Kubera iki abantu batacubaha abandi?
IGITUMA KWUBAHA ABANDI BIHAMBAYE
Kwubaha abandi biragabanya amatati, bigatuma ingorane zitunyuka.
-
Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: «Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake, ariko ijambo ribabaza ritera ishavu.» (Imigani 15:1) Amajambo be n’ibikorwa bitaranga icubahiro, nta kindi bikora atari ukwunyura ingorane akenshi bikavamwo ingaruka zibabaje.
-
Yezu yavuze ati: «Ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.» (Matayo 12:34) Igihe dukoresha amajambo ataranga icubahiro, birerekana ingene tubona abo tudasangiye ibara ry’urukoba, ubwoko, igihugu canke imico kama.
Mw’itohoza riherutse kugirwa ku bantu barenga 32.000 bo mu bihugu 28, ibice 65 kw’ijana bavuze ko ivyo kutubaha abandi vyunyutse kuruta ikindi gihe cose.
IVYO WOKORA
Niwubahe abantu bose haba kw’ishure canke ku kazi, naho mwoba mutabona ibintu kumwe. Nurabe ibintu mwohurizako. Ivyo bizogufasha kutabatora amahinyu canke kutabacira urubanza.
Nufate abandi nk’uko nawe ushaka ko bagufata. Igihe witwararika abandi kandi ukabafata neza, birashoboka cane ko nawe ari vyo bazokugirira.
Nubabarire abandi. Niwizigire abandi mu kwirengagiza ivyo bavuze canke ivyo bakoze vyoshobora kugushavuza, ntuce wibaza ko bashatse kubabaza.
IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA
Aho Ivyabona vya Yehova baba n’aho bakorera barubaha abantu, bakaremesha n’abandi kwubahana.
Turigisha Bibiliya abantu bose ku buntu ariko ntitubahata ngo bemere ivyiyumviro vyacu. Ahubwo, tugerageza gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya idusaba kubwira abandi ubutumwa bwiza ‘tubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.’—1 Petero 3:15; 2 Timoteyo 2:24.
Turirinda kwinuba abandi mu guha ikaze ku makoraniro yacu abantu bose bipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Turihatira kutanegura abandi kandi ‘tukubaha abantu bose.’—1 Petero 2:17, Bibiliya Yera.
Turubaha abategetsi. (Abaroma 13:1) Turagamburuka amategeko tukariha n’amakori. Ntituja muri politike ariko turubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwihitiramwo ivyo bokora mu bijanye na politike.