Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wokura hehe

Wokura hehe

Wokura hehe icizigiro nyakuri?

ISAHA yawe yahagaze, kandi ubiravye neza umengo yapfuye. Ugiye kuyikoresha, none bakubwiye uburyo bwinshi bwo kuyikora, ukaba ubwirizwa guhitamwo bumwe. Umufundi wese akubwira ko uburyo bwiwe ari bwo bwiza, kandi harimwo ubuvuguruzanya. Ariko vyogenda gute hamwe womenya ko umubanyi wawe ari we yakoze iyo saha? N’ikindi kandi, akwemereye kuyigukorera ata mahera umuhaye. Birumvikana ko ata handi woyijana.

Reka iyo saha tuyigereranye n’icizigiro. Wumvise uriko uratakaza icizigiro nk’uko biriko birashikira abantu benshi muri iki gihe, woronderera hehe imfashanyo? Abantu benshi bavuga ko bashobora gutorera umuti iyo ngorane, ariko ibintu bavuga usanga bigoye gutahura kandi bivuguruzanya. Ubwo ntivyoba vyiza turondereye imfashanyo ku waremye abantu, akabaremana icizigiro? Bibiliya ivuga ko “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe” kandi ko yipfuza cane kudufasha.​—Ivyakozwe 17:27; 1 Petero 5:7.

Insobanuro yagutse y’icizigiro

Muri Bibiliya, ijambo icizigiro rifise insobanuro yagutse kandi igera kure kuruta iyikunze gutangwa n’abaganga, abanyasiyansi be n’abahinga mu vy’inyifato. Amajambo yo mu rurimi rwo mu ntango yahinduwe muri Bibiliya ngo “icizigiro” asigura kurindirana umushasharo no kwitega ikintu ciza. Rero, iryo jambo icizigiro ririmwo ivyiyumviro bibiri. Harimwo icipfuzo c’ikintu ciza hamwe n’ishingiro rituma wemera ko ico kintu kizobaho. Icizigiro Bibiliya itanga si ivyipfuzo bitagira ishingiro. Ahubwo, hariho ibimenyamenya vyumvikana gishingiyeko.

Dufatiye kuri ivyo, icizigiro ni cokimwe n’ukwizera kubera ko gutegerezwa kuba gushingiye ku bimenyamenya, atari ugupfa kwemera gusa. (Abaheburayo 11:1) Yamara, Bibiliya irerekana ko hariho itandukaniro hagati y’ukwizera n’icizigiro.​—1 Abakorinto 13:13.

Tubitangire akarorero: Igihe usavye umugenzi somambike ngo agufashe ikintu kanaka, uba wizigiye ko azogikora. Ico cizigiro kirafise ishingiro kubera ko uwo mugenzi wawe umwizera: uramuzi neza kandi uramaze kwibonera ko afise umutima mwiza be n’uko akunda gufashanya. Ukwo kwizera kurafitaniye isano rya hafi n’icizigiro, ariko ni ibintu bibiri bitandukanye. None ni igiki cotuma nawe wizigira Imana?

Ishingiro ry’icizigiro

Imana ni yo soko ry’icizigiro nyakuri. Mu bihe vya kera, Abisirayeli bita Yehova “icizigiro ca Isirayeli.” (Yeremiya 14:8) Icizigiro cose abasavyi biwe bari bafise cava kuri we; rero ni we yari icizigiro cabo. Ico cizigiro ntikwari ugupfa kwizera ibintu kanaka. Imana yari yarabahaye ishingiro rikomeye ry’ico cizigiro cabo. Mu myaka n’iyindi, yarabasezeranira ibintu kandi ikabishitsa. Yosuwa indongozi yabo yababwiye ati: “Murazi neza . . . yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse.”​—Yosuwa 23:14.

No mu myaka ibihumbi yakurikiye, Imana ntiyigeze ihinduka. Bibiliya irimwo ibintu vyinshi Imana yagiye irasezerana hamwe n’inkuru z’ukuri z’ingene yagiye irabishitsa. Ibintu isezerana ni ivyo kwizigirwa ku buryo rimwe na rimwe vyandikwa nk’aho vyoba vyamaze kuba.

Ni co gituma twovuga ko Bibiliya itanga icizigiro. Igihe wiga ibintu Imana yagiye irakorera abantu, bituma urushiriza kuyizigira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”​—Abaroma 15:4.

