Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ihindagurika ni iki?

Ihindagurika ni iki?

Ihindagurika ni iki?

Imwe mu nsiguro y’ijambo “ihindagurika” ni “uguhinduka kw’ikintu cerekeza ku mero kanaka.” Ariko iyo mvugo irakoreshwa no mu bindi. Nk’akarorero, irakoreshwa mu kudondora amahinduka akomeye aba mu bintu bidafise ubuzima, nk’ihinduka ry’ibiri mu bidukikije. Vyongeye, iyo mvugo irakoreshwa mu kudondora amahinduka matomato aba mu bintu bifise ubuzima, nk’ukuntu ibiterwa n’ibikoko bihinduka kugira bishobore kumenyera akarere kanaka. Ariko iryo jambo rikunda gukoreshwa mu kudondora inyigisho ivuga ko ibintu bifise ubuzima vyavuye mu bintu bitagira ubuzima. Iyo nyigisho yerekana ko hari utugingo ngengabuzima twavuye muri ivyo bintu bitagira ubuzima twagiye turahinduka buhorobuhoro, turahava tuvamwo ibintu bihanitse bifise ubuzima, ibiciye ubwenge kurusha ibindi bikaba ari abantu. Igihe iryo jambo “ihindagurika” rikoreshwa muri iki kiganiro riba rishaka kwerekeza kuri iyo nsobanuro ya nyuma.