Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 1 2024 | Icubahiro caroye he?

Kugaragariza uwundi icubahiro bisigaye ari imbonekarimwe ku buryo iyo hagize uwugaragariza abandi icubahiro, abantu batangara.

Nk’akarorero, abantu benshi usanga bubaha buhoro abavyeyi babo, abageze mu zabukuru, abapolisi, abakoresha hamwe n’abigisha. N’ikindi kandi, usanga bakoresha amajambo ataranga icubahiro ku mbuga hwaniro. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Harvard Business Review) kivyerekana, abantu barushiriza kutubaha abandi. Ico kinyamakuru congerako kandi ko abantu bidoga ko batagaragarijwe icubahiro barushiriza kuba benshi.

 

Kubera iki abantu batacubaha abandi?

Nurabe igituma kwubaha abandi bihambaye n’ico wokora kugira ugaragaze icubahiro.

Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?

Nurabe impanuro Bibiliya itanga mu bijanye n’ingene twokwubaha ubuzima bwacu n’ubw’abandi.

Kubera iki abantu batubaha abo mu muryango?

Imiryango yose irashobora kugira agahimbare igihe abayigize bogaragarizanya icubahiro.

Kubera iki abantu bataciyubaha?

Bibiliya irashobora gufasha abantu kwumva ko bari n’agaciro no kuryohora ubuzima bwabo, ivyo bigatuma bumva ko biyubashe.

Icubahiro caroye he?

Soma ibiganiro bijanye no kwubaha n’ico Ivyabona vya Yehova bariko barakora kugira baremeshe abantu bo mu kibano hirya no hino kw’isi kugaragaza icubahiro.