Ifi y’igitangaza
SI AMAFI menshi usanga aryoheye ijisho nk’ifi yitwa poisson-clown. Kumbure abantu bayikunda kubera utubara twinshi tuyiriko, canke kumbure bagatangazwa cane n’ahantu iba. Yibera mu tuntu dufise ubumara tumeze nk’intoki tw’agakoko kitwa anémone de mer.
Cokimwe n’abakinyi b’amasinema, iyo fi ntitinya kwifotoza. Abantu bibira mu mazi barakunda kuyibona ihagaze nk’iyirindiriye kwifotoza narirya kenshi itaja kure y’aho iba kandi ikaba itagira amasoni.
Ariko igituma iyo fi iba iyidasanzwe ni uko iba ahantu hasa n’ahateye akaga. Kuba aho hantu hari ubumara bisa no kuba mu rwobo rwuzuye inzoka. Yamara iyo fi n’agakoko iba yahisemwo kubako ntibivana. None uwo mubano usa n’uwutumvikana ushoboka gute?
‘SINOBAHO NTAGUFISE’
Nka kurya kw’abantu babanye neza, iyo fi n’ako gakoko birafashanya cane. Ubwo bucuti bifitaniye si bwiza gusa, ahubwo burafitiye akamaro kanini iyo fi. Abahinga b’ibinyabuzima vyo mu mazi basanze iyo fi idashobora kuba aho hantu itari kumwe n’ako gakoko. Ntizi kwoga neza kandi ibiryanyi
bishonje vyohava biyirya nka hamwe ako gakoko katoba kahari ngo kayikingire. Ariko rero, kubera ko yibanira n’ako gakoko kandi ikaba ari ho ihungira igeramiwe, irashobora kumara imyaka cumi.Ako gakoko ni nk’icari gitekanye c’iyo fi kakaba n’inzu yayo. Iyo fi ita amagi aho twokwita ku birenge vy’ako gakoko maze ikigabo n’ikigore bikaguma biyacunga neza. Mu nyuma, utwana tw’iyo fi uza ubona dutanguye kuboneka kuri nya gakoko nyene.
None ako gakoko kahungukira gute? Iyo fi ica iba nk’umurinzi wako, kuko ituza ifi zitwa poissons-papillons zikunda kurya twa duhimba tumeze nk’intoke tw’ako gakoko. Hari ubwoko bw’utwo dukoko budashobora kubaho butabana n’izo fi. Abahinga barigeze gutandukanya izo fi n’udukoko two muri ubwo bwoko, duca turazimangana mu masaha 24 gusa. Biboneka ko za fi zitwa poissons-papillons ari zo zaturiye.
Biboneka ko iyo fi kandi ironsa inkomezi agakoko bibana. Hari ibintu iyo fi isohora bituma ako gakoko gakura ningoga. Kandi igihe iriko iroga inyuragira muri twa duhimba tumeze nk’intoke tw’ako gakoko, bituma dushikirwa n’amazi arimwo umwuka mwinshi wa ogisijeni.
IBA AHO IZINDI ZITINYA KUJA
Iyo fi ahanini ikingirwa n’urukoba rwayo. Irafise ibintu bimeze nk’amazi mu rukoba bituma idahandwa. Ivyo bintu biyiriko bishobora kuba ari vyo bituma ka gakoko bibana kiyumvira ko ari kene wabo. Umuhinga umwe w’ibinyabuzima vyo mu mazi avuga ko iyo fi ica iba nk’“ifi yiyambitse impuzu y’agakoko bibana.”
Ivyigwa vyagizwe vyerekanye ko igihe iyo fi iriko iratora agakoko bizobana, ibanza kukamenyera. Iyo yegereye ako gakoko ari bwo bwa mbere, ibanza kuza iragakorako mu kiringo c’amasaha makeyi. Biboneka ko igihe cose igakozeko biyifasha guhindura vya bintu vyo mu rukoba gushika ironse ibituma ubumara bw’ako gakoko gashasha butayigeramira. Birashoboka ko muri ico kiringo ako gakoko kayihanda. Mugabo inyuma y’aho bica bimenyerana.
Kubona ivyo biremwa bitandukanye cane bikorana neza, biraduha icigwa gikomeye mu bijanye n’ugukorana n’abandi. Mu bintu vyinshi abantu barondera gushikako, naho usanga batandukanye cane, barakora ibintu bikomeye igihe basenyeye ku mugozi umwe. Cokimwe n’iyo fi, hari aho mu ntango vyotugora kumenyera gukorana n’abandi, mugabo amaherezo biravamwo ivyiza vyinshi.