1 Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?
Igituma bihambaye ko turonka inyishu
Abantu benshi ntibashaka gukorera Imana kubera biyumvira ko ari yo iteza imibabaro.
Iyumvire iki kintu:
Mu buryo budomako canke butadomako, abakuru b’amadini benshi bigisha ko Imana ari yo iduteza imibabaro. Nk’akarorero, hari abavuga bati:
-
Ivyago vy’ivyaduka ni igihano c’Imana.
-
Abana bapfa kubera ko Imana iba ikeneye utundi tumarayika mw’ijuru.
-
Imana iba ifise abo ishigikiye mu ntambara, uzi n’ingene ziteza ingorane nyinshi.
Ubwo none ivyo bigisha ntivyoba ari ibinyoma? Burya ntiwosanga Imana itabemera?
MENYA N’IBINDI
Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?
Bibiliya ibivugako iki?
Imana si yo iduteza imibabaro.
Nimba Imana ari yo iduteza imibabaro, vyoba bitandukanye n’ukuntu Bibiliya idondora kamere zayo. Nk’akarorero:
‘Inzira zayo zose ni ubutungane. Ni yo igororotse kandi itunganye.’—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 32:4
“Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!”—YOBU 34:10.
“Mushoboravyose ntagoreka urubanza.”—YOBU 34:12.
Imana iriyamiriza amadini ayivuga uko itari.
Aho harimwo amadini yigisha ko Imana ari yo iduteza imibabaro be n’ayisuka mu ntambara no mu bukozi bw’ikibi.
“Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje [Imana]. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma . . . n’amayeri yo mu mutima wabo.”—YEREMIYA 14:14.
Yezu yariyamirije uburyarya bw’abanyamadini.
“Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru. Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?’ Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.”—MATAYO 7:21-23.