Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuti urama

Umuti urama

Abantu benshi barashize mu ngiro impanuro zavuzwe mu biganiro biza imbere y’iki maze bararoranirwa mu kurandurana n’imizi ukwinubana kwari mu mitima yabo. Ariko tuvugishije ukuri, ntidushobora kwikuramwo burundu ukwinubana kwose ku nkomezi zacu bwite. Twoba none dukwiye kwihebura?

Intwaro nziza cane

Intwaro z’abantu vyarazinaniye gukura mu bantu agatima ko kwinubana. Vyoba none bisobanura ko ata ntwaro n’imwe ibishoboye?

Kugira ngo intwaro ishobore gutorera umuti ukwinubana, ibwirizwa

  1. 1. Gutuma abantu bemera guhindura ingene babona abandi be n’ingene biyumva ku biberekeye.

  2. 2. Gufasha abantu kwibagira ivyatumye batangura kwinuba abandi.

  3. 3. Kuba ifise abategetsi beza ubwabo batinuba abandi.

  4. 4. Gutuma abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe.

Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda ko Imana yashizeho intwaro mwene iyo, ikaba yitwa “Ubwami bw’Imana.”​—Luka 4:43.

Raba ivyo iyo ntwaro izoturonsa.

1. Inyigisho nziza cane

“Ubugororotsi ni bwo ababa ku butaka bwimbuka bazokwiga.”​—YESAYA 26:9.

“Igikorwa c’ubugororotsi nyakuri kizotegerezwa gucika amahoro; umurimo w’ubugororotsi nyakuri na wo ucike impore n’umutekano gushika igihe kitagira urugero.”​—YESAYA 32:17.

Bisobanura iki? Ubwami bw’Imana buzokwigisha abantu ibigororotse. Igihe abantu bize gutandukanya ikibi n’iciza, bagatandukanya ubutungane n’akarenganyo, baca bahindura ingene babona abandi. Bose baca batahura ko ikibereye ari ugukunda abantu b’uburyo bwose.

2. Umuti w’akarenganyo

Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—IVYAHISHUWE 21:4.

Bisobanura iki? Ubwami bw’Imana buzokuraho imibabaro yose iva ku karenganyo. Abigeze kurenganywa ntibazoba bagifise imvo yo kubika inzika.

3. Indongozi nziza

“Ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise. Kandi azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi.”​—YESAYA 11:3, 4.

Bisobanura iki? Yezu Kristu Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru azotegeka isi ata kurenganya canke kugira nkunzi. Yezu nta gihugu abona ko kiruta ibindi, kandi azotuma abantu bo kw’isi bose bagamburuka amategeko yiwe agororotse.

4. Ubumwe

Ubwami bw’Imana bwigisha abantu ‘kwiyumvira kumwe, kugira urukundo rumwe, guhuza umutima, bakagira iciyumviro kimwe mu muzirikanyi.’​—ABAFILIPI 2:2.

Bisobanura iki? Ubumwe buzorangwa hagati y’abatwarwa b’Ubwami bw’Imana ntibuzoba ari ubwo ku karimi. Bazoba ‘bahuje umutima’ kubera ko bazoba bakundana vy’ukuri.