Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwitegurire gutsinda intambamyi

Niwitegurire gutsinda intambamyi

Niwitegurire gutsinda intambamyi

“Nafashe ingingo yo guheba itabi ku bw’ineza y’amagara y’akana kacu kari gaherutse kuvuka. Naciye rero manika icapa mu nzu yacu kivuga giti: ‘Kirazira kunywera itabi ng’aha.’ Haciye isaha imwe gusa, icipfuzo gikomeye co kunywa itabi caranteye nka ca gisebuzi gikaze cataziriwe Tsunami, nca ndaridomeka.”—Vyavuzwe na Yoshimitsu wo mu Buyapani.

NK’UKO ivyo vyashikiye Yoshimitsu bivyerekana, igihe umuntu ariko ararondera guheba itabi arahura n’intambamyi. Vyongeye, ivyigwa vyagizwe vyerekana ko hafi ibice 90 kw’ijana vy’abo bishika bagasubira kunywa itabi baca babandanya kurinywa. Nimba rero uriko uragerageza guheba itabi, birashoboka rwose ko ubishikako igihe witeguriye gutsinda intambamyi. None izikunze gushika ni izihe?

Kwipfuza cane itabi: Akenshi wumva wipfuje cane rwose itabi haciye imisi itatu urihevye, kandi ivyo bigabanuka haciye nk’indwi zibiri. Umuntu umwe yahoze anywa itabi avuga yuko muri ico kiringo “ico cipfuzo kiza kirakomera congera kigabanuka; ntikiguma ku rugero rumwe.” Ariko rero, mbere n’igihe haba haciye imyaka woshobora kwumva bukwi na bukwi wipfuje kunywa itabi. Mu gihe bigenze gutyo, ntiwihutire guca urinywa. Nurindire hace nk’iminuta itanu, ico cipfuzo kizoca gihera.

Izindi ngaruka zishikira umuntu ahevye itabi: Mu ntango, abantu babona ko bigoye kuguma bari maso canke kwitunira ku vyo baba bariko barakora kandi ibilo vyabo vyoshobora gusa n’ivyongerekana bitagoranye. Boshobora kandi kugira ububabare, gusasatwa, kubira icuya no kuza barakorora, hamwe no kuza baragira inyiyumvo zihindagurika zigaragarira mu kutihangana, gushavura bitagoranye, canke mbere kugira akabonge kadahera. Ariko rero, nyinshi muri izo ngaruka zitangura kugabanuka kuva mu ndwi zine gushika kuri zitandatu.

Muri ico gihe kigoye, hariho ibintu ngirakamaro bimwebimwe wokora bikagufasha. Nk’akarorero:

● Nuryame umwanya muremure kuruta.

● Nunywe amazi menshi canke umutobe w’ivyamwa mwinshi. Nufungure ibifungurwa nzanamagara.

● Niwinonore imitsi mu buryo buri ku rugero.

● Nuheme ushitsa, wongere wihe ishusho impemu nziza zuzuye mu mahaha yawe.

Ibintu bishobora gutuma ushaka itabi: Ivyo ni ibikorwa canke inyiyumvo zishobora gutuma wumva wipfuje kunywa itabi. Nk’akarorero, ushobora mu bisanzwe kuba wahora unywa itabi igihe uriko uranywa ibinyobwa. Nimba ari ukwo, igihe uriko urarondera guheba itabi, ntunywe ibinyobwa wikwega. Birumvikana ko mu nyuma uzoshobora kwinywera ivyo binyobwa vyawe utihutagiza.

Ariko ntiwumve, naho woba umaze igihe kinini warahevye itabi, ubwenge bwoshobora kurikwibutsa igihe uriko urakora ikintu wahora ukora uriko urarinywa. Torben umwe twavuga mu ntango, yiyemerera ati: “Naho haheze imyaka 19 mpevye itabi, ndacumva nshatse kurinywa mu gihe c’uturuhuko two ku kazi.” Ariko rero muri rusangi, uko igihe kizoza kirahaca ivyo kwiyumvira kunywa itabi igihe uriko urakora ibikorwa binaka bizoza biragabanuka.

Ku bijanye n’inzoga hoho, si ko bimeze. Nkako, igihe uriko uragerageza guheba kunywa itabi, woshobora gukenera kwirinda inzoga be n’ibibanza bazinyweramwo, kuko abantu benshi bishika bagasubira kunywa itabi, bibashikira bariko baranywa inzoga. Ni kubera iki ivyo ari ukwo biri?

● Mbere n’utuyoga dukeyi turatuma umuntu arushiriza kuryoherwa n’itabi.

● Kunywa inzoga uri kumwe n’abandi akenshi usanga bijana cane no kunywa itabi.

● Inzoga iragabanya ubushobozi bwo kubona ibintu mu buryo bubereye be n’ubwo kwigumya. Bibiliya ivuga mu buryo bubereye iti: ‘Vino imara ubwenge.’—Hoseya 4:11.

