BE MASO! No 5 2017 | Ivyodufasha kurusimba hateye icago
Kubera iki bihambaye kwitegurira ivyago?
Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge abonye icago arihisha; abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakibonerako.”—Imigani 27:12.
Iki kinyamakuru kirerekana ivyo dukwiye gukora imbere y’uko icago gishika, gishitse n’inyuma yaco.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Ivyodufasha kurusimba hateye icago
Ibi vyiyumviro vyoshobora gutuma turokora ubuzima bwacu n’ubw’abandi.
Ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro
Raba ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro muhira, mu kwiyunguruza no mu bikorwa vya misi yose.
TWISUNZE BIBILIYA
Intambara
Mu bihe vya kera, Abisirayeli bararwana intambara mw’izina ry’Imana. Ivyo none vyoba bisigura ko Imana ishigikira intambara zo muri iki gihe?
ICOFASHA UMURYANGO
Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera
Abakiri bato benshi bararyoherwa cane no gupima aho bageza mu kurinda, rimwe na rimwe bakabigira mu buryo burimwo akaga. Woba nawe umaze kwiyumvira kubigira?
IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Kazakistani
Aho ha mbere Abanyakazakistani babaho bimukanga, bakaba mu tuzu twitwa yourtes. Ubuzima bwabo muri iki gihe buhuriye he n’ubuzima bwa ba sekuruza babo?
VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ukuntu ibiruka bimeze
Imero y’ibiruka (inzu z’ibifyera) n’ingene bikozwe birabifasha gukingira ibifyera.
Ibindi usanga kuri internet
Kubera iki Ivyabona vya Yehova batagira uruhara mu ntambara?
Ivyabona vya Yehova barazwi kw’isi yose ko batagira uruhara mu ntambara. Raba igituma bataja mu ntambara.
Iyo ivyago biteye, urukundo ruratuma dutabara
Mu bihugu bitari bike, Ivyabona vya Yehova barafasha abari mu ngorane.