Ni icizigiro ikihe Imana iduha?

Ni ryari canecane dukenera icizigiro? Si igihe none tuba duhanganye n’urupfu? Ariko kuri benshi, igihe urupfu ruhitanye uwabo, ico cizigiro gica gisa n’ikitagira akamaro. Kukaba nkako, hoba hari ikintu gituma dukaza icizigiro coza kiruta urupfu? Nta ho umuntu aruhungira. Turiruka ariko amaherezo rukazoduhitana, kandi ntidushobora kurutsinda. Birabereye kuba Bibiliya ivuga ko urupfu ari “umwansi wa nyuma.”​—1 Abakorinto 15:26.

None ni igiki codufasha kugira icizigiro igihe duhanganye n’urupfu? Ca canditswe kivuga ko urupfu ari umwansi wa nyuma, kirerekana kandi ko “azokurwaho.” Yehova arakomeye kuruta urupfu. Ivyo yaravyerekanye incuro zitari nke. Uti yavyerekanye gute? Mu kuzura abapfuye. Bibiliya iravuga abantu icenda Imana yazuye ikoresheje ububasha bwayo.

Akarorero ruheta, ni igihe Yehova yaha Umwana wiwe Yezu ububasha bwo kuzura umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Ivyo Yezu ntiyabikoze mw’ibanga, ahubwo yabikoze ku mugaragaro, abantu barorera.​—Yohani 11:38-48, 53; 12:9, 10.

Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki abo bantu bazuwe? Ubundi hoho ntibasubiye gupfa?’ Ego ni ko barapfuye. Ariko, inkuru zo kwizigirwa nk’izo ziratuma twizigira tudakeka ko abacu bapfuye bazozuka, aho kuvyipfuza gusa. Mu yandi majambo, ziratuma tugira icizigiro nyakuri.

Yezu yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” (Yohani 11:25) Ni we Yehova azoha ububasha bwo kuzura abantu kw’isi yose. Yezu yavuze ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Kristu] bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Abari mu mva bose bazoshobora kuzuka, babe mw’iparadizo ng’aha kw’isi.

Umuhanuzi Yesaya yarerekanye ukuntu ibintu bizoba bimeze ico gihe. Yanditse ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ivu rizogarura abapfuye.”​—Yesaya 26:19, Bibiliya Yera.

None ivyo ntibihumuriza? Abapfuye bibereye ahantu hatekanye, kurya kw’umwana yibereye mu nda ya nyina. Nkako, abari mu mva Imana irabibuka neza. (Luka 20:37, 38) Vuba bazosubira kuba bazima, tubakirane umunezero mwinshi nka kurya umuryango wakirana umunezero mwinshi akayoya kaba kavutse. Rero naho twoba duhanganye n’urupfu, turagira icizigiro.

Akamaro k’icizigiro

Paulo aratubwira vyinshi ku bijanye n’akamaro k’icizigiro. Igihe yariko aravuga umwambaro w’ibigwanisho wo mu buryo bw’impwemu, yagereranije icizigiro n’inkofero, akaba ari kimwe mu bintu bihambaye bigize uwo mwambaro. (1 Abatesalonika 5:8) None aho yashaka kuvuga iki? Mu bihe vya Bibiliya, umusoda agiye ku rugamba, yarambara inkofero y’icuma, akenshi ukaba wasanga ayirenza ku gakofero gakoze mu bwoya bw’intama canke mu rushato. Rero bamurashe ku mutwe, imyampi yakubita kuri iyo nkofero, ntibe ikimwishe. Iciyumviro rero ni ikihe? Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe, n’icizigiro kirakingira umuzirikanyi, ni ukuvuga ububasha bwo kwiyumvira. Igihe wizigiye cane ivyo Imana yasezeranye, naho woshikirwa n’ingorane ugumana amahoro kandi ntiwihebura. None ni nde ga yemwe adakeneye mwene iyo nkofero?

Paulo yarakoresheje akandi karorero mu kudondora icizigiro dufise mu bijanye n’ivyo Imana yasezeranye. Yanditse ati: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.” (Abaheburayo 6:19) Kubera ko Paulo ubwato bwamusabiyeko akatari gake, yari yariboneye akamaro k’inanga. Igihe abasozabwato babonye haje igihuhusi, baca barekurira inanga mu kiyaga. Iyo nanga ishitse hasi ica ifata bigatuma ubwato budatwarwa n’ico gihuhusi ngo buje kwisuka ku bibuye.