Abagenzi: Nubahitemwo neza. Nk’akarorero, niwirinde kwifatanya bidakenewe n’abantu banywa itabi canke aboshobora kugusaba kurinywa. Niwirinde kandi abantu bagerageza gutuma utwigoro ugira two guheba itabi tuba impfagusa, kumbure mu kugutyekeza ku bijanye na ryo.

Inyiyumvo: Mu cigwa kimwe cagizwe, basanze hafi ibice 67 kw’ijana vy’abantu vyashitse bagasubira kunywa itabi babanje kugira umubabaro canke ishavu imbere gato y’uko basubira kurinywa. Nimba hari inyiyumvo yinaka itumye wumva ushaka kunywa itabi, niwisamaze, kumbure mu kunywa amazi, mu guhekenya ibazoka canke mu kuba uragendagenda. Nugerageze kwiyumvira ibintu vyubaka, kumbure mu kwitura Imana mw’isengesho canke mu gusoma impapuro nkeya za Bibiliya.—Zaburi 19:14.

Ivyitwazo ukwiye kwirinda

Nza gukwega rimwe gusa.

Uko ibintu biri koko: Gukwega rimwe gusa birashobora gutuma ibice 50 kw’ijana vy’udushami tw’udutsi two mu bwonko bwawe twakira ubumara bwitwa nikotine, tumara amasaha atatu dufise ubwo bumara tuba dukeneye. Akenshi ivyo bituma umuntu asubira kunywa itabi.

Kunywa itabi biramfasha kugabanya ivyiyumviro.

Uko ibintu biri koko: Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko mu vy’ukuri ubumara bwitwa nikotine bwongereza inkabuzo zituma umuntu arengerwa n’ivyiyumviro. Ukuba umuntu asa n’uwuretse kurengerwa n’ivyiyumviro vyoshobora kuba ahanini bitumwe n’uko ingaruka zishikira umuntu yahevye itabi ziba zimaze igihe gito zagabanutse.

Sinoba nkishobora kuriheba.

Uko ibintu biri koko: Kubona ko utakivayo biratuma utagira ishaka. Bibiliya ivuga iti: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizoba . . . nke.” (Imigani 24:10) Niwirinde rero ivyiyumviro bica intege. Umuntu wese yipfuza vy’ukuri guheba itabi kandi ashira mu ngiro ingingo ngenderwako ngirakimazi, nk’izivugwa muri kino kinyamakuru, arashobora kubishikako.

Sinoshobora kwihanganira ingaruka zishikira uwahevye kunywa itabi.

Uko ibintu biri koko: Ni ivy’ukuri ko ingaruka zishikira uwahevye itabi zikomeye, ariko mu ndwi nkeyi gusa ziba zaheze. Ku bw’ivyo, ntutane n’akabando! Nimba icipfuzo co kunywa itabi kigarutse haciye amezi canke imyaka, birashoboka ko na co nyene kizoca gihera nko mu minuta mikeya gusa, ukire gusa kutadomeka itabi.

Ndafise ingorane yo mu mutwe.

Uko ibintu biri koko: Nimba uriko uravurwa indwara yo mu mutwe, nk’akarorero akabonge kadahera canke indwara yo mu mutwe ituma umuntu atakaza ubwenge yitwa schizophrénie, nusabe umuganga wawe agufashe guheba kunywa itabi. Yoshobora kugira umutima ukunze wo kugufasha, kumbure mu guhindura uburyo akoresha mu kukuvura kugira ngo bigabanye ingaruka iyo ngingo wafashe yoshobora kugira ku ndwara urwaye canke ku miti woshobora kuba uriko urafata.

Bishitse nkasubira kunywa itabi, nzoca mbona ko nananiwe.

Uko ibintu biri koko: Nivyashika ugatsitara ugaca unywa itabi, nk’uko benshi bibashikira igihe bariko baragerageza guheba kunywa itabi, ivyawe ntibizoba birangiye. Niwivyukiranye hanyuma ubandanye kugerageza. Igihe bishitse umuntu akagwa hasi, ntibisigura ko yananiwe. Agumye hasi ni ho aba yananiwe. Nugume ugerageza rero. Amaherezo uzobishobora!

Rimbura ivyashikiye uwitwa Romualdo, uwamaze imyaka 26 anywa itabi ubu akaba amaze imyaka 30 yararihevye. Yandika ati: “Sinoharura incuro vyashitse nkasubira kunywa itabi. Igihe cose vyaba bishitse, narumva mbabaye cane, nk’aho umengo nta co maze. Ariko rero, maze kwiyemeza nshikamye kugiranira ubucuti bwiza na Yehova Imana kandi nkama ndamusaba mw’isengesho ngo amfashe, nahavuye nshobora kuvavanura n’itabi.”

