Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikiyago ni nk’ikiraro kiguma kibahuza n’abana banyu

ABAVYEYI

5: Ikiyago

5: Ikiyago

ICO BISOBANURA

Mu rugo rurimwo ikiyago ciza usanga abavyeyi bahanahana ivyiyumviro n’abana babo, bakanabwirana ingene biyumva.

IGITUMA BIHAMBAYE

Kuganira n’abana b’imiyabaga akenshi usanga bitoroshe. Igitabu kimwe kivuga yuko mu myaka mikeyi iheze, umwana wawe ashobora kuba yarakubwira akantu kose, mugabo amaze gukura ugasanga akubwira bike bibaho, canke mbere bigashika akabwira abandi ivyo atokubwira. Igihe umwana wawe atanguye kumera gutyo, ni co gihe ikiyago kiba gikenewe cane.

ICO WOKORA

Niwame witeguriye kuyaga na we. Bigire n’igihe nyene vyosaba ko uyaga n’umwana wawe ijoro ryitereye cane.

“Hari igihe wumva womubwira uti: ‘Aya masaha ni ho ushaka ko tuyaga kandi twirirwanye umusi wose?’ None twokwidogera iki kandi abana bashaka ko tuyaga? Si vyo none abavyeyi bose bipfuza?”​—Lisa.

“Naho nkunda kuryama kare, novuga ko ibiyago vyiza cane nagiranye n’abana banje b’imiyabaga ari ivyabaye inyuma ya sasita y’ijoro.”​—Herbert.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 Abakorinto 10:24.

Niwirinde ivyogusamaza. Sebibondo umwe avuga ati: “Igihe mba ndiko ndayaga n’abana banje hari aho nsanga ubwenge buri ahandi. Kandi na bo nyene barabibona.”

Nimba nawe bihora bigushikira, nk’akarorero ugasamazwa na televiziyo, telefone canke ikindi kintu, bizimye canke ubishire ku ruhande. Gumiza ubwenge ku vyo umwana wawe ariko arakubwira, kandi ubifatane uburemere naho woba ubona ko bidahambaye.

“Turakeneye kwereka abana bacu ko twitwararika cane ukuntu bamerewe. Ahandi ho bazovyigumizamwo canke biture abandi.”​—Maranda.

“Ntuce utwarwa n’agashavu n’igihe nyene ubonye ko ivyiyumviro vy’umwana wawe bidatumbereye.”​—Anthony.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwitwararike ukuntu mwumviriza.”​—Luka 8:18.

Ntugishe akaryo na kamwe. Abana barakunda kwugurukira abavyeyi babo canecane iyo bariko barakorana udukorwa kanaka.

“Turakunda kuyaga n’abana igihe turiko tugendera mu muduga. Kubera ko baba bicaye iruhande yacu tutarabana mu maso, bituma ikiyago kigenda neza.”​—Nicole.

Igihe co gufungura na co nyene ni akaryo keza ko kuyaga.

“Turiko turafungura ku mugoroba, umwe wese aravuga ikintu ciza canke kibi camushikiye kuri uwo musi. Ivyo bituma twunga ubumwe, bikanatuma umwe wese abona ko mu ngorane adatamba yirorera.”​—Robin.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.”​—Yakobo 1:19.