Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOFASHA ABATUNTUYE

Ivyo wokwitega

Ivyo wokwitega

Kubera ko abantu dutandukanye, nta wutuntura cokimwe n’uwundi. None ko dutuntura ugutandukanye, vyoba bisobanura ko hari abatababara cane iyo babuze uwabo canke ko birengagiza umubabaro bafise? Habe namba. Naho guserura umubabaro umuntu afise bishobora gutuma aremuruka, nta wovuga ko hari uburyo kanaka bwiza bwo kuwuserura. Ahanini bivana n’imico kama ya nyene kubura, ukuntu ameze, ivyo yaciyemwo mu buzima be n’ingene uwiwe yapfuye.

INGARUKA ZITERWA N’UKUBURA

Uwabuze hari igihe atamenya ivyomushikira inyuma y’urupfu rw’uwiwe. Ariko hari ibintu bimwebimwe usanga bishikira abantu nka bose, kandi uwabuze arakwiye kuvyitega. Ehe raba bimwe muri vyo:

Kwumva urengewe n’umubabaro. Umuntu arashobora kurira, gukumbura umuhisi, canke ukuntu yiyumva bikaza birahindagurika. Vyoshobora mbere gukomera bivuye ku bintu yibukira ku muhisi canke bivuye ku ndoto. Naho ari uko, mu ntango umuntu arashobora kuba nk’uwukubiswe n’inkuba, ntiyemere ko uwiwe yapfuye. Tina aribuka ivyamushikiye igihe umugabo wiwe Timo yapfa giturumbuka. Avuga ati: “Nkivyumva nabaye nk’uwutimvye. Ntivyakunze n’uko ndira. Nararengewe ku buryo hari n’igihe vyanka ko mpema. Sinumva ivyari vyabaye.”

Kugira amaganya, ishavu no kwiyagiriza. Ivan agira ati: “Haciye igihe gito umuhungu wacu Eric w’imyaka 24 apfuye, twe n’umukenyezi wanje Yolanda twaragize ishavu ryinshi. Vyaradutangaje cane kuko tutari bwigere twiyumvira ko dukaza ishavu. Twaraniyagirije kuko twaguma twibaza nimba ata bindi twari gukora ngo dufashe umuhungu wacu.” Na Alejandro yariyagirije igihe yabura umugore wiwe ahitanywe n’indwara yari amaranye igihe kirekire. Avuga ati: “Mu ntango niyumvira ko kubona Imana yaretse ngashikirwa n’ibintu nk’ibi, vyerekana ko ndi umuntu mubi. Naciye numva niyagirije, kuko ari nk’aho nariko negeka ku Mana ivyashitse.” Kostas na we, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, agira ati: “Vyarashika mbere ngashavurira Sophia kubona yarapfuye. Mu nyuma naca niyagiriza kubona niyumviriye ibintu nk’ivyo. Kanatsinda ntiryari ikosa ryiwe.”

Kutiyumvira neza. Birashobora gushika umuntu akaza aragira ivyiyumviro bihindagurika canke bidatumbereye. Nk’akarorero, uwabuze arashobora kwiyumvira ko ashobora kubona umuhisi canke kumwumva. Canke na ho birashobora kumugora kwitunira ku bintu canke kuvyibuka. Tina avuga ati: “Hari igihe naba ndiko ndayaga n’umuntu mugabo ubwenge atari ho buri. Nasanga nguma niyumvira ibijanye n’urupfu rwa Timo. Kubona ntashobora kwitunira ku kintu, ubwavyo vyarantesha umutwe.”

Kwumva ko wokwigungira ukwawe. Umuntu atuntujwe no kubura uwiwe, arashobora kwumva ashishwe canke adatekanye igihe ari mu bandi. Kostas agira ati: “Ndi kumwe n’abubatse, nabona ko ata kibanza ndahafise. Mugabo no mu batubatse kwari ukwo.” Yolanda muka Ivan yibuka ibi: “Vyari bigoye kuba kumwe n’abantu bidogera ingorane ubona ko zidahambaye uzigereranije n’izacu. Hari abandi na bo waza wumva batubwira ingene abana babo bariko bararoranirwa. Naho yari amakuru meza, vyarangora kubumviriza. Jewe n’umugabo wanje turatahura ko uko biri kwose ubuzima butegerezwa kubandanya, ariko hari igihe twumva twokwigungira ukwacu.”

