Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukwiye kuriha ibikorwa ukorerwa mu vy’idini?

Woba ukwiye kuriha ibikorwa ukorerwa mu vy’idini?

Twisunze Bibiliya

Woba ukwiye kuriha ibikorwa ukorerwa mu vy’idini?

MU BIHUGU vyinshi, indongozi z’amadini yiyita aya gikirisu be n’iz’amadini atari aya gikirisu usanga zirihisha ibikorwa zikorera abantu mu vy’idini. Muri ivyo bikorwa hoshobora kuba harimwo ukubatiza abantu, ubugeni canke amaziko. Amahera barihisha ashobora gushika ku bihumbi amajana n’amajana canke mbere agashika ku mamiliyoni.

Abakuru b’amadini bamwebamwe usanga barihwa na leta kubera ko bakoze ibikorwa bijanye n’imisi mikuru be n’ivyo kwitwararika abantu no kubera yuko bama batura amasengesho yugurura amanama y’abashingamateka n’abakenguzamateka. Bene ivyo bikorwa vyoshobora gushimwa, kandi usanga amadini akeneye amahera yo gukoresha. Ariko none, Bibiliya yoba ishigikira mwene iyo migenzo igirwa yo kurihisha abantu amahera ku bijanye n’ibikorwa bakorerwa mu vy’idini canke mbere yo gutuma biyumvamwo yuko bategerezwa kuyariha?

Yoba yari “inzu y’urudandaza”?

Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, abakuru b’idini ry’Abayuda be n’abandi bantu barakoresha imisi mikuru ijanye n’idini kugira ngo bironderere inyungu, na canecane mu gihe ca Pasika. None Yezu yoba yarashimye ico kintu bakora? Oyaye! Nkako Bibiliya itubwira yuko ‘yasheshe ibiceri vy’abakaba amahera yongera ahenagura amameza yabo.’ Yavuze ati: “Reka kugira iyi nzu ya Data inzu y’urudandaza!”—Yohani 2:14-16.

Ikintu nk’ico carashitse mu gihe c’umuhanuzi Mika, uwabayeho mu kinjana c’umunani B.G.C. Bibiliya ivuga ko indongozi zo mu vy’idini za Isirayeli ‘zazinukwa imanza ziroranye’ be n’uko abaherezi “bigishiriza ingero.” Yamara, muri ico gihe nyene, bivugisha yuko Imana ibashigikiye, bati: “Mbeg’Uhoraho ntari muri twebge?” (Mika 3:9, 11) Ariko Yehova ntiyari muri bo ngo abashigikire. Ahubwo riho, yaranka urunuka inyifato yabo kandi yarabitomoye neza cane biciye ku muhanuzi wiwe.

Muri iki gihe indongozi nyinshi z’amadini zirakoresha ubwo buryo nyene burangwa umwina, gutyo zikaba zitumye ibibanza vyazo vyo gusengeramwo bicika ‘inzu z’urudandaza.’ Nkako, amashirahamwe y’ivy’idini afatiwe hamwe arakora ivy’urucuruza, akenshi akaba agira urudandaza rwinjiza amahera menshi cane mu kugurisha ibishushanyo be n’ibindi bintu vyinshi cane bikoreshwa mu vy’ugusenga. *1 Yohani 5:21.

“Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu”

Igihe Yezu yashinga intumwa ziwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, gukiza abarwaye, mbere no kuzura abapfuye, yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:7, 8) Egome, abayoboke biwe b’ukuri ntibari kwaka abantu amahera kubera ibikorwa babakorera. Vyongeye, Yezu ubwiwe yaratanze akarorero mu gusukurira abandi atarinze kubasaba amahera.

Mu gukurikiza akarorero Yezu yatanze, intumwa Paulo yararanguye ubusuku bwiwe “ku buntu.” (1 Abakorinto 9:18) Igihe yaba akeneye amahera, yarakora akazi ko kujisha amahema. (Ibikorwa 18:1-3) Ni co gituma yashoboye kuvuga ku bimwerekeye no ku vyerekeye abo bakorana igikorwa c’ubumisiyonari ati: “[Ntituri] abagenda bacuruza ijambo ry’Imana nk’uko benshi bagira.” (2 Abakorinto 2:17) Ariko none, tuvuge iki ku bijanye no kuronka amahera ishengero rikoresha, kumbure mu kugura canke mu gukota ikibanza co gusengeramwo?

“Imana ikunda uwutangana akamwemwe”

Ivyabona vya Yehova bararonka amahera bakeneye biciye ku ntererano abantu batanga bavyishakiye. Barashira mu ngiro ingingo ngenderwako igira iti: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Abakorinto 9:7) Ku bw’ivyo, Ivyabona ntibasaba abantu ngo barihe amahera kubera ibitabu babaha canke kubera ibikorwa babakorera mu vy’idini, nko kubatiza, ubugeni canke amaziko. Eka kandi ntibasaba ibigiracumi canke ngo batembereze inkoko zo gutororokanya imperezwa ku makoraniro yabo. Umuntu uwo ari we wese yipfuza gutanga intererano zishigikira igikorwa co kwamamaza barangurira kw’isi yose, arashobora kubigira biciye ku dusandugu tw’intererano tuba twarashizwe ahantu hasa n’ahiherereye mu bibanza basengeramwo.

Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova baratanga amahera yo gushigikira Ingoro zabo z’Ubwami, Ingoro zabo z’amateraniro, ibiro vyabo vy’amashami, amacapuriro yabo be n’ibikorwa bagira vyo gutabara abashikiwe n’ivyago, biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Bamwebamwe, nka kurya kwa wa mupfakazi w’umukene Yezu yakeza, usanga bashoboye gutanga bike gusa. (Luka 21:2) Abandi usanga bashoboye gutanga vyinshi. Uko vyoba biri kwose, abumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze bagatanga bivanye n’uburyo bafise, barumva ko bashize akanyota, bagahezagirwa cane n’Imana kandi bakagira agahimbare nyakuri.—Ibikorwa 20:35; 2 Abakorinto 8:12.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Twisunze Bibiliya: Twoba dukwiye gukoresha ibishushanyo mu gusenga Imana?” muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Myandagaro 2008.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Ni ibiki Yezu yabwiye abariko baradandariza mu rusengero?—Yohani 2:14-16.

● Intumwa Paulo, uno akaba yari umukirisu, yoba yaremeye ko bamuha amahera kubera ibikorwa yakora bijanye n’ivy’idini?—2 Abakorinto 2:17.

● Ni ugutanga ukuhe guhimbara Yehova?—2 Abakorinto 9:7.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]

“Reka kugira iyi nzu ya Data inzu y’urudandaza!”—Yohani 2:14-16