Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukomeze umwiyemezo wawe

Nukomeze umwiyemezo wawe

Nukomeze umwiyemezo wawe

“Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose kiranga abantu banywa itabi usanga bashobora kuriheba, ni ukugira umwiyemezo ukomeye wo kuriheba.”—Vyakuwe mu gitabu gifise umutwe uvuga ngo “Stop Smoking Now!” (Nuhagarike kunywa itabi ubu nyene!)

TUBIVUZE mu buryo bworoshe, nimba wipfuza guhagarika kunywa itabi, ukwiye n’imiburiburi kuba ufise umwiyemezo ukomeye wo kubigira. Ushobora gute none gukomeza umwiyemezo wawe? Kimwe coco, nurimbure ukuntu worushiriza kumererwa neza uhevye kunywa itabi.

Uzoziganya amahera. Akamenyero ko kunywa ipaki imwe y’itabi ku musi karashobora gutwara amahera ibihumbi amajana ku mwaka. “Sinari bwigere menya ukuntu nasesagurira amahera menshi mw’itabi.”—Vyavuzwe na Gyanu wo muri Nepal.

Urashobora kurushiriza kugira umunezero mu buzima. “Igihe naheba kunywa itabi ni ho natangura kwumva ko mbayeho koko, kandi ubuzima bwanje buguma burushiriza kumera neza.” (Bivugwa na Regina wo muri Afirika y’Epfo) Igihe abantu bahagaritse kunywa itabi ubushobozi bwabo bwo kwumva uburyohe bw’ikintu be n’ubwo kumoterwa burarushiriza kwongerekana bimwe biboneka, kandi akenshi usanga barushiriza kugira inguvu bakongera bakarushiriza gusa neza.

Woshobora kurushiriza kugira amagara meza. “Iyo abagabo n’abagore bafise imyaka itandukanye bahevye kunywa itabi bica ubwo nyene bibagirira akamaro.”—Bivugwa n’ikigo co muri Leta Zunze Ubumwe kijejwe ivyo gucungera indwara no kuzikinga.

Uzorushiriza kwumva ko wiyizigiye. “Nahevye kunywa itabi kubera ko ntipfuza ko ringanza. Nashaka kuganza umubiri wanje bwite.”—Bivugwa na Henning wo muri Danemarike.

Umuryango wawe n’abagenzi bawe bazohungukira. “Kunywa itabi . . . bironona amagara y’abari iruhande yawe. . . . Ivyigwa vyagizwe vyerekanye yuko urya mwotsi abantu bahumekerwako n’abariko baranywa itabi utuma abantu ibihumbi n’ibihumbi bapfa ku mwaka ku mwaka biturutse kuri kanseri y’amahaha be n’indwara y’umutima.”—Bivugwa n’Ishirahamwe ryo muri Amerika rirwanya indwara ya kanseri.

Uzohimbara Umuremyi wawe. “Bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri.” (2 Abakorinto 7:1) “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi . . . ceranda, cemerwa ku Mana.”—Abaroma 12:1.

“Maze gutahura ko Imana yiyamiriza ibintu bihumanya umubiri, naciye mfata ingingo yo guheba kunywa itabi.”—Bivugwa na Sylvia wo muri Esupanye.

Ariko rero, akenshi usanga kugira umwiyemezo vyonyene bidahagije. Twoshobora kandi gukenera gufashwa n’abandi, harimwo umuryango n’abagenzi. None ni igiki bashobora gukora?