Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amadayimoni ni bande?

Amadayimoni ni bande?

Twisunze Bibiliya

Amadayimoni ni bande?

IMIZIMU, ibihume, ibisigo, ibitega, amadayimoni ni ibiremwa vy’impwemu abantu bo mu madini atandukanye bemera, kandi bakabona ko bigira nabi canke neza kibure bikabikora vyompi. Abandi usanga batemera ko ibiremwa vy’impwemu bibaho kubera ko bavuga yuko ari ukwemera ibintazi canke ko ari ibintu abantu bapfa kwiyumvira. None Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya yigisha yuko Umuremyi ubwiwe ari Impwemu be n’uko ibiremwa vyiwe vya mbere vyari impwemu, ari bo bamarayika. (Yohani 4:24; Abaheburayo 1:13, 14) Vyongeye, Bibiliya iravuga ibijanye n’ibiremwa vy’impwemu bibi, rimwe na rimwe ikaba ivuga ko ari amadayimoni. (1 Abakorinto 10:20, 21; Yakobo 2:19) Mugabo ntiyigisha ko Imana ari yo yaremye amadayimoni. None amadayimoni ni bande kandi yakomotse he?

“Ba bamarayika bacumura”

Igihe Imana yarema ibiremwa vy’impwemu, yarabihaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, bikaba vyari bishoboye kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi. Ikibabaje ni uko aho abantu bamariye kuremwa, hari igitigiri kitazwi c’abamarayika bahisemwo gukora ikibi mu kugarariza Imana.

Ikiremwa c’impwemu karuhariwe mu gukora ikibi cabaye ica mbere mu kugarariza ni Shetani. Yezu Kristu yavuze ati: “Ntiyashikamye mu kuri.” (Yohani 8:44) Ni igiki catumye Shetani arwanya Imana? Yaratanguye kwipfuza cane ugusengwa kwegukira Umuremyi gusa, aca akora ahuza n’ico cipfuzo mu kwigira ikimana kimurwanya. Muri ubwo buryo yarigize “Shetani,” rino rikaba ari ijambo risobanura ngo “umurwanizi.” Haciye imyaka amajana n’amajana, imbere ya rya Segenya ryaba mu gihe ca Nowa, hari abandi bamarayika bifatanije na Shetani, baraheba ikibanza bari bafise mw’ijuru kugira ngo biyambike imibiri y’abantu maze babe kw’isi. (Itanguriro 6:1-4; Yakobo 1:13-15) Igihe rya Segenya ryaba, biboneka yuko “ba bamarayika bacumura” bari biyambitse imibiri y’abantu basubiye mu karere k’impwemu. (2 Petero 2:4; Itanguriro 7:17-24) Mu nyuma, bahavuye bitwa amadayimoni.—Gusubira mu vyagezwe 32:17; Mariko 1:34.

Abo bamarayika bagambaraye baciye basanga ivyabo vyifashe mu buryo butandukanye cane n’uko vyari vyifashe igihe batari bwagambarare. Muri Yuda 6 havuga hati: “Abamarayika batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye, [Imana] yarababitse bariko imvuto z’ibihe bidahera munsi y’umwiza w’umuzitanya, ku bw’urubanza rwo kuri wa musi uhambaye.” Egome, Imana ntiyaretse ngo ayo madayimoni asubirane uduteka yahora afise mw’ijuru mugabo yayashize mu “vyobo vy’umwiza w’umuzitanya” vy’ikigereranyo, ntibaba bagisubira kumurikirwa mu vy’impwemu.

“Azimiza isi yose”

Naho biboneka ko amadayimoni atemerewe gusubira kwiyambika imibiri y’abantu, aracafise ububasha bukomeye be n’akosho gakomeye ku mizirikanyi y’abantu no ku buzima bwabo. Nkako, Shetani, ari kumwe n’amadayimoni yiwe amasinzi n’amasinzi, “a[ra]zimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:9; 16:14) Uti gute? Ahanini abigira abicishije ku “nyigisho z’amadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Izo nyigisho z’ikinyoma, akenshi zikaba ari izijanye n’idini, zarahumye imizirikanyi y’abantu amamiliyoni ngo ntibamenye ukuri kwerekeye Imana. (2 Abakorinto 4:4) Rimbura uburorero bumwebumwe.

