Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Coshobora kuba ari ikintu gisanzwe nk’ururirimbo”

“Coshobora kuba ari ikintu gisanzwe nk’ururirimbo”

“Coshobora kuba ari ikintu gisanzwe nk’ururirimbo”

Uwitwa Juliana yari umukirisu mukundwa ageze mu zabukuru wo muri Filipine yari yarafashwe na ya ndwara ituma ubwonko bwononekara yitiriwe Alzheimer. Ntiyari akimenya mbere n’abana biwe. Naho vyari ukwo, igihe cose naba ndi muri ako karere naraja kumuraba.

Juliana ntiyava mu gitanda, akaba yarabira gusa mw’idirisha. Vyarangora kuba kumwe na we, kubera yuko atari akinyibuka. Yarakanura amaso ariko arandaba, mugabo ndamuravye mu maso, nta kintu na kimwe canyereka ko yanyibutse. Igihe kimwe naramubajije nti: “Woba uciyumvira ivyerekeye Yehova?” Naciye ndamwiganira ikintu cari cashitse mu busuku hanyuma ndamubaza utundi tubazo, mugabo nta kintu na kimwe canyeretse ko yatahuye. Naciye rero ntangura kuririmba ururirimbo rumwe. Ivyakurikiye vyarakora ku mutima cane!

Juliana yarahindukije umutwe arandaba, aca atangura kumfasha kuririmba! Bidatevye, vyarabaye ngombwa ko ndeka kuririmba kubera yuko ntari nzi ku mutwe amajambo yose y’urwo ruririmbo mu rurimi rw’igitagalogi ruvugwa muri ako karere. Mugabo Juliana yarabandanije kuririmba. Yaribuka ibitero vyose vy’urwo ruririmbo uko ari bitatu. Naciye ubwo nyene nsaba uwo twari kumwe ngo aje gutira igitabu c’indirimbo Icabona umwe yaba hafi y’aho. Yaciye agaruka akizanye. Sinari nzi inomero y’urwo ruririmbo ariko igihe nazingurura ico gitabu nasanze ari rwo nguyeko. Twaciye turirimbira hamwe urwo ruririmbo rwose! Igihe nabaza Juliana nimba hoba hari izindi ndirimbo yibuka, yaciye atangura kuririmba ururirimbo rwa kera rwo muri Filipine ruvuga ivy’urukundo.

Naciye ndamubwira nti: “Oya, Juliana, sindakubajije ururirimbo rwo kw’iradiyo ahubwo ndakubajije ururirimbo rwo ku Ngoro y’Ubwami.” * Naciye ntangura kuririmba urundi ruririmbo rwo mu gitabu cacu c’indirimbo, na we aca atangura kumfasha kuririmba. Mu maso hiwe harangwa umunezero. Ivyo gukanura andaba ata gishika vyari vyaheze, akamwemwe kakaba kariko karamusya.

Ico gihe ababanyi bari basidukanye n’iyonka baje kuraba aho abo bantu bariko bararirimbira. Barahagaze kw’idirisha batwitegereza bongera batwumviriza. Vyari biteye umunezero kubona ingene Juliana yari yakozwe ku mutima n’ukwo kuririmba! Kwari kwatumye yibuka amajambo ya nya ruririmbo.

Ico kintu cabaye caranyigishije yuko umuntu adashobora kumenya ikintu cokora ku mutima abantu badashobora ahanini gutahura ivyo abandi bavuga canke kuganira na bo. Coshobora kuba ari ikintu gisanzwe nk’ururirimbo.

Budakeye na kabiri ico kintu gihejeje kuvugwa kibaye, Juliana yarapfuye. Naributse ico kintu igihe nariko ndumviriza za ndirimbo nshasha zikora ku mutima zafashwe amajwi zasohorwa n’Ivyabona vya Yehova mu 2009. Hari aho woshima kubaza mu karere iwanyu ukuntu woronka izo ndirimbo ziryoheye ugutwi kandi zikora ku mutima.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Ni ko aho Ivyabona vya Yehova bagirira amakoraniro hitwa.