Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukingire umuryango wawe akamangu

Nukingire umuryango wawe akamangu

Nukingire umuryango wawe akamangu

Mu buhanuzi Yezu yatanze bwerekeye umuhero w’ivy’iyi si, yari yaravuze yuko hobaye “ibiza . . . biva hamwe bija ahandi.” (Luka 21:11) Akamangu canke agahiri, karagaragaye ko ari kimwe muri bene ivyo biza.

AKAMANGU gaterwa n’umugera, uno ukaba ari akantu gatoya cane katabonwa n’amaso kinjira mu tugingo ngengabuzima kagatuma duhingura iyindi migera. Umugera utera akamangu, uno ukaba ufata ibihimba vy’umubiri bifasha guhema, wandukira ahanini biciye ku tuma dutoduto cane tw’amazi tuva mu mubiri igihe umuntu yawanduye yasamuye, akoroye canke mbere ariko aravuga. Iyo ndwara iba ikiza igihe ifashe abantu benshi mu karere kanini cane.

Imigera itera iyo ndwara ntifata abantu gusa ariko kandi irafata n’ibikoko. Imigera itera akamangu iri mu bwoko bwa A, B, canke C. Akamangu ko mu bwoko bwa A ni ko abantu benshi bakunze kurwara. Ubwoko bw’imigera bushirwa mu migwi hisunzwe ahanini indemamubiri (protéines) zibiri ziba ziri ku buringanire bw’umugera, izo na zo zikaba ari iyo bita hémagglutinine (H) be n’iyo bita neuraminidase (N).

Ibintu biraje ishinga abantu cane kuruta ibindi ku bijanye n’imigera itera akamangu, ni uko yoshobora kurwirirana n’ingoga na n’ingoga cane kandi ikaguma ihindagurika be n’uko ubwoko butandukanye bw’iyo migera bushobora kuja hamwe bukavamwo ubundi bwoko bushasha. Igihe ubwoko bunaka bw’umugera buba bwisa cane, umubiri w’umuntu woshobora kunanirwa kuwurwanya.

Abantu bakunze kurwara akamangu mu mezi usanga hakanye cane. Ubushakashatsi buherutse kugirwa bwerekana yuko igihe haba hapfutse urukoba rw’umugera ruca rucika ikintu coroshe kiwukingira gituma uwo mugera ubandanya kubaho mu kirere, mugabo ko ruca rushonga igihe uwo mugera uri mu bihimba vy’umuntu bimufasha guhema kubera yuko haba hashushe, ivyo bikaba bituma umuntu yandura. Imbeho ntituma iyo migera yandukira, ariko irashobora gutuma iyo migera yoroherwa no gukwiragira.

Ivyo wokora kugira ngo wikingire

Kubera yuko intwaro nyinshi zabonye ko bikenewe yuko zitegura, zaramaze gutegekanya ivyo zoca zikora. Ariko none wewe wokora iki? Reka twihweze ibintu vy’ishimikiro bitatu wokora kugira ngo wikingire:

Nukomeze umubiri: Nurabe neza ko umuryango wawe uruhuka bihagije be n’uko ufungura ibifungurwa bizofasha umubiri kurushiriza kwirwanira. Ivyo mufungura bikwiye kuba bigizwe canecane n’ivyamwa be n’imboga, intete hamwe n’indemamubiri zitarimwo ibinure vyinshi, ivyo bikaba bituma umubiri uronka ubwoko bwa aside bita acides aminés ukeneye kugira ngo urushirize kwirwanira.

Nurwanye imigera: Uko bishoboka kwose niwame ku musi ku musi usukura neza amameza ukoresha. Niwoze ibikoresho ukoresha mu guteka no mu gufungura igihe cose uhejeje kubikoresha kandi wame umesura ibisaswa. Nushire imiti yica imigera ku bintu abantu bakorako, nk’ibitasha vy’imiryango, amatelefone be na bene twa twuma bakoresha mu kwatsa ivyuma bari kure. Nimba bishoboka, nutume mu nzu haguma hinjira akayaga keza.

Nugire utumenyero twiza two kwisukura: Nukarabe neza mu minwe n’isabuni be n’amazi canke ukoresheje umuti wo gusukura iminwe urimwo alukolo. (Nimba vyofasha, niwitwaze agacupa gatoyi karimwo umuti wica imigera yo mu minwe.) Ntihagire umuntu n’umwe uha isume yawe ngo ayihanaguze mu minwe canke mu maso, mbere naho yoba ari uwo mu muryango.

