Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kumenya ibintu bituma abantu bagira irungu

Kumenya ibintu bituma abantu bagira irungu

Kumenya ibintu bituma abantu bagira irungu

KUGIRA irungu si cokimwe no kuba umuntu ari wenyene. Ahubwo nyabuna, kugira irungu akenshi bishaka kwerekana yuko umuntu aba ari wenyene kandi akumva yipfuza cane kuba ari kumwe n’abandi. Kuba umuntu ari wenyene birashobora kwerekeza ku gihe aho usanga umuntu atari kumwe n’abandi bivuye ku gushaka kwiwe.

Mu bihe bimwebimwe rero umuntu arashobora kwipfuza kuba ari wenyene. Abantu benshi barakunda kuba ari bonyene kugira ngo basenge canke bazirikane, nk’uko Yezu Kristu yabigira. (Matayo 14:13; Luka 4:42; 5:16; 6:12) Kugira irungu vyovyo biratuma umuntu atuntura. None ni ibiki bishobora gutuma umuntu agira irungu?

Kuba uri wenyene mu bisagara vyuzuyemwo abantu

Mu bisagara bininibinini usanga abantu ibihumbi n’ibihumbi, eka mbere amamiliyoni n’amamiliyoni, babana begeranye cane. Yamara, biratangaje kubona ukwo kuntu abantu babaho begeranye cane bituma abantu barushiriza kugira irungu. Kuba abantu bo mu gisagara bafise vyinshi bacurumbamwo birashobora gutuma benshi batamenyana neza n’ababanyi babo. Ni co gituma ababa mu gisagara baruhira gusanga baba mu bantu batazi. Kuba umuntu adakunze kwizigira abantu atazi no kuba atipfuza ko hagira uwumwinjirira mu buzima vyoshobora koko kuba bimwe mu bintu nyamukuru bituma abantu bo mu bisagara bininibinini bagira irungu.

Kudafata neza abakozi

Ukuntu amashirahamwe maninimanini menshi y’ivy’urudandaza be n’amahinguriro maninimanini menshi bitunganije vyaratumye abakozi babikoreramwo bo mu nzego zose bagira irungu kandi bumva ko ata co bashoboye. Akenshi usanga abakozi babandanya gushirwako imikazo no guhagarika umutima.

Vyongeye, mu mashirahamwe maninimanini, kuba abakozi baguma bahindurirwa aho bakorera biratuma bumva badatekaniwe, bari ukwa bonyene, kandi bafise irungu. Ikinyamakuru kimwe (International Herald Tribune), mu kugira ico kivuze ku bijanye n’igitigiri kinini c’abakozi b’Abafaransa biyahura, cavuze yuko abakozi benshi b’Abafaransa bumva “barengewe n’ukuntu ivy’ubutunzi bihindagurika ningoga na ningoga.”

Ukuganira kutarimwo igishika

Mu Buyapani, Porofeseri Tetsuro Saito yavuze ati: “Ubushobozi bwo kuganira buzogabanuka ata kabuza kubera ko amatelefone ngendanwa be n’ibindi bikoresho biriko biratuma abantu badasubira kuganira imbonankubone.” Muri Ositaraliya, ikinyamakuru kimwe (The Sunday Telegraph) cavuze giti: “Ubuhinga bwa none buriko . . . buratuma abantu barushiriza kwikumira. Abantu . . . barandikiranira biciye kuri Internet canke kuri telefone aho kuganira amaso mu yandi.”

Uwitwa Rachel w’imyaka 21, uno akaba aba mu Bufaransa, yaravuze imvo ituma agira irungu mu kwidoga ati: “Mbona yuko abantu batagira akigoro ko kuraba umuntu, kubera bibaza yuko mu gihe bamwandikiye biciye kuri telefone canke kuri Internet, bakongera bakaganira na we biciye ku muhora wa Internet, biba bihagije. Mugabo ivyo nta kindi bimarira atari ugutuma ndushiriza kugira irungu.”

