyo kuyasukura ntivyokenerwa. Abahinga rero baremesha abantu gukoresha udusaho, ibikoresho be n’ibindi bintu vyo gutekeramwo bashobora gukoresha kenshi, aho gukoresha birya vya plastike bikora rimwe bagaca babita.

Ariko harakenewe n’ibindi. Mu misi iheze, mu kiringo c’umwaka umwe gusa, hari ishirahamwe ryitwararika ibidukikije ryegeranije amatoni 9.200 y’ibicafu vyari ku nkengera y’amabahari mu bihugu 112. Ariko ivyo bicafu vyari bikeyi cane ugereranije n’ivyinjira mu mabahari buri mwaka.

Ikinyamakuru kimwe (National Geographic) cavuze ko “biboneka ko ubumara buboneka mu mabahari budashobora gukurwamwo ngo buhere. Abantu basigaye bakoresha igitoro cinshi ku buryo ibikoko vyo mu mazi bitagishoboye kuguma bisukura amabahari nk’uko vyategerezwa.”

Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?

«Isi yuzuye ivyo waremye. Raba nk’akarorero ikiyaga kinini kandi cagutse: Cuzuyemwo ibinyabuzima bitagira igitigiri, bininibinini na bitobito.»— Zaburi 104:​24, 25.

Umuremyi yararemye amabahari ayaha n’ubushobozi bwo kwisukura. Rimbura iki kintu: Ko yaremye amabahari n’ibinyabuzima vyose biri muri yo, yonanirwa no gutorera umuti ibiriko birayabangamira? Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi si izorusimba», ku rupapuro rwa 15.