Inyigisho y’uko abapfuye bakiri bazima. Amadayimoni abicishije ku kubonekera abantu, ku majwi, no ku bikorwa vy’uruyeri, arahenda abantu bakemera yuko abakiriho bashobora kuvugana n’abapfuye. Vyongeye, urwo ruhendo rurimwo uruyeri ruratuma abantu bamwebamwe bemera ikinyoma kivuga yuko mu muntu hari ikintu kibandanya kubaho iyo apfuye. Ariko rero, Bibiliya ivuga itomora iti: “Abapfuye, nta co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5, 6) Kubera yuko ‘bamanutse bakaja ahantu h’agacerere,’ ntibashobora mbere gushemeza Imana.—Zaburi 115:17. *

Ukutisunga ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu. Muri 1 Yohani 5:19 havuga hati: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” Shetani n’amadayimoni yiwe barakoresha ububasha bafise mu kwikora ku bimenyeshamakuru no ku bundi buryo kugira ngo baremeshe iciyumviro kibi c’uko ngo abantu bakwiye kworohera ivyipfuzo vy’umubiri. (Abanyefeso 2:1-3) Ni co gituma ubuhumbu bw’uburyo bwose, harimwo n’uguhuza ibitsina kw’agahomerabunwa, bwiraye muri iki gihe. Inyifato nk’iyo usanga mbere ibonwa ko isanzwe, mu gihe ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zozo akenshi zibonwa ko zataye igihe canke zirimwo ukurenza urugero.

Ukuremesha ivy’ubupfumu. Intumwa Paulo yarahuye n’umusukukazi umwe yari yarigaruriwe n’ “idayimoni y’ukuragura,” ino ikaba yatuma ashobora “[ku]ronsa ba shebuja inyungu nyinshi mu kuragura.” (Ivyakozwe 16:16) Kubera ko Paulo yari azi aho ubushobozi burengeye ubw’abantu uwo mwigeme yari afise bwakomoka, yaranse kumwumviriza. N’ikindi kandi, ntiyipfuza kubabaza Imana, yo ibona ko ubwoko bwose bw’ubupfumu, harimwo n’ivyo kuragurira ku nyenyeri be n’ivyo kwitura ibiremwa vy’impwemu, ari ikintu gisesemye.—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

Niwikingire amadayimoni

Ushobora gute none kwikingira ibiremwa vy’impwemu bibi? Bibiliya yishura iti: “Muyobokere Imana . . . ; mugabo murwanye Shetani, na we azobahunga.” (Yakobo 4:7) Turakurikiza iryo tegeko igihe tubaho twisunga inyigisho zo muri Bibiliya, co gitabu conyene ceranda gishira ku kabarore mu buryo bushitse Shetani, amadayimoni, be n’ “amayeri” yabo, ari vyo bikorwa vyabo vy’uruyeri. (Abanyefeso 6:11; 2 Abakorinto 2:11) Bibiliya itubwira kandi yuko ibiremwa vy’impwemu bibi, hamwe n’abarwanya Imana bose, batazokwamaho. (Abaroma 16:20) Mu Migani 2:21 havuga hati: “Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo.”

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe koko be n’icizigiro c’izuka gishingiye kuri Bibiliya, turakwinginze urabe ikigabane ca 6 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Imana yoba ari yo yaremye amadayimoni?—2 Petero 2:4.

● Woba ushobora kuvugana n’abapfuye?—Umusiguzi 9:5, 6.

● Ushobora gute kwikingira amadayimoni?—Yakobo 4:7.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]

Amadayimoni aragerageza kwosha abantu mu buryo bwinshi