Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ndahimbawe naho mfise ubumuga bukomeye

Ndahimbawe naho mfise ubumuga bukomeye

Ndahimbawe naho mfise ubumuga bukomeye

NK’UKO VYAVUZWE NA JOSÉ GODOFREDO VÁRGUEZ

Navutse mfise amagara meza kandi ubuzima nagize mu bwana bwari nk’ubw’abandi bana bose. Igihe nari mfise imyaka 17, naratanguye gukora ivyo gusudira mw’ihinguriro rimwe. Haciye imyaka ibiri, nariko ndasudira ndi ahantu hakirurutse iruhande y’ibitsinga bitwara umuyagankuba mwinshi cane igihe imvura yaca itangura kugwa. Bukwi na bukwi umuyagankuba waramfashe bimwe bikomeye unterera hasi ku metero 14, nca ndaraba. Naratakaje ubwenge bugaruka haciye amezi atatu. Umutwe wanje ni wo wonyene nashobora gukoma. Naciye mugara amaguru n’amaboko, kandi narasinzikaye bimwe bikomeye!

MU NTANGO, narashavuriye Imana, ndayibaza igituma yaretse ngo mbeho. Mbere nariyumviriye ivyo kwiyahura. Nararondereye ubuhungiro mu madini atari make, ariko nta na rimwe ryampumurije vy’ukuri canke ngo rindonse ivyo nari nkeneye mu vy’Imana. Nkako, ntiyanaremesha abantu kubaho bisunga inyigisho be n’ingingo mfatirwako vyo muri Bibiliya! Igihe mawe yapfa mu 1981, naciye nisuka mu vyo kunywa inzoga no gukina akamari. Nibaza ko bitumwe n’ukuntu ivyanje vyari vyifashe, Imana yonyumviye akagongwe maze ikambabarira kubera yuko naborerwa. Naratanguye kandi kubaho mu buhumbu mu kubana n’umugore tutari twubakanye.

Narahinduye ivyiyumviro vyanje mu buryo bukomeye

Igihe nari mfise imyaka 37, narabonanye ari bwo bwa mbere n’Ivyabona vya Yehova. Mawe, abitumwe n’ukuntu abantu babavuga nabi, yama na ntaryo avuga yuko idini ryabo ari ryo ryari ribi kurusha ayandi yose. Naho vyari ukwo, narabahaye ikaze iwanje, ata kindi ndondera atari kubereka yuko ari ababeshi, kuko niyumvira ko nari nzi vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Ariko rero, naratangajwe no kubona yuko nari nzi utuntu dukeyi cane ngereranije n’ivyo bo bari bazi! Vyongeye, naratangajwe n’uko abo bene kungendera bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose nari mfise. Sinatevye kujijuka yuko nari natoye ukuri.

Ikibabaje ni uko wa mugore twabana yiyamirije ivyo nari nsigaye nemera. Narabandanije gutyorora ubuzima bwanje no guhindura inyifato yanje be n’ukuntu niyumvira kugira ngo ndabihuze n’ivyo Bibiliya yigisha. Ndabifashijwemwo n’Imana, narashoboye kandi guhindura cane ivyiyumviro be n’ukuntu niyumva ku bijanye n’ivyago natewe na rya sanganya, ku buryo mu myaka 20 iheze nagize umunezero mwinshi mu gusukura ndi umwamamazanjili w’igihe cose. Abantu benshi bafatiye ku bumuga mfise, baribaza ingene ivyo ndabishikako. Erega, si ndi jenyene. Mbana na murumuna wanje yitwa Ubaldo, uno akaba arwaye indwara ifatira mu tugingo ngengakamere yitwa trisomie. Ubaldo na we nyene yaremeye ukuri kwo muri Bibiliya, akaba asukurira Yehova yifatanije nanje.

Tugize umugwi ukomeye kandi turitwararikana. Igihe turi mu busuku, Ubaldo arasunika agakinga k’ibimuga ngenderamwo akongera akandodorera ku miryango, kandi igihe mba ndiko ndaganira n’abo dusanze ku muhana, aramfasha gukoresha Bibiliya akongera akerekana igitabu kijanye n’ivyo tuba turiko turaganira. Aramfasha kandi mu bindi bintu vy’umubiri mba nkeneye. Nanje ndashigikira uwo mugwi wacu mu vy’amahera mu kugurisha ibintu bikoreshwa mu kwipodora. N’ikindi kandi, abo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere tubamwo baradufasha mu bijanye no guteka, gukora udukorwa two mu rugo be no kuja kwa muganga, ivyo vyose twe na Ubaldo tukaba tubikenguruka cane!

Mw’ishengero rya gikirisu, ndafise agateka ko gusukura ndi umukurambere, kandi abavukanyi banje dusangiye ukwemera bama biteguriye kumfasha kugira ubushakashatsi ku biganiro bishingiye kuri Bibiliya. Ndashoboye guca imirongo ku vyiyumviro bihambaye mu bitabu dukoresha mu kwiga nkoresheje ikaramu y’igiti mba nafatishije umunwa.

Iyo abantu bambajije nimba mpimbawe, nama ndabishura n’umutima wanje wose yuko mpimbawe! Hari icombuza none guhimbarwa? Ubuzima bwanje busigaye buri n’ico buvuze koko, kandi si je nzobona icizigiro ciza igitangaza Imana ironsa abayisenga b’abizigirwa kirangutse, ico na co kikaba ari ukugira amagara atagira agahaze mw’Iparadizo igiye kuza kw’isi.—Yesaya 35:5, 6; Luka 23:43.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]

Uwu ni José igihe yari afise imyaka 18, umwaka umwe imbere y’uko agira isanganya

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]

Icabona mugenzanje aramfasha kuzingurura Bibiliya igihe mba ndiko ndashikiriza insiguro ku Ngoro y’Ubwami

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]

Twe na mwene wacu Ubaldo usanga tugize umugwi ukomeye igihe tuba turiko turakorana mu busuku muri Megizike

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]

Abagize ishengero ryo mu karere tubamwo barafasha mu bijanye no guteka be no mu dukorwa two mu rugo