Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora gutsinda ugucika intege

Urashobora gutsinda ugucika intege

Urashobora gutsinda ugucika intege

IYO bishitse ibintu ntibigende nk’uko wari uvyiteze, uvyifatamwo gute? Abahinga benshi bavuga ko ukuntu umuntu avyifatamwo ari vyo vyerekana nimba yihebura ningoga canke yumirako. Twese turashikirwa n’ingorane, mbere hari n’abashikirwa n’izikomeye kuruta. Kubera iki none hari abanyaruka gusubirana, bakagerageza no gusubira kugira utwigoro, mu gihe hari abaca batana n’akabando no mu ngorane zisa n’izidakomeye?

Nk’akarorero, dufate ko uriko urarondera akazi. Uraronse umubonano ariko nta kivuyemwo. Ico kintu kigushikiye woca wiyumva gute? Woshobora kubona ko ari ingorane yakuvuyeko kandi uzokwamana, bigashika mbere naho wibwira uti: ‘Nta muntu yokwigera aha akazi umuntu nkanje. Nta kazi nzopfa ndonse.’ N’ikibabaje kuruta, woshobora guca ureka ico kintu kimwe kikonona ukuntu wabona ibindi bintu ukora mu buzima bwawe, ugasigara wibwira uti: ‘Nta co nzovamwo. Nta co maze.’ Umuntu abona ibintu muri ubwo buryo aba yihebura ningoga.

Ingene worwanya impengamiro yo kwihebura

Wonanira gute ivyiyumviro bica intege? Intambwe ya mbere ihambaye ni ukumenya ko ufise mwene ivyo vyiyumviro. Intambwe igira kabiri ni ukubirwanya. Nugerageze kumenya icatumye wiyumva gutyo. Nk’akarorero, kuba wabuze ako kazi vyoba vyerekana ko ata muntu n’umwe azokwigera akaguha? Canke vyavuye gusa ku kuba uwo mukoresha yariko arondera umuntu afise ubuhanga kanaka wewe udafise?

Niwabona ibintu uko biri koko bizotuma wirinda kurenza urugero mu kuntu ubona ivyabaye. Kuba bakwimye akazi rimwe gusa vyoba bisigura ko ata co uzovamwo? Ubona gute uzirikanye ibindi bintu wakoze ukaroranirwa, nk’ibijanye n’imigambi yawe y’ivy’impwemu, ubucuti ufitaniye n’abo mu muryango hamwe n’ubwo ufitaniye n’abagenzi? Bishitse ibintu bikagenda nabi, niwirinde guca ubona ko isi yubamye. Nakare, ubwo urazi neza ko utazokwigera uronka akazi? Hariho ibindi wokora kugira wirinde ivyiyumviro bica intege.

Nubone ko hari ico uzoshikako

Mu myaka ya vuba, abashakashatsi baragerageje gusigura ico ari co icizigiro, naho insobanuro batanze idakwiye. Bavuga ko mu nsobanuro y’icizigiro harimwo kwemera ko uzoshobora kurangura imigambi yawe. Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, icizigiro kirimwo n’ibindi, ariko biboneka ko iyo nsobanuro batanga ari ngirakamaro mu mice itandukanye. Kugumiza umuzirikanyi kuri iyo nsobanuro vyoshobora kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza, tukabona ko hari ico tuzoshikako.

Kugira tubone ko tuzoshobora kurangura imigambi twishingira, turakwiye gutangura kwimenyereza kwishingira imigambi no kugerageza kuyishikako. Nimba ubona ko utarabimenyera, vyoba vyiza uzirikanye witonze imigambi wishingira. Mbega hoho, hari imigambi woba ufise? Biroroshe cane ko dusanga turiko dukora vya bindi nyene ata n’ukuruhuka ngo tuzirikane ku co twipfuza gushikako vy’ukuri, ni ukuvuga ico tubona ko gihambaye kuruta ibindi. Ku bijanye n’ico ciyumviro ciza co gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, haraheze igihe kirekire Bibiliya ivuze iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

Tumaze gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, bica vyoroha ko twishingira imigambi itomoye mu mice itandukanye, nk’iyijanye n’ubucuti dufitaniye n’Imana, ubuzima bwo mu rugo hamwe n’akazi. Ariko rero, igihe tutaramenyera, birahambaye ko twirinda kwishingira imigambi myinshi. Birahambaye kandi ko twishingira imigambi izotworohera gushikako. Twishingiye umugambi ugoye gushikako, vyoshobora gutuma ducika intege, tugahava dutana n’akabando. Ku bw’ivyo, ni vyiza ko duhera ku kwishingira imigambi y’igihe gitogito.

Hari umugani uvuga uti: “Uwuvyiteye ntibimutera ubute,” kandi ivyo ni ukuri. Igihe dufise umugambi utomoye ku muzirikanyi, haba hasigaye ugushaka be n’umwiyemezo kugira tuwushikeko. Turashobora gukomeza uwo mwiyemezo igihe tuzirikana ku kamaro k’uwo mugambi be n’ivyiza bizovamwo turamutse tuwushitseko. Ego ni ko ingorane ntizizobura, ariko dukwiye kuzibona gusa nk’intambamyi aho guca tubona ko kabaye.

Ariko kandi, turakwiye kuzirikana ku bintu bitomoye tuzokora kugira dushikire umugambi wacu. Umwanditsi yitwa C. R. Snyder, akaba yarize cane ibijanye n’akamaro k’icizigiro, ahanura ko twokwiyumvira inzira zitandukanye twocamwo kugira dushikire uwo mugambi wacu. Ivyo bituma igihe inzira ya mbere yanse duca twikora ku ya kabiri, ku ya gatatu, gutyogutyo.

Snyder ahanura kandi ko igihe umugambi umwe wanse, ari vyiza guca tuwusubiriza uwundi. Mu gihe vy’ukuri bitwankiye gushika ku mugambi twishingiye, kurondera kuwushikako vyanka bikunda nta kindi bimara atari ukuduca intege. Ariko, igihe duciye tuwusubiriza n’uwundi tubona ko dushobora gushikako, bituma dusubira kugira icizigiro.

Hariho akarorero ko muri Bibiliya kodufasha. Umwami Dawidi yari yishingiye umugambi wo kwubakira urusengero Yehova Imana yiwe. Ariko Imana yabwiye Dawidi ko umuhungu wiwe Salomo ari we azokwubaka urwo rusengero. Aho kugerageza kwumira kuri uwo mugambi, Dawidi yaciye yishingira uwundi. Yaciye atangura kwegeranya amahera n’ibikoresho umuhungu wiwe yokeneye mu kwubaka urwo rusengero.​—1 Abami 8:17-19; 1 Ngoma 29:3-7.

Naho tworwana urugamba rwo kwirinda kwihebura ningoga kandi tukarutsinda, nta vyera ngo de. Birashobora gushika hakaba ikintu gituma twumva twihebuye. Uti kubera iki? Vyinshi mu bintu bituma dutakaza icizigiro, usanga ari ivyo tutari buhindure. None ni igiki codufasha kugumana icizigiro igihe twugarijwe n’ingorane zidasanzwe, nk’ubukene, intambara, akarenganyo, indwara n’urupfu?

[Ifoto ku rup. 7]

Igihe bakwimye akazi wari wipfuza, woba uca ushika ku ciyumviro c’uko utazokwigera uronka akazi?

[Ifoto ku rup. 8]

Umwami Dawidi yaremeye guhindura umugambi yari yishingiye