Mu kiganiro ca nyuma c’uru rukurikirane rw’ibiganiro, turaza kurimbura ibindi vyiyumviro ngirakamaro bikeyi gusa vyoshobora kugufasha kuba umwe mu bantu bahimbawe bahoze banywa itabi.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

RIRICA UKO RYOBA RIMEZE KWOSE

Itabi rirakoreshwa mu buryo bwinshi. Ibintu bimwebimwe bihingurwa mw’itabi usanga mbere bigurishwa mu maduka adandarizwamwo ibifungurwa nzanamagara n’ayadandarizwamwo imiti y’ikirundi. Ariko rero, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga yuko “itabi uko ryoba rimeze kwose ryica.” Umuntu yoshobora gupfa biturutse ku ndwara iyo ari yo yose mu ndwara zitari nke ziterwa n’itabi, nka kanseri be n’indwara y’umutima. Abavyeyi bibungenze banywa itabi na bo nyene boshobora kwonona ubuzima bw’abana babo bataravuka. None ni mu buryo butandukanye ubuhe itabi rikunze gukoreshwa?

Imisogoto: Iryo ni itabi bazingazingira mu gihunda canke mu rukaratasi. Imisogoto iba irimwo ubumara bumeze nk’ikaburimbo, ubumara bwitwa nikotine, be n’ubwo bita monoxyde de carbone, bwinshi cane kuruta ububa buri mu masigareti asanzwe.

Imisogoto y’ikizungu bita cigares: Iyo misogoto ikozwe mu mababi y’itabi bazingazinga ku buryo yegerana cane bagaca bayatekera mw’ibabi ry’itabi canke mu rupapuro rukozwe mu mababi y’itabi. Itabi bahinguramwo iyo misogoto, rino hakaba hari ukuntu ririmwo ivyunyunyu vyonona urigereranije n’itabi bahinguramwo amasigareti riba ririmwo aside, rituma bwa bumara bwitwa nikotine bwinjira mu mubiri w’umuntu buciye mu kanwa n’igihe nyene iyo misogoto itaba idometse.

Itabi bashiramwo ubwoko bw’ikirungo citwa girofle: Akenshi usanga ririmwo ibice 60 kw’ijana vy’itabi be n’ibice 40 kw’ijana vy’ico kirungo. Ririmwo ubumara bumeze nk’ikaburimbo, ubumara bwitwa nikotine, be n’ubwitwa monoxyde de carbone, bwinshi cane kuruta uburi mu masigareti asanzwe.

Inkono y’itabi canke imagashi: Kunywa inkono y’itabi canke imagashi si uburyo bwo kunywa itabi budateza ingorane busubirira ugutumura isigareti, kuko ubwo buryo bushobora guteza indwara nyinshi za kanseri be n’izindi nka zirya nyene ziterwa no gutumura isigareti.

Itabi badatumura: Aho harimwo uguhekenya itabi, ukurya ubugoro, ugukwega agafu k’itabi ugacishije mu mazuru, be n’itabi bahekenya bongeramwo akanovera ryitwa gutkha rikoreshwa muri Aziya yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko. Muri ubwo bwoko bw’itabi, bwa bumara bwitwa nikotine bwinjira mu maraso biciye mu kanwa. Gukoresha itabi badatumura birimwo akaga nka kurya nyene kwo kunywa irindi tabi.

Inkono y’itabi bashiramwo n’amazi: Muri mwene izo nkono, umwotsi w’itabi ubanza guca mu mazi imbere y’uko umuntu awukwega. Ariko rero, ivyo ntibigabanya urugero rw’ubumara bwinjira mu mahaha, harimwo n’ibintu bitera kanseri.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8]

INGENE WOFASHA UWUNDI MUNTU GUHEBA ITABI

Nubone ko ibintu bizogenda neza. Gukeza umuntu no kumushimira biraba vyiza kuruta kumunebagura no kumucucagira amajambo. Kuvuga ngo “Nibaza yuko uzobishobora niwasubira kugerageza,” biragira ububasha kuruta kuvuga ngo “Vyasubiye kukunanira!”

Nube uwubabarira abandi. Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo wirengagize ishavu ugiriwe n’umuntu ariko aragerageza guheba itabi. Nukoreshe amajambo aranga ubuntu nk’aya ngo “Ndazi ko bitoroshe, ariko ndahimbawe cane no kuba uriko uragerageza.” Ntiwigere uvuga ngo “Igihe wari ukinywa itabi wari umeze neza kuruta ubu!”

Nube umugenzi nyakuri. Bibiliya ivuga iti: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” (Imigani 17:17) Egome, nugerageze “ibihe vyose” kwihanganira umuntu ariko aragerageza guheba itabi no kumugaragariza urukundo, haba ari kw’isaha iyihe canke uwo muntu amerewe gute.