Muri ubwo buryo nyene, igihe icizigiro dufise mu vy’Imana yasezeranye ari “ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga,” biratuma tudahungabana muri ibi bihe tubayemwo bimeze nk’ibihuhusi. Yehova asezerana ko vuba abantu batazoba bacugarijwe n’intambara, ubukozi bw’ikibi, umubabaro n’urupfu. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 10.) Igihe ico cizigiro cacu kigumye ari ntakekeranywa mu muzirikanyi wacu, bituma twirinda ingorane zimwezimwe, bikaduha n’inguvu zo kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana aho gutwarwa n’agatima k’ubuhumbu kiraye mw’isi muri iki gihe.

Icizigiro Yehova atanga nawe kirashobora kugufasha. Ashaka ko ubaho nk’uko yari yarabitegekanije kuva mu ntango. Yipfuza ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa.” None ivyo bishoboka gute? Umwe wese abwirizwa kubanza “[gu]shika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Abasohora iki kinyamakuru bakuremesheje kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kugira uzoronke ubuzima. Icizigiro Imana izoguha kiraruta kure n’iyo icizigiro ico ari co cose isi itanga.

Ufise ico cizigiro ntuzigera wumva uri akahebwe, kuko Imana izoguha inguvu ukeneye kugira ushikire umugambi uwo ari wo wose uzokwishingira uhuje n’ivyo igomba. (2 Abakorinto 4:7; Abafilipi 4:13) None ico si co cizigiro wipfuza kugira? Nimba wari umaze igihe wipfuza kugira icizigiro, nureme. Urashobora kukironka.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]

Imvo zituma tugira icizigiro

Ibi vyiyumviro vyo muri Bibiliya birashobora gutuma urushiriza kugira icizigiro:

▪ Imana idusezeranira kazoza keza.

Ijambo ryayo rivuga ko isi izoba iparadizo, ibemwo abantu bahimbawe kandi bunze ubumwe.​—Zaburi 37:11, 29; Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 21:3, 4.

▪ Imana ntibesha.

Imana iranka ukubesha ukwo ari kwo kwose. Yehova ni mweranda, rero ntashobora kubesha.​—Imigani 6:16-19; Yesaya 6:2, 3; Tito 1:2; Abaheburayo 6:18.

▪ Imana ifise ububasha butagira aho bugarukira.

Yehova ni we wenyene ashobora vyose. Nta kintu na kimwe mw’isi no mw’ijuru comubuza gushitsa ivyo asezerana.​—Kuvayo 15:11; Yesaya 40:25, 26.

▪ Imana ishaka ko ubaho ibihe bidahera.

​—Yohani 3:16; 1 Timoteyo 2:3, 4.

▪ Imana iratwizigiye.

Ntiyibanda ku makosa yacu ahubwo yibanda ku vyiza dukora no ku twigoro tugira. (Zaburi 103:12-14; 130:3; Abaheburayo 6:10) Irizigiye ko tuzokora ibigororotse, kandi iyo tubikoze irahimbarwa.​—Imigani 27:11.

▪ Imana igusezeranira kugufasha gushitsa imigambi wishingira ihuje n’ivyo igomba.

Abasavyi bayo ntibakwiye kwigera bihebura. Imana iraduha impwemu yayo ku bwinshi, yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose, kugira idufashe.​—Abafilipi 4:13.

▪ Wizeye Imana ntutaha zirayoye.

Imana ni inyizigirwa, ntizoguhemukira.​—Zaburi 25:3.

[Ifoto ku rup. 12]

Nka kurya kw’inanga, icizigiro ntakekeranywa kiratuma tudahungabana

[Ifoto ku rup. 12]

Nka kurya nyene inkofero ikingira umutwe, icizigiro kirakingira umuzirikanyi

[Abo dukesha amafoto]

Courtesy René Seindal/Su concessione del Museo Archeologico Regionale A. Salinas di Palermo

(Bibandaniriza ku rupapuro rwa 11)

(Bivuye ku rupapuro rwa 9)