Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wobitorera umuti

Ingene wobitorera umuti

Ingene wobitorera umuti

NIMBA ufise irungu, vyoshobora kuba ngirakamaro wibajije uti: ‘Hoba hari ico nokora kugira ngo ibintu birushirize kugenda neza? Noba nkeneye kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje? Nimba ndabikeneye, ni ibihe?’ Ibibazo bikurikira vyoshobora kugufasha kwisuzuma maze ugatora umuti umara akanyota.

Noba nkeneye guhindura ukuntu mbona ibintu?

Uwo ari we wese arashobora kugira irungu. Mugabo iyo nyiyumvo mbi iba ingorane koko igihe gusa ibandanije. Igihe ibandanije, ivyo vyoshobora kuba ari ikimenyetso cerekana yuko hariho ikintu kitagenda neza mu bijanye n’ukuntu ubona ubuzima. Iyo ngorane yoshobora guterwa n’ukuntu uvyifatamwo igihe uri kumwe n’abandi. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, abantu bamwebamwe boshobora gusanga bizitiriyeko batanabizi bakoresheje mwene vya bitsinga bihanda, bagatuma abandi batabagira abagenzi. Rimwe na rimwe ikintu gusa umuntu aba akeneye ni uguhindura ukuntu abona ibintu.

Rimbura ivyashikiye Sabine igihe yimukira mu Bwongereza. Yavuze ati: “Bisaba igihe kugira ngo abantu baheruka kuba abagenzi bizigirane ku buryo umwe wese yumva ko yisanze be n’uko atekaniwe igihe ari kumwe n’uwundi. Ubona gute none ubajije abandi ibijanye n’ukuntu barezwe canke ivyo bakuriyemwo? Hari uwambwiye ati: ‘Nta mico kama n’imwe itagira agahaze. Muri iyo mico kama yose nuhitemwo ico ubona ko ari ciza kuruta ibindi.’ ” Egome, nk’uko Sabine yaremeshejwe kubigira, hari aho wokwipfuza kurondera ibintu vyiza mu mico kama y’abandi bizokugirira akamaro kugira ngo uvyigane.

Noba nikumira?

Woshobora kwibaza uti: ‘Noba nkunda kwikumira? Abandi boba borushiriza kungaragariza umutima mwiza mu gihe nanje norushiriza kuwubagaragariza?’ Nimba ubona ko ivyo vyoshobora kuba ari ukwo biri, niwihatire kugaragariza abandi umutima mwiza. Uwitwa Roselise w’imyaka 30, uno akaba yarimukiye mu Bwongereza avuye i Gwadelupe, yavuze ati: “Abantu bagira irungu usanga bakunda kwigungira ukwabo.” Ni co gituma yatanze impanuro igira iti: “Nurondere abandi na bo nyene basa n’abafise irungu. Niwibwirize kubayagisha. Rimwe na rimwe bisaba gusa ko ubaza ikibazo kugira ngo utanguze ubugenzi buramba.”

Ariko rero, bisaba igihe n’akigoro kugira ngo habe ubugenzi somambike. Uburyo bwiza bwo gutangura ubwo bugenzi ni ukwiga kwumviriza. Niwatega yompi uwundi muntu, uzoshobora kuyaga ibintu abona ko bimushimisha. Uribuka yuko kubabara abandi bituma haba ubugenzi!

Noba mfise ingorane yo kubona ibintu mu buryo butabereye?

Kwikengera birashobora kukubuza gutanguza ubugenzi. Niwibaze uti: ‘Noba mfise agatima katabereye ko kwiyumvira ibinyerekeye mu buryo butabereye ?’ Uwitwa Abigaïl w’imyaka 15 wo muri Gana, yiyemerera ati: “Vyarashika nkagira ivyiyumviro bitabereye vyatuma ngira irungu. Nariyumvamwo ko ntakundwa be n’uko ata co maze.” Urashobora guhera amazinda yuko niwibwiriza kwegera abandi ukabafasha mu buryo bunaka, batazobona ko ata co umaze. Hari aho na bo nyene boca bagira ico bakoze mu kugusaba ko wobabera umugenzi. Ubona gute none uteye intambwe ya mbere?

