Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukeneye umwanya wiyongereye?

Woba ukeneye umwanya wiyongereye?

Woba ukeneye umwanya wiyongereye?

NIMBA washize akamenyetso ku ciyumviro ca kabiri canke ca gatatu kuri ivyo bibazo biri kumwe n’iki kiganiro, birashoboka cane ko ukeneye koko umwanya wiyongereye. Kandi si wewe wenyene. Ahantu nka hose abantu bari mu mukazo wo gukora ivyo bategerezwa gukora, kandi ivyo vyoshobora kuba ata ho bihuriye no gukora ibihambaye vy’ukuri kuri bo. Ahubwo riho, vyoshobora kuba bitumwa n’uko bitwararika gusa ikintu cose kiba gikeneye gukorwa ubwo nyene, nko gukora umuduga, gukora ivyo umukoresha abasavye no gutorera umuti ibintu bishika bitari vyitezwe. Uko witwararika ikintu kimwekimwe cose kitoroshe, woshobora kwiyumvamwo yuko udashobora gucungera ingene ukoresha umwanya wawe. Woshobora mbere kwumva ko ukora ibintu wihutagiza mu buzima, utabuhimbarirwa.

Birumvikana ko wibwira yuko ivyo bizomara igihe gito. Wibwira yuko ibintu bizoteba bikagenda buhorobuhoro mu buzima, maze ukaronka umwanya wo kwitwararika ibintu bihambaye koko kuri wewe, ni ukuvuga ibintu bituma ubuzima bwawe, ubw’umuryango wawe be n’ubw’abandi, burushiriza kugira intumbero. Ariko none ivyo bizoba ryari? Woba ubona yuko ushobora kuronka umwanya wiyongereye mu rutonde rw’ivyo uza gukora uyu musi? Mu vyo uzokora muri iyi ndwi? Mu kwezi kuza?

Tuvugishije ukuri, birashoboka cane ko ibintu vyo muri iyi si igukikuje bitazogenda buhorobuhoro. Ariko urashobora kugira ico ukoze kugira ngo uronke umwanya ukeneye. None ivyo wobigira gute?

[Uruzitiro ku rup. 25]

Ni kangahe uhora uronka umwanya wo gukora ibintu bihambaye koko kuri wewe?

Imisi yose

Ku mpera z’imishamvu

Gake cane

Mu kiringo c’umusi, woba . . .

ukora ivyo uba wategekanije gukora?

ukora ivyo utegekwa gukora bikakubuza gukora ivyo uba wategekanije?

uca ukora ikintu cose bagusavye gukora?

Mu kiringo c’umusi, woba wumva . . .

ko ushoboye gucungera ukuntu ibintu vyifashe mu buzima bwawe?

ko uri mu mukazo wo gushitsa ibintu bidategereka bagusaba?

ko ata kundi uri bugire atari kuva ku gikorwa kimwe uja ku kindi?

Iyo umusi urangiye, woba . . .

usanga waranguye ibintu bihambaye?

usanga wasozereye igikorwa gikenewe, kumbure nabinabi?

usanga utaronse umwanya wo gukora ibintu bihambaye koko?

Akenshi wumva umerewe gute ku mpera y’umusi?

Ushize akanyota kandi uhimbawe

Ko ata co washitseko, urushe kandi uranze imitsi

Ushavuye