Ntiwikore ku maso, ku zuru canke ku munwa utarakaraba. Nimba bishoboka, nukoreshe bene twa dupapuro bakoresha bagaca baduta kugira ngo upfuke umunwa n’amazuru igihe uriko urakorora canke uriko urasamura maze uce uduta. Niwirinde gusangira n’abandi ibikoresho bishobora gukwiragiza imigera bitagoranye, nk’amatelefone. Abana barakeneye kumenyerezwa cane mu bijanye n’utwo tumenyero. Bene utwo tumenyero ni twiza igihe cose, ariko na canecane mu gihe akamangu kaba keze.

Niwitwararike abandi

Birashoboka ko utangura kwandukiza abandi umusi umwe imbere y’uko ugaragaza ikimenyetso na kimwe c’akamangu no gushika haheze imisi itanu ukarwaye. Ibimenyetso vy’akamangu bisa n’ivy’inkorora isanzwe ariko vyovyo birakomeye kuruta. Muri ivyo bimenyetso harimwo: umucanwa (akenshi uba ari mwinshi), ukumeneka umutwe, ukuruha cane, inkorora y’agahehera be n’ububare bwo mu mitsi. Ibicurane be n’ibimenyetso vyo mu nda, nko kwumva iseseme, kuyogwa be no gucibwamwo, bikunda gushikira abana kuruta abakuze. Igihe ufise ivyo bimenyetso, nugume i muhira nimba bishoboka maze wirinde kwanduza abandi.

Nuruhuke bihagije wongere unywe ibintu vyinshi vy’amazi. Imiti irwanya imigera irashobora gufasha mu gihe gusa uyifashe ibimenyetso bikimara kwibonekeza. Abana barwaye akamangu ntibakwiye guhabwa asipirine. Nuce wihutira kuja kwa muganga igihe ugaragaje ibimenyetso bimeze nk’ivy’indwara y’umusonga, nk’ingorane zo guhema, kubabara mu gikiriza canke kuguma umenetse umutwe cane.

Kurwara akamangu birashobora kuba ikintu gitesha umutwe. Kuba witeguye vyoshobora kugufasha kurushiriza kuvyifatamwo neza. Mugabo ikiruta ivyo, urashobora kwitegana umushasharo igihe ‘ata wuzovuga ngo ndarwaye,’ nk’uko Bibiliya ibisezerana.—Yesaya 33:24.

[Uruzitiro ku rup. 11]

UBWOKO BUKAZE BW’AKAMANGU

Akamangu katowe ari bwo bwa mbere muri Megizike mu 2009 kari mu bwoko bwa H1N1, kakaba gasa na ka kamangu ko muri Esupanye katera mu 1918, akahitanye abantu imiliyoni mirongo. Ariko rero, karimwo kandi ibintu biri mu migera ifata ingurube n’inyoni.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 12, 13]

UBURYO 6 BWO KWIKINGIRA NO GUKINGIRA ABANDI

1. Nupfuke umunwa igihe ukoroye

2. Nukarabe iminwe

3. Nureke akayaga kinjire mu nzu yawe

4. Nugume ugira isuku

5. Nimba urwaye, nugerageze kuguma i muhira

6. Igihe urwaye, niwirinde gukoranako n’abandi

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]

IGIHE HATEYE IKIZA

Ubwa mbere, nukurikize ubuyobozi butangwa n’abakuru baraba ibijanye n’amagara y’abantu. Ntute umutwe canke ngo ukore ibintu mu buryo burimwo ukurenza urugero. Nurushirize gushira mu ngiro twa tumenyero twiza twarimbura muri iki kiganiro. Nimba bishoboka, niwirinde kuja ahantu hari abantu benshi. Igihe urwaye, vyoshobora gufasha wambaye bene ka kantu ko gupfuka izuru n’umunwa kabereye. Nuze urakaraba iminwe kenshi. Nurondere ibifungurwa bitononekara vuba be n’imiti hamwe n’ibintu vyo kugira isuku bishobora kukumaza indwi nka zibiri igihe udashobora kuja kw’iduka.

Igihe uri ku kazi, mu bibanza vyo gusengeramwo, canke mu kindi kibanza ico ari co cose kiba kirimwo abantu benshi, nukurikize ubuyobozi butangwa. Nugerageze kandi gutuma aho uri haguma hinjira akayaga keza.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 11]

Umugera w’akamangu wo mu bwoko bwa H1N1 wagagamishijwe

[Abo tukesha ifoto]

CDC/Cynthia Goldsmith