Kubona ibintu mu buryo bwiza na vyo nyene bizogufasha kugiranira ubugenzi n’abantu mutangana. Kugiranira ubugenzi n’umuntu asa n’uwukuruta canke asa n’uwo uruta birashobora kuvamwo ivyiza. Ikintu nyamukuru cafashije uwukiri muto Abigaïl gutsinda irungu yari afise kwabaye ukwibwiriza kugiranira ubugenzi n’abamuruta. Yasiguye ati: “Narungukiye ku kuba bari bazi utuntu n’utundi mu buzima.”

Noba nguma aha jenyene?

Abantu benshi bafise irungu hari ukuntu bumva baruhuriwe mu kumara umwanya munini bariko bararaba televiziyo canke bariko barakina udukino two kuri videwo, kibure mu kumara amasaha n’ayandi bari kuri orodinateri yabo. Ariko igihe bazimije ivyo bikoresho, baca basubira kugira irungu. Uwitwa Elsa w’i Paris, akaba afise imyaka 21, yiyemerera ati: “Televiziyo n’udukino two kuri videwo birashobora kumera nk’ikiyayuramutwe cizizira umuntu ku buryo ataba acipfuza kurondera abagenzi.”

Ikibi kiri mu kuraba televiziyo ni uko idatuma umuntu aronka uturyo two guhanahana ivyiyumviro canke two kugiranira ubugenzi n’abandi. N’udukino two kuri videwo ni ukwo; turatuma abantu baja mw’isi itabaho, ino ikaba ica ikamangana igihe nyene baretse kudukina. Gupfa kwugurura imihora yo kuri Internet ata ntumbero ufise birashobora gutuma wumva yuko irungu riheze, mugabo birashobora kandi gutuma wishira mu kaga ko kuraba ibintu vyerekana ubushegabo canke kugiranira imigenderanire n’abantu bahisha ico bari. Kuri Internet si ahantu heza ho kuronderera abagenzi beza.

Noba ndiko ndarondera uwo twokwubakana?

Abantu bamwebamwe batarubaka izabo boshobora kurondera uwo bubakana kugira gusa bakire irungu. Ego ni ko, uwo mwubakanye w’umutima mwiza kandi akundana arashobora gutuma ugira umunezero mwinshi mu buzima, ariko rero uraba maso ntiwihutire gufata ingingo ihambaye nk’iyo yo kwubaka.

Kwubaka urwawe si vyo bica bituma ukira irungu. Bivugwa yuko abubakanye bafise ingorane mu bijanye no kuganira bari “mu bantu bafise irungu kuruta abandi bose mw’isi.” Ikibabaje ni uko abantu ivyabo vyifashe gutyo usanga ari benshi cane kuruta uko umuntu yovyibaza. Nimba rero wipfuza kuzokwubaka urwawe umusi uri izina, ubona gute utoreye umuti ingorane ufise yo kugira irungu imbere y’uko ukundana n’umuntu? Ugize ivyo uhinduye mu nyifato yawe no mu ngeso zawe ukongera ukibwiriza kurondera abagenzi mu gihe utarubaka urwawe, woshobora rwose kuba uriko urashiraho umushinge ukomeye w’umubano w’ababiranye urangwa agahimbare.

Urashobora kwihanganira irungu

Hari aho utoshoka utorera umuti irungu ufise. Mugabo urashobora kwihangana mu gukurikiza rya Tegeko ry’agakura ryashikirijwe na Yezu. Yavuze ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Nimba rero wipfuza ko abandi bakugaragariza umutima mwiza, nubagaragarize umutima mwiza nawe. Nimba wipfuza ko abandi baguserurira akari ku mutima, nubaserurire akari ku mutima nawe. Abandi boshobora kudaca bagira ico bakoze ubwo nyene, mugabo uko hazoca igihe hari abazogira ico bakoze. Naho nyene batogira ico bakoze, uzorushiriza kugira agahimbare kubera ko uzoba wagerageje.

Yezu yaravuze ukundi kuri guhambaye gushobora kugufasha kwihanganira irungu ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Niwatanga umwanya wawe kugira ngo ufashe abandi, nk’akarorero ugafasha umwana gukora agakorwa yahawe kw’ishure ko gukorera i muhira canke ugafasha uwugeze mu zabukuru gusuma kibure gusukura inzu yiwe canke ubusitani bwiwe, uzorushiriza guhimbarwa kandi kumbure utanguze ubugenzi nyakuri.

