Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wocungera umwanya wawe

Ingene wocungera umwanya wawe

Ingene wocungera umwanya wawe

“Ikintu cose cashingiwe igihe caco.”—Umusiguzi 3:1.

KUGIRA ngo uronke umwanya wo gukora ibintu bihambaye, urakeneye kumenya ivyo bintu ivyo ari vyo. Ivyo bizorushiriza kukworohera niwaba utahura neza ibintu ubona ko biri n’agaciro, imigambi yawe be n’ibikorwa binaka bibishigikira.

Ubwa mbere na mbere rero, numenye neza ibintu ubona ko biri n’agaciro ivyo ari vyo. Woshobora kugerageza kwandika ikintu cose wiyumvira ubona ko kiri n’agaciro, nk’umuryango, ubugenzi, igikorwa kitoroshe, amashure, kugira ivyo ushitseko, kuboneka neza, amahera, agahimbare, umubano w’ababiranye, kugaragaza ubuntu, amagara, be n’idini. Nuce wibaza uti: ‘Muri ibi bintu mbona ko biri n’agaciro, ni ikihe gihambaye kuruta ibindi vyose kuri jewe?’

Ivyo biheze, nurimbure imigambi yose wipfuza gushikako mu buzima. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ibintu umuntu abona ko biri n’agaciro be n’imigambi? Twisunze intumbero y’iki kiganiro, turashobora kuvuga yuko ibintu umuntu abona ko biri n’agaciro ari ibintu bibandanya, mu gihe imigambi yoyo bishobora gushika umuntu akayishikako bikaba biheze.

None ni imigambi iyihe woshobora kwishingira? Woba wipfuza kumara umwanya wiyongereye uri kumwe n’umuryango wawe? Kuronka akazi karushirije kuba keza? Kuryohora ubuhanga ufise mu bijanye n’uburyo bwo kwisamaza ukunda cane? Kuronka ubundi buryo bwo kwisamaza? Gutsimbataza kamere yinaka? Gufata akaruhuko? Gusoma igitabu? Kwandika igitabu?

Ubukurikira, nugenekereze imigambi ubona ko ihambaye kuruta iyindi muri iyo. Nurabe neza ko ihuye n’ivyo ubona ko biri n’agaciro. Nk’akarorero, hamwe wokwishingira umugambi wo kuba umutunzi cane, birashoboka ko woba uriko urishira mu ngorane.

Ubu na ho, ku bijanye n’imigambi wahisemwo, nurimbure ibikorwa nka bingahe vyogufasha gushika ku mugambi umwumwe wose. Nk’akarorero, nimba mu migambi yawe harimwo uwo kugabanya ibilo, kugira imyimenyerezo ni igikorwa cogufasha kubishikako.

Uyu mwihwezo woshobora gute kugufasha?

Nimba imigambi yawe ihuye n’ibintu ubona ko biri n’agaciro kandi ukaba ukora ibikorwa bigufasha kuyishikako, uzogira intumbero imwe mu buzima bwawe. Uzosanga umara umwanya munini ukora ibintu ubona ko bihambaye. Birumvikana ko ivyo bidasobanura yuko udakwiye kwitwararika ivyo abandi bakeneye be n’ivyo bipfuza. (Abafilipi 2:4) Bisobanura yuko uzorushiriza kumenya ibikorwa ata ho bihuriye n’ibintu bihambaye vy’ukuri kandi wanke kubikora.

Tuvugishije ukuri, ingorane ntizizobura. Ibikorwa bimwebimwe vyoshobora gusa n’ibidahambaye mugabo bikaba bikenewe. Vyoshobora kugutwara umwanya, bigatuma usigarana umwanya muto wo gukora ibintu bihambaye kuruta ibindi canke ugasigara ata n’uwo ufise. Hoshobora kwaduka ibintu vyihutirwa. Kandi ibintu bihinduka mu buzima bwawe vyoshobora gutuma bikugora gukurikiza urutonde rwawe. Mugabo niwatera intambwe ngirakimazi kugira ngo umare umwanya wiyongereye ukora ibintu bihambaye, uzorushiriza gucungera ukuntu ukoresha umwanya wawe maze ubuzima bubandanye.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28]

Twa twuma twa elegitoronike dukoreshwa mu gutegekanya ibikorwa twoba ducungura umwanya?

Turacungura umwanya kuri bamwe ariko ku bandi tukawutakaza. Nk’akarorero, kamwe muri mwene utwo twuma ushobora gusanga karimwo ikirangamisi, urutonde rw’inomero za telefone be na aderese, urutonde rw’ibintu umuntu ategekanya gukora, porogarama ifasha mu bijanye no gutunganya igisomwa, ahantu umuntu ashobora kwiyandikira utuntu, icuma gifata amafoto be n’ahantu umuntu ashobora kurungikira ubutumwa bwanditse no kuronka umuhora wa Internet. Urashobora gukoresha mwene ico gikoresho kugira ngo ucungure umwanya ugumye uhuza amakuru arimwo n’igihe kandi ukacitwaza. Ariko rero, urashobora gutakaza umwanya bitagoranye igihe uguma urondera muri ico gikoresho ibintu bidahambaye, ukaguma ugifyondagura canke uhindura ibintu vyo muri co kugira ngo bimere nk’uko ubishaka, kibure igihe uza uragura utuntu tudakenewe dukorana na co canke ukareka kikakubuza gutsimbataza ubucuti buhambaye kibure gukora ibintu bihambaye.

Impanuro: Nubanze urondere amakuru ajanye na co imbere y’uko ukigura. Igihe igikoresho co mu buhinga bwa elegitoronike gikunze gupfa, bizosaba umwanya munini wo kugikora. Vyongeye, igikoresho ico ari co cose co mu buhinga bwa elegitoronike kiba ngirakamaro bivanye n’uwugikoresha. Nimba rero ugifise, nugikoreshe kugira ngo ucungure umwanya, atari kugira ngo uwutakaze.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26, 27]

Woba ushobora kuronka umwanya wo gukora ibintu bihambaye?