Ukwimuka

Ingorane zo mu vy’ubutunzi zaratumye abantu baza barimukanga, bikaba ngombwa yuko baja kuba ahandi kugira ngo bagume mu kazi canke baronke akazi. Kwimuka biratuma abantu baja kure y’ababanyi babo, abagenzi babo, ishure bigako, kandi rimwe na rimwe bigatuma baja kure y’imiryango yabo. Ababwirizwa kwimuka muri ubwo buryo usanga biyumvamwo ko bameze nk’igiterwa cimuriwe ahandi mugabo imizi yaco ikaba yasigaye aho cahora.

Uwitwa Francis aribuka igihe yashika mu Bufaransa avuye muri Gana. Asigura ati: “Intambamyi ijanye n’ururimi, ukutagira abagenzi be n’ukuba hari hakanye, ivyo vyose vyatuma ngira irungu ryinshi.”

Uwitwa Behjat aribuka igihe yashika mu Bwongereza ari umwimukira, akiyemerera ati: “Nasanze bigoye kumenyera imico kama y’aho. Nari mfise abantu tuzinanyi mugabo ntibari abagenzi nyakuri canke abo mu muryango nari gushobora kuyagira ingorane, nkabaserurira vy’ukuri ukuntu numva merewe.”

Kubura uwawe

Iyo umwe mu bubakanye apfuye biratuma uwusigaye yiyumvamwo yuko hari ikintu kinini cane abuze. Ivyo birashobora canecane kumera gutyo ku muntu yari amaze igihe kirekire abungabunga uwo bubakanye. Akenshi usanga uwo muntu agira akabonge gakomeye.

Uwitwa Fernande, uno akaba ari umupfakazi aba i Paris, asigura ati: “Ikintu kingora kuruta ibindi vyose ni ukuba ntagishobora kwitura umugenzi wanje pfampfe, ni ukuvuga umugabo wanje.” Uwitwa Anny avuga yuko akumbura cane umunega wiwe “na canecane igihe ategerezwa gufata ingingo zihambaye zijanye n’ingorane z’amagara canke ibindi bintu.”

Kwahukana, gutandukana, kuba umuntu atararonka uwo bubakana

Kwahukana canke gutandukana akenshi biratuma umuntu agira irungu kandi akiyumvamwo ko hari ico ahajije. Abana ni bo usanga bakunda kuhabonera kuruta uko abahinga bahora bavyibaza. Abahinga bamwebamwe bavuga yuko abana bafise abavyeyi bahukanye bishoboka cane ko bagira irungu bamaze gukura.

Abatubatse izabo kubera yuko batararonka uwo bubakana abereye barakunda kuza baragira irungu. Bene ukwo kugira irungu kwoshobora kwongerekana igihe abandi bavuze amajambo atarimwo ubugenge, nk’aya ngo: “Uzokwubaka urwawe ryari?”

Abavyeyi bireranye abana na bo nyene baragira irungu. Uretse ko ibanga ry’ubuvyeyi rituma abantu bagira umunezero, ririmwo n’ingorane, kandi abavyeyi bireranye abana babwirizwa kuzitorera umuti badafise abo bubakanye ngo babiture.

Ubusaza be n’ukuba umuntu ataramenya utuntu n’utundi kubera akiri muto

Akenshi abageze mu zabukuru boshobora kugira irungu, n’igihe nyene abo mu miryango yabo boba batabirengagiza. Incuti zabo canke abagenzi babo boshobora kuza barabagendera, ariko none tuvuge iki ku bijanye n’ibindi bihe, kumbure mu misi canke mu ndwi aho usanga ata n’umwe abagendera?

Abageze mu zabukuru si bo bonyene bagira irungu, n’abakiri bato barakunda kugira irungu. Abenshi usanga baratwawe n’ivyo kwisamaza ari bonyene, nko kuraba televiziyo, gukina udukino two kuri videwo, be no kumara amasaha menshi imbere ya orodinateri yabo ari bonyene.

Vyoba bishoboka gutorera umuti iyo ngorane irushiriza kwongerekana? Umuntu ashobora gute gutsinda irungu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]

“Intambamyi ijanye n’ururimi, ukutagira abagenzi be n’ukuba hari hakanye, ivyo vyose vyatuma ngira irungu ryinshi”