Nurondere abagenzi beza kuruta abandi bose

Hariho ubundi buryo ngirakamaro butandukanye bwogufasha kwihanganira irungu. Niwoye kwigungira mu nzu yawe. Nimba bishoboka, nuje gutembera muri mwene vya bibanza vyo kwisamarizamwo canke mu gihugu hagati. Igihe uri wenyene i muhira nukoreshe umwanya wawe mu gukora ibikorwa bituma ukoresha ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira, nko kubarira, gukora udukorwa two mu rugo canke gusanura ibintu, kibure gusoma. Hari umuntu yanditse ati: “Igihe cose ngize umubabaro maze nkamara isaha imwe ndiko ndasoma nca numva nduhuriwe.” Abantu benshi barumva baruhuriwe na canecane igihe basomye amazaburi yo muri Bibiliya.

Abahinga bavuze yuko umuntu yifatanije n’abo basangiye ukwemera bishobora kumufasha gutsinda irungu kandi ko bishobora no kugirira akamaro amagara. None abantu bihatira gukurikiza rya Tegeko ry’agakura wobasanga hehe? Mu gitabu kimwe kivuga ibijanye n’amadini, hari umuntu umwe yihweza utuntu n’utundi atagira aho ahengamiye yanditse ati: “Uravye ukuntu Ivyabona [vya Yehova] babaho mu mashengero yabo, usanga bagize ikibano nyakuri kirangwa no kwizigirana be n’ukudakumirana.”

Yezu yaratanze icokwitwa ikimenyetso kiranga ubukirisu nyakuri igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Urwo rukundo, urwo umuntu abanza kugaragariza Imana hanyuma akarugaragariza abo basangiye ugusenga, ni co canecane kiranga abasenga mw’idini y’ukuri.—Matayo 22:37-39.

Kugiranira ubugenzi n’Imana ni bwo buryo bwiza cane kuruta ubundi bwose bwogufasha gutsinda irungu. Igihe Imana ari umugenzi wawe, ntushobora kwigera wiyumvamwo yuko uri wenyene!—Abaroma 8:38, 39; Abaheburayo 13:5, 6.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 24]

Ingene Ntsinda Irungu Mba Mfise

Anny, akaba ari umupfakazi, avuga ati: “Ndagerageza gucungera ivyiyumviro vyanje no kubona mu buryo bwiza ukuntu ivyanje vyifashe.”

Carmen, akaba atarubaka urwiwe, avuga ati: “Narize kutagumiza umutima kuri kahise ahubwo nkagerageza gutera ngana imbere maze nkarondera abagenzi bashasha.”

Fernande, akaba ari umupfakazi, avuga ati: “Igihe ugize akigoro ko gufasha abandi, uca wibagira ingorane zawe.”

Jean-Pierre, akaba atarubaka urwiwe, avuga ati: “Nama ngira ingendo ndende, muri ico gihe nkaserurira Imana ibiri mu mutima biciye kw’isengesho.”

Bernard, akaba ari umupfakare, avuga ati: “Nguma mpanahana amakuru n’abagenzi banje biciye kuri telefone, atari ukugira ngo niyibutse ibintu bibabaje vyabaye kera, ahubwo kugira ngo mpimbarwe no kuguma mpanahana amakuru n’abandi.”

David, akaba atarubaka urwiwe, avuga ati: “Naho nsanzwe ndi umuntu akunda kuba ukwa wenyene, naragize akigoro kadasanzwe ko guserurira abandi akari ku mutima.”

Lorenna, akaba atarubaka urwiwe, avuga ati: “Ndibwiriza kwegera abantu maze nkabagira abagenzi.”

Abigaïl, afise imyaka 15, avuga ati: “Ndamara umwanya ndi kumwe n’abagenzi bakuze maze nkungukira ku kuba bazi utuntu n’utundi.”

Cherry, akaba atarubaka urwiwe, avuga ati: “Mbona yuko mu gihe ubwiye abantu yuko ufise irungu, baca barushiriza kugira akigoro ko kukugaragariza umutima mwiza.”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 25]

IVYO WOKORA KUGIRA NGO UTSINDE IRUNGU

Nubone ibintu mu buryo bwiza

Nugabanye ivyo kwisamaza uri wenyene, nko kuraba televiziyo

Nurondere abagenzi baha agaciro ivyo nawe uha agaciro, harimwo n’abantu mutangana

Ikiruta vyose, nurondere kugiranira ubugenzi n’Imana

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]

Nugiranire ubugenzi n’abantu mutangana