Kugira ingorane z’amagara. Kubura akayabagu, guta ibiro, kubura itiro na vyo nyene bishikira benshi. Aaron aribuka ivyamushikiye haciye umwaka se apfuye. Agira ati: “Sinatora n’ak’imbwa. Buri joro hari isaha itiro ryama ricikirako, ngasanga ndiko niyumvira urupfu rwa dawe.”

Alejandro yibuka ko yagize ingorane z’amagara zisiga ubwenge. Avuga ati: “Naragiye kwivuza akatari gake, ariko abaganga bakambwira ko ata co ngwaye. Naciye nikeka ko intuntu nari mfise ari yo yatuma mererwa ukuraho.” Ivyo bimenyetso vy’ubugwayi vyahavuye bihera. Naho ari uko, Alejandro yagize neza kuja kwa muganga. Intuntu irashobora gutuma abasoda b’umubiri bagabanuka, ikunyura indwara twari dusanzwe dufise canke ikaduteza iyindi.

Kunanirwa gukora ibikorwa bihambaye. Ivan agira ati: “Igihe Eric yapfa, twategerezwa kubimenyesha incuti n’abagenzi be n’abandi batari bake, nk’umukoresha wiwe be na nyene inzu yabamwo. Twategerezwa no kwuzuza impapuro zisabwa n’amategeko. Aho rero ntituvuze gusuzuma ibintu yari atunze. Ivyo vyose vyasaba ko tuba dutekanye, mu gihe natwe twari turushe mu bwenge, ku mubiri no mu mutima.”

Ariko rero kuri bamwe, ibintu biza kubakomerana igihe batanguye gukora ivyo umuhisi yahora yitwararika. Ivyo ni vyo vyashikiye Tina. Asigura ati: “Timo ni we yamye yitwararika ivyo kubika no kubikura amahera, be n’ibindi bijanye n’akazi. Ubu ni jewe ndavyitwararika vyose, kandi nta kindi bimfasha atari ukwongerereza ibibazo nari nsanganywe. Numva ko ntazoshobora kubikora neza.”

Turavye izo ngaruka zose duhejeje kuvuga, zaba izo ku mutima, mu bwenge no ku mubiri, womengo bisa n’ibidashoboka kwihanganira intuntu. Ego ni ko uwubuze uwiwe arashobora gutuntura cane, ariko kumenya ko bizomushikira birashobora kumufasha kwihangana. Niwibuke kandi ko uwubuze wese atari ngombwa ngo ashikirwe n’ivyo bintu vyose vyadondaguwe. Vyongeye, uwabuze uwiwe arashobora guhumurizwa no kumenya yuko gutuntura ari ibisanzwe.

NOBA NZOSUBIRA KUNEZERWA?

Ivyo wokwitega: Umuntu ntiyamana intuntu ibihe vyose, haragera igihe ikagabanuka. Ivyo ntibisobanura ko ica izimangana canke ko uwabuze yibagira uwiwe. Ahubwo igenda irahwama bukebuke. Mugabo irashobora gusubira kwiyongera mu bihe kanaka, nko kw’itariki y’ubugeni bwabo canke kw’itariki uwiwe yapfiriyeko, n’ibindi n’ibindi. Ariko amaherezo, abenshi barasubirana maze bagasubira ku bikorwa vyabo vya misi yose. Ni ko bigenda canecane iyo uwabuze ashigikiwe n’incuti n’abagenzi, agakora n’ibishoboka vyose kugira yihangane.

Bizofata igihe kingana gute? Hari abo bifata amezi makeyi intuntu ikaba iragabanutse. Abandi benshi haraca umwaka canke ibiri kugira bumve ko biriko biraza. Abandi na bo bifata ikiringo kinini kuruta. a Alejandro agira ati: “Jewe namaze imyaka nk’itatu ntuntuye bidasanzwe.”

Niwihangane. Nuze urafata umusi umwumwe ukwawo, ukore ivyo ushoboye kandi umenye ko umuntu atama atuntuye ibihe vyose. Hoba none hari ibintu wokora vyotuma intuntu ufise igabanuka canke ntigume ibandanya?

Gutuntura ni ibisanzwe

a Hari abandi, naho ari bakeyi, bamara igihe kirekire batuntuye cane ku buryo bafatwa n’ico twokwita intuntu idahera. Vyoba vyiza bituye abaganga b’indwara zo mu mutwe.