Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bana bawe?
Abakuze vyoshobora kubagora gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none canke amaprograma yatwo. Ariko abana bobo biraborohera cane kuko baba bakuze babibona.
Yamara hari abavuze ko abana bamara umwanya ku twuma two mu buhinga bwa none bashobora kugira ingorane zikurikira:
-
Kwizizirwa n’utwuma twabo.
-
Gutoteza abandi canke gutotezwa biciye kuri internet.
-
Kuraba amasanamu y’ibiterasoni, babishaka canke batabishaka.
ICO UKWIYE KUMENYA
KWIZIZIRWA NA TWO
Ibintu bimwebimwe bikorerwa kuri internet, nk’akarorero udukino, usanga vyoroshe ko vyizizira abantu. Ni co biba vyarakorewe. Igitabu kimwe (Reclaiming Conversation) kivuga giti: “Amaprograma ari mu matelefone yacu yateguwe ku buryo atuma tuguma kuri telefone.” Uko rero tumara umwanya turaba ibihayanishwa kuri izo programa, ni ko ababihayanisha bironkera amahera.
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Abana bawe boba basa n’abatwawe n’utwuma two mu buhinga bwa none? Wobafasha gute gukoresha neza umwanya wabo?—ABANYEFESO 5:15, 16.
GUTOTEZWA
Hari abantu igihe bariko bakoresha internet baca barushiriza kuba inkazi, kutisonera no kutitwararika ukuntu abandi biyumva, bigaca bituma babatoteza.
Abantu benshi baratakaza urupfasoni igihe bakoresha internet kubera bipfuza kumenyekana canke kwemerwa n’abandi. Canke na ho igihe umuntu abonye ko abandi bagize urubanza ntibamutumire, vyoshobora kumubabaza akiyumvira ko bamukumiriye.
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Abana bawe boba bagumana urupfasoni igihe bakoresha internet? (Abanyefeso 4:31) Bavyifatamwo gute iyo bishitse abandi ntibabatumire?
IBITERASONI
Internet yaratumye umuntu ashobora gushikira ibiterasoni bitamugoye. Abavyeyi bakwiye kumenya ko naho programa zizibira ibiterasoni zifasha, atari izo kwizigira ijana kw’ijana.
Amategeko arashobora guhana uwurungika canke uwakira ibiterasoni akoresheje telefone. Rimwe na rimwe bivanye n’amategeko y’ahantu canke imyaka y’ababigizemwo uruhara, abakora ivyo bintu barashobora kwagirwa n’icaha co kwonona abana biciye ku masanamu y’ibiterasoni.
ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Wofasha gute abana bawe kwirinda umutego wo kuraba canke kurungika amafoto y’ibiterasoni kuri internet?—ABANYEFESO 5:3, 4.
ICO WOKORA
NUMENYEREZE ABANA BAWE
Naho abana usanga biborohera cane gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none, barakeneye kuyoborwa. Igitabu kimwe (Indistractable) kivuga ko guha umwana telefone canke akandi kuma kandi ataramenya ingene yogakoresha mu buryo bubereye, “ata ho bitaniye no kumureka ngo asimbire mu mazi kandi atazi kwoga.”
ICO BIBILIYA IVUGA: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”—IMIGANI 22:6.
Raba ivyiyumviro woshima gushira mu ngiro canke wandike ibindi ubona bibereye.
-
Kuyaga n’umwana wanje inyifato yogira igihe akoresha internet
-
Kumufasha kutababara abandi batamutumiye
-
Gukora ibishoboka vyose ngo ibiterasoni ntivyinjire mw’itelefone yiwe
-
Kuza ndasuzuma telefone y’umwana wanje
-
Gushinga umwanya atorenza ayikoresha buri musi
-
Kwirinda ko utwuma two mu buhinga bwa none turara mu cumba c’umwana wanje
-
Gutegeka ko ata wokoresha telefone mu mwanya wo gufungura