Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyoni y’igitangaza

Inyoni y’igitangaza

KERA abantu biyumvira ko inyoni zitwa sternes arctiques ziguruka nk’ibilometero 35.200 iyo zivuye kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi zija kw’isonga ry’epfo zikongera zikagaruka. Ariko rero ivyigwa biheruka kugirwa vyerekanye ko izo nyoni zirenza ivyo bilometero.

Iyo nyoni ijana inzira iziguye, nk’uko iyo foto ivyerekana

Inyoni zitari nke zo muri ubwo bwoko zarashizweko utwuma tunzwinya dufasha kumenya ibilometero zagenze. Utwo twuma tudasanzwe tw’uburemere bugomba kungana n’ubw’akarumyo k’ikaramu, twerekanye ko hari izagurutse nk’ibilometero 90.000 kugenda no kugaruka. Mu bikoko vyimukanga nta kindi kiragira urugendo nk’urwo. Hari inyoni imwe muri izo yagenze hafi ibilometero 96.000! Kubera iki ivyo bitigiri vyahindutse?

Izo nyoni usanga zigenda mu buryo buziguye, zaba zivuye kw’isonga rya ruguru canke ry’epfo. Nk’akarorero kuri iyo foto urabona ko mu gusubira inyuma zafashe inzira ifise imero y’urudome S. Kubera iki? Kubera ko zisunga imiyaga iba iri mu turere zicamwo.

Mu kiringo c’imyaka nka 30 izo nyoni zimara, zishobora kuba zimaze kugenda ibilometero birenga imiliyoni 2 n’ibihumbi 400. Urwo ni nk’urugendo rwo kuva kw’isi uja ku kwezi ukongera ukagaruka, incuro zitatu canke zine. Umuhinga umwe avuga ati: “Birasiga ubwenge kubona akanyoni gapima amagarama arenga gato 100 kagenda ahantu hangana gutyo.” N’ikindi kandi, kubera ko ku masonga y’isi izuba ryaka umwanya muremure mu ci kandi izo nyoni zikaba zijayo mu gihe c’ici, igitabu kimwe kivuga ko ari zo zibona “umuco mwinshi buri mwaka gusumba ibindi biremwa vyose.”