Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye

Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye

Kata uru rupapuro uce urubika

Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye

“Mubandanye kugendera mu bukerebutsi . . . , mwicungurira umwanya ubereye.”—Abakolosayi 4:5.

UMAZE kumenya ibikorwa wipfuza gukora, urugamba ruba rusigaye ni urwo kurangura ivyo bikorwa uba wiyumviriye. Ivyiyumviro bikurikira vyoshobora kugufasha kubigira.

1 NUGUME UFISE URUTONDE RW’IVYO UKORA KU MUSI KU MUSI. Nutondeke ibikorwa wisunze ivyo uzoherako. Nushire ahabona ibikorwa ukwiye kumarako umwanya wiyongereye. Nushire akamenyetso ku gikorwa kimwekimwe cose igihe kiba kirangiye. Ibikorwa bitarangiye nubishire ku rutonde rw’ivyo uzokora bukeye.

2 NURABE NEZA KO IBIRANGAMISI VYAWE VYOSE BIRIKO AMAKURU AMWE. Ntuhave utakaza isango bivuye gusa ku kuba riri ku kindi kirangamisi cawe. Nimba ufise ikirangamisi muri orodinateri yawe, ikindi na co kikaba kiri mu kuma witwaza mu minwe, nurabe nimba ushobora kubishiramwo amakuru amwe.

3 NIWANDIKE UKUNTU UTEGEKANYA GUKORA IBINTU aho hakaba harimwo intambwe zerekeye umugambi munaka, kandi uzandike wisunze ukuntu zikurikirana.

4 MURI RUSANGI, NUSHIRE MU KIBANZA CA MBERE KU RUTONDE RWAWE IBIKORWA UBONA KO BIHAMBAYE KURUTA IBINDI. Bizorushiriza kukworohera kuronka umwanya wo gukora ibidahambaye cane.

5 NIWISHINGIRE IMIGAMBI USHOBORA GUSHIKAKO. Kuryohora ubuhanga ufise mu gukora igikorwa kinaka birashobora kukworohera kuruta kuba umukuru w’ishirahamwe ukoramwo.

6 NIWEMERE YUKO UTAZORONKA UMWANYA WO GUKORA IBINTU VYOSE. Nushire imbere ibikorwa bivamwo ibintu bihambaye kuruta ibindi. Tuvuge iki ku bijanye n’ibindi bikorwa vyihutirwa canke bibwirizwa gusa gukorwa? Nimba udashobora kubiheba canke kubishinga abandi, nurabe nimba ushobora kubimarako umwanya mutoya. Ibikorwa bimwebimwe bidahambaye woshobora kubikora haciye amezi nimba bikenewe, canke mbere ugasanga ntibikenewe yuko ubikora. Nuhebere umwanya mwinshi ushoboka ibikorwa bifitaniye isano n’ibintu ubona ko bihambaye koko wisunze imigambi ufise.

7 NIWANDIKE IBINTU UHORA UMARA UMWANYA URIKO URAKORA. Kugira ngo umenye aho umwanya wawe uja, numare indwi imwe canke zibiri wandika ibintu uhora umara umwanya ukora. Woba utakaza umwanya munini mu gukora ibintu bidahambaye? Vyinshi mu bintu biguciramwo vyoba vyama biva ku muntu umwe canke kuri babiri? Vyoba bishoboka cane ko habaho ibintu biguciramwo mu kiringo kinaka c’umusi canke c’indwi? Nukureho ibikorwa bituma utakaza umwanya vyisobetse mu rutonde rwawe.

8 NUTEGEKANYE GUKORA IBINTU BIKE. Nimba utegekanya kuja gusuma ibifungurwa, gukora umuduga, kwakira abashitsi, kuraba isenema be no gusoma, ivyo vyose ku musi umwe, uzokwumva ko ukora ibintu wihutagiza kandi birashoboka ko ata na kimwe kizokuryohera.

