Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere imfashanyo

Nurondere imfashanyo

Nurondere imfashanyo

“Nah’umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira.”—Umusiguzi 4:12.

IGIHE dushigikiwe n’abandi, biba bishoboka rwose ko dutsinda umwansi, naho uwo mwansi yoba ari nde canke iki. Nimba rero ushaka gutsinda ingeso yo kunywa itabi, woba ubaye inkerebutsi urondeye gufashwa n’umuryango wawe be n’abagenzi bawe, canke uwundi muntu uwo ari we wese yogushigikira vy’ukuri akongera akakwihanganira koko.

Nurimbure ivyo kurondera gufashwa n’abahevye iyo ngeso, kubera yuko boshobora kugutahura bakanagufasha. Uwitwa Torben, uno akaba ari umukirisu wo muri Danemarike, avuga ati: “Gufashwa n’abandi vyarangiriye akamaro cane.” Uwitwa Abraham, uno akaba aba mu Buhindi, yandika ati: “Urukundo nyakuri umuryango wanje be n’abakirisu bagenzanje bangaragarije rwaramfashije guheba itabi.” Ariko rimwe na rimwe, mbere no gufashwa n’umuryango be n’abagenzi usanga bidahagije.

Umugabo umwe yitwa Bhagwandas avuga ati: “Namaze imyaka 27 nywa itabi, ariko kubera ko nize ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingeso zihumanye, naciye mfata ingingo yo kuriheba. Naragerageje kugabanya itabi nanywa. Narahinduye abagenzi. Kandi naragiye kurondera impanuro. Vyose vyabaye impfagusa. Amaherezo, umusi umwe mw’ijoro narabwiye Yehova Imana mw’isengesho ibiri mu mutima wanje, ndamutakambira ngo amfashe guheba itabi. Nagiye nza nariheba!”

Ikindi kintu gihambaye wokora ni ukwitegurira intambamyi zishobora kuzogushikira. Uti izo ntambamyi ni izihe? Ikiganiro gikurikira kirazisigura.

[Uruzitiro ku rup. 5]

WOBA UKWIYE GUKORESHA IMITI?

Urudandaza rw’imiti ifasha abanywa itabi kuriheba, nka mwene twa dutambara bamadika ku mubiri kugira twinjize mu maraso ubumara bwa nikotine buba buri muri two, rusigaye rwinjiza amahera menshi cane. Imbere y’uko utangura gukoresha mwene iyo miti, nurimbure ibibazo bikurikira:

Ifise akamaro akahe? Bivugwa yuko uburyo bwinshi bwo kuvura butuma bishoboka cane ko uheba itabi mu kugabanya ingaruka zishikira umuntu yarihevye. Ariko rero, hariho ukudahuza ivyiyumviro ku bijanye n’uko iyo miti yoba igira akamaro karamba.

Ni ingorane izihe ishobora guteza? Imiti imwimwe irashobora kugira ingaruka mbi, nko kugira iseseme, akabonge kadahera, be no kugira ivyiyumviro vyo kwiyahura. Nugume wibuka kandi yuko imiti umuntu afata igihe umubiri wumva ukeneye bwa bumara bwitwa nikotine ari ubundi buryo gusa bwo kwironsa ubwo bumara, na bwo nyene bukaba bushobora guteza ingorane z’amagara. Ku bw’ivyo rero, mu bisanzwe umuntu akoresha ubwo buryo aba aciziziwe n’itabi.

Ubundi buryo buhari umuntu ashobora gukoresha ni ubuhe? Mw’itohoza rimwe ryagizwe, ibice 88 kw’ijana vy’abantu bashoboye guheba itabi bavuze yuko bahevye bukwi na bukwi kunywa itabi batarinze gufashwa n’imiti.