Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nugume wiyegereje Yehova!”

“Nugume wiyegereje Yehova!”

“Nugume wiyegereje Yehova!”

Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova

● Amahwaniro ibihumbi n’ibihumbi mwene ayo, ayazoza aramara imisi itatitatu, akazogirwa hirya no hino kw’isi, vyategekanijwe ko azotangurira muri Afirika y’Epfo mu kwezi kwa Nyakanga. Muri Afirika y’Epfo buri musi ibiringo bizotanguzwa n’umuziki isaha zitatu zo mu gitondo. Umutwe-shimikiro wo ku musi wa gatanu, uno ukaba ushingiye kuri Zaburi 73:28, uzoba uvuga ngo “Kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe.” Ijambo ry’umuhagarikizi rizokurikirwa n’insiguro ivuga ngo “Amahwaniro aradufasha kuguma twiyegereje Yehova” be n’iyivuga ngo “ ‘Umwana aragomba kumuhishura.’” Hazoca hakurikira insiguro y’ibice bine ivuga ngo “Twigane abagumye bafitaniye ubucuti somambike na Yehova,” ikaba izoca irya n’ino ingene Aburahamu, Rusi, Hezekiya, na Mariya babigize. Porogarama yo mu gitondo izorangizwa n’ijambo nyamukuru rizoba rivuga ngo “Ingene Yehova atwiyegereza.”

Insiguro ya mbere ya porogarama yo ku wa gatanu ku muhingamo izoba ivuga ngo “Inyishu z’ibibazo twibaza ku vyerekeye Yehova,” ikazokurikirwa n’insiguro ivuga ngo “Nureke indero Yehova agutoza ikubumbabumbe” be n’iyivuga ngo “Ntiwigere ‘ugirira ubushangashirwe Yehova.’ ” Hazoca hakurikira insiguro y’ibice bitanu ivuga ngo “Guseruranira akari ku mutima birafasha imiryango kuguma yiyegereje Yehova.” Ivyo bice bizoba bivuga ngo “Yehova ni karuhariwe mu vyo guseruranira akari ku mutima,” “Banega nimuseruranire akari ku mutima n’abakenyezi banyu!,” “Bakenyezi, nimuseruranire akari ku mutima n’abanega banyu!,” “Bavyeyi, nimuseruranire akari ku mutima n’abana banyu!,” be na “Bana, nimuseruranire akari ku mutima n’abavyeyi banyu!” Ikiringo co ku muhingamo kizorangizwa n’insiguro ivuga ngo “Ivyaremwe birahishura ‘Imana nzima’!”

Umutwe-shimikiro wo ku wa gatandatu uzoba uvuga ngo “Kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse,” ukaba ushingiye mu Migani 3:32. Insiguro y’ibice bitanu ivuga ngo “Dufashe abantu ‘gusubiza hamwe n’Imana’ ” izoba irimwo ibice bivuga ngo “Barigijwe kure y’Imana kandi ntibagira icizigiro,” “ ‘Yarababaza’ ibibazo,” “Nube umufasha mwiza igihe muri mu busuku,” “Tubagondoze biciye ku ngeso nziza,” be n’ikivuga ngo “Nushishikare kugira umwete.” Inyuma y’insiguro ivuga ngo “Umurimo w’igihe cose urakomeza ubucuti ufitaniye na Yehova” be n’iyivuga ngo “Ku bakunda Yehova, ‘nta gitsitaza kihaba,’ ” ikiringo kizosozerwa n’insiguro y’ibatisimu, ino irangiye abakwije ibisabwa bakaba bazoronka akaryo ko kubatizwa.

Porogarama yo ku wa gatandatu ku muhingamo izoba irimwo insiguro y’ibice umunani ivuga ngo “Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe kigutandukanya na Yehova,” ikazoba igizwe n’ibice bivuga ngo “Uburyo bwihishije Shetani akoresha,” “Ubwishime,” “Amahera,” “Amagara,” “Akazi,” “Ukwisamaza,” “Umuryango,” be n’ikivuga ngo “Ubuhinga bwa none.” Hazoca hakurikira igikino kidasanzwe co kwumviriza gifise umutwe uvuga ngo “Ntudendebukirwe igihe Yehova agukosoye!” Ikiringo c’uwo musi kizosozerwa n’insiguro ivuga ngo “Nugume wiyegereje Yehova, nk’uko Yeremiya yabigize.”

Umutwe-shimikiro wo ku w’iyinga, uno ukaba ushingiye kuri Yosuwa 23:8, uzoba uvuga ngo “Yehova . . . aze abe ari we mwumirako.” Ururirimbo be n’isengesho vyo mu gitondo birangiye, hazoca hakurikira insiguro y’ibice umunani ivuga ngo “Duhe agaciro kamere z’igikundiro za Yehova,” ikaba izoca irya n’ino izi kamere umunani: “Aregereka,” “Ni umunyampuhwe,” “Araha agaciro ibintu be n’abantu,” “Aratanga,” “Ntagira nkunzi,” “Arababarira,” “Agira ibitegereka,” be na “Ntahemuka.” Hazoca hakurikira insiguro y’icese ivuga ngo “Ushobora gute kwiyegereza Imana?” Ikiringo co mu gitondo kizosozerwa n’incamake y’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwa buri ndwi.

Igihimba kidasanzwe co ku w’iyinga ku muhingamo kizoba kigizwe n’igikino gikinwa n’abantu bambaye nk’abo mu kinjana ca mbere. Ico gikino cerekeye ukuntu abakirisu bahunze bava i Yeruzalemu kikaba kizoba gifise umutwe uvuga ngo “Nugende wisunga ukwizera ntiwisunge ibiboneka.” Ico gikino kirangiye, ihwaniro rizosozerwa n’insiguro ivuga ngo “Nugume ‘ahihishije ha Musumbavyose.’ ”

Nugire ivyo utunganije ubu kugira ngo uzokwitabe iryo hwaniro. Kugira ngo umenye ikibanza rizoberamwo kiri hafi y’aho uba, nuje kubaza ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere iwanyu canke wandikire abasohoye iki kinyamakuru. Umuhora wa Internet www.pr418.com urerekana ibibanza iryo hwaniro rizoberamwo hirya no hino kw’isi.