Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?

Kubera iki abantu batacubaha ubuzima?

IGITUMA KWUBAHA UBUZIMA BIHAMBAYE

Gukora ibintu bishira mu kaga amagara yawe n’ay’abandi, birerekana ko udaha agaciro ubuzima bwawe n’ubw’abandi.

  • Itabi riratera kanseri rikagabanya n’ubushobozi umubiri ufise bwo kuyirwanya. Abantu bashika 90 kw’ijana bahitanwa na kanseri baba baranyoye itabi canke hakaba hari uwarinywera iruhande yabo.

  • Buri mwaka, ibitero bibera ahari abantu benshi biratuma abantu basigarana ibikomere ku mutima. Raporo yatanzwe na kaminuza imwe (Stanford University) igira iti: «Ubushakashatsi bwerekana ko n’ababa bacitse kw’icumu [mu bitero biba mu mashure], n’aho ata gikomere co ku mubiri baba bafise, bamara imyaka myinshi barahahamutse kandi batuntuye.»

  • Abantu batwara imiduga banyoye inzoga canke ibiyayuramutwe barateza akaga mu mabarabara mbere no mu tuyira tw’abagenda n’amaguru. Igihe abantu batitaho ubuzima, akenshi abantu ata co bazira barahabonera.

IVYO WOKORA

Nukingire amagara yawe. Ntihigera harengerana guheba ingeso zonona nko kunywa itabi, kunywa shishe, kuborerwa canke kunywa ibiyayuramutwe ku bwo kwinezereza. Ivyo bintu bironona ubuzima bwawe kandi bikerekana ko utubaha ubuzima bw’abandi, ushizemwo n’abagize umuryango wawe.

«Twiyuhagire ibintu vyose bihumanya umubiri.»—2 Abakorinto 7:1.

Niwitwararike umutekano wawe n’uw’abandi. Kugira wirinde impanuka, nugume uraba ko muhira iwawe atavyoteza amasanganya. Niwiyubare igihe uriko uratwara umuduga kandi ugume usuzuma ko umuduga wawe umeze neza. Ntiwemere ko abandi bagukwegera mu bikorwa vyotuma hagira abakomereka canke abapfa.

«Niwubaka inzu nshasha, utegerezwa kuyikikuza agahome hejuru kugira umuntu ntahave akoroka avuye kuri yo, bigatuma wagirwa n’amaraso.»— Gusubira mu vyagezwe 22:8. a

Nufate neza abandi. Turerekana ko twubaha ubuzima mu gufata neza abantu bo mu moko yose, ibihugu vyose n’imico kama yose. Nakare, ukwinuba abandi hamwe n’urwanko ni vyo bituma haba ubukozi bw’ikibi bwinshi hamwe n’intambara nyinshi kw’isi.

«Mwamirire kure inzigo yose, ishavu, uburake, ugukankama, ugutukana n’ibintu vyose bibabaza abandi. Mugabo mugirire neza bagenzi banyu.»—Abanyefeso 4:​31, 32.

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA

Ivyabona vya Yehova barigisha abandi kwitwararika amagara. Programa yacu yo kwigisha Bibiliya yarafashije abantu benshi guheba ingeso zonona zari zarabiziziye.

Ku mashantiye yacu y’ubwubatsi, turisunga amategeko akomeye yo kwirinda impanuka. Abitanga mu gufasha kwubaka ibibanza dusengeramwo hamwe n’izindi nyubakwa zikoreshwa ku bw’igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya, baramenyerezwa kwirinda impanuka. Inyubakwa zacu zama zisuzumwa kugira zigume zihuje n’amategeko yo kwirinda impanuka y’aho ziri.

Turafasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Muri aya mezi 12 aheze, twarafashije mu turere turenga 200 twashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka hirya no hino kw’isi, dusohora amahera yababa imiliyoni 12 z’amadolari yatanzwe n’abavyishakiye kugira ngo dufashe abashikiwe n’ivyago.

Igihe ikiza Ebola catera muri Afrika y’uburengero (mu 2014) no muri Kongo Kinshasa (mu 2018), twarigishije abantu ingene bokwirinda gukwiragiza iyo ndwara yica. Twararungitse abaduserukira gushikiriza abantu ikiganiro cavuga ngo «Kugamburuka birarokora ubuzima.» Ku miryango y’ibibanza dusengeramwo twarahashize ivyo gukarabiramwo, twongera turashimika ku kamaro ko gukaraba hamwe n’ibindi twokora kugira twirinde gukwiragiza indwara.

Muri Sierra Leone, hari iradiyo yashikirije itangazo ryo gukeza Ivyabona vya Yehova kubera bafasha Ivyabona n’abatari Ivyabona bo mu kibano kwirinda ikiza Ebola.

Ivyo gukarabiramwo biri imbere y’Ingoro y’Ubwami igihe ikiza ca Ebola catera muri Liberiya mu 2014

a Mu karere k’ibihugu vy’Abarabu ka kera, ico kintu ciza casabwa carerekana ko umuntu yitwararika umutekano w’abo mu muryango wiwe hamwe n’uw’abandi.