9 NUGABANYE IBIGUCIRAMWO. Nutegekanye umwanya ku musi ku musi aho ata kintu na kimwe ukwiye kureka ngo kiguciremwo kiretse gusa igihe biba bikenewe cane. Nimba bishoboka, nuzimye telefone yawe muri ico kiringo. N’ikindi kandi, nuzimye utuntu twose tuza turakumenyesha ibintu binaka nimba tuza turaguciramwo mu gikorwa cawe.

10 IGIKORWA KIGOYE KURUTA IBINDI, NUGISHIRE MU KIRINGO C’UMUSI AHO WUMVA KO UFISE INGUVU NYINSHI KANDI UTARARUHA MU BWENGE.

11 IGIKORWA KITAGUHIMBARA NUGIKORE VUBA BISHOBOKA. Kimaze kuva mu nzira, uzokwumva urushirije kugira inguvu zo gukora ibikorwa bitagoye cane.

12 NUTEGEKANYE UMWANYA W’IBINTU BISHIKA UTARI UVYITEZE. Nimba ubona ko ushobora gushika ahantu hanaka mu minuta nka 15, nusezerane ko uzohashika mu minuta 25. Nimba wibaza ko isango mwahanye n’umuntu riza kumara isaha, nutegekanye isaha n’iminuta 20. Mu gice kinaka c’umusi ntihagire ikintu utegekanya kugikoramwo.

13 NUKORESHE NEZA UMWANYA UMARA UTARATANDUKIRA IKINDI GIKORWA. Niwumvirize amakuru igihe uriko uramwa ubwanwa. Nusome igitabu igihe urindiriye umuduga canke uri muri wo. Birumvikana ko ushobora gukoresha uwo mwanya kugira ngo wiruhure. Mugabo ntuwupfishe ubusa maze mu nyuma ngo wicuze.

14 NIWOROSHE IGIKORWA. Nk’akarorero, nimba ubwirizwa gukubura imbere y’inzu yawe hacafuye kubera yuko hakorokeye amababi y’ibiti, woshobora kubona yuko ukubuye ahakorokeye amababi menshi woba umaze gukora igice kinini c’ico gikorwa.

15 IGIHE WUMVA KO WARENGEWE N’IGIKORWA, niwandike ku dupapuro ikintu kimwekimwe cose ukwiye gukora. Nuce ugabura utwo dupapuro mu migwi ibiri, umugwi w’ibikorwa vy’uno musi n’umugwi w’ibikorwa vy’ejo. Ejo hageze, urabigenza gutyo nyene.

16 UKO HACIYE IGIHE, NUZE URAFATA AKARUHUKO KUGIRA NGO UGARURE UDUTEGE. Gusubira ku bikorwa waruhutse mu bwenge no ku mubiri vyoshobora gutuma urangura vyinshi kuruta gukora umwanya wiyongereye.

17 IGIHE WIYUMVIRIYE IKINTU NUCE UCANDIKA. Niwandike ingorane ufise, usigure igituma iguhagaritse umutima, wongere ugire urutonde rw’ibintu vyinshi bishoboka wiyumvira yuko wokora kugira ngo uyitorere umuti.

18 NTUBE UMUNTU ARONDERA GUKORA IBINTU MU BURYO BUTAGIRA AGAHAZE. Numenye igihe haba hageze ko uhagarika igikorwa wariko urakora kugira ngo utandukire ikindi gihambaye.

19 NUKORE UTIZIGANYA. Nturindire gushika igihe wumva ko umerewe neza. Nutangure igikorwa udatebaganye.

20 NUHUZE N’UKUNTU IBINTU VYIFASHE. Ivyo ni ivyiyumviro vyatanzwe, si amategeko ntabanduka. Nubigerageze, urabe ibigufitiye akamaro, maze uhuze ivyo vyiyumviro n’ukuntu ivyawe vyifashe be n’ivyo ukeneye.