Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

Urwaruka ruribaza

Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?

_____ Wodondora gute imigenderanire ufitaniye n’umwumwe wese mu bo muvukana?

_____ Turi abagenzi pfampfe

_____ Akenshi turumvikana

_____ Turihanganirana

_____ Twama turiko turashwana

ABAVUKANA bamwebamwe usanga bakundana cane. Nk’akarorero, uwitwa Felicia, uno akaba afise imyaka 19, avuga ati: “Mwene wacu w’imyaka 16 ari we Irena, ni umwe mu bagenzi banje pfampfe.” * Uwitwa Carly na we, akaba afise imyaka 17, avuga ibijanye na musazawe afise imyaka 20 yitwa Eric, ati: “Turumvikana cane. Ntitwigera dushwana.”

Ariko rero, benshi usanga bafitaniye imigenderanire nk’iyo Lauren afitaniye na Marla. Lauren avuga ati: “Twama dushwana ku kantu kose, naho kaba ari akantu ata co kavuze.” Canke ivyawe bishobora kuba bimeze nk’ivyo Alice, uno akaba amaze imyaka 12, avuga ku vyerekeye musazawe w’imyaka 14 ari we Dennis, ati: “Aranshavuza! Aritera mu cumba canje maze ‘agatora’ ibintu vyanje atabinsavye. Dennis yifata nk’umwana!”

Woba ufise uwo muvukana agushavuza? Birumvikana yuko abavyeyi bawe bafise ibanga ryo gutuma mu rugo haguma hari urutonde. Ariko rero, bitebe bitebuke uzokenera kwiga kwumvikana n’abandi. Ivyo urashobora kuvyiga ukiri i muhira.

Nuzirikane ku matati woba warigeze kugiranira n’umwe mu bo muvukana. Mukunda gushwana mupfa iki? Raba urutonde ruri aha hepfo, maze ushire aka kamenyetso ✔ mu dusandugu tubereye, canke wandike ikintu kiba kikagushavuza!

□ Ivyo utunze. Uwo tuvukana aratora ibintu vyanje atabinsavye.

□ Ukudahuza kamere. Uwo tuvukana akora ibintu abigiranye ubwikunzi canke ukutitwararika abandi kibure agerageza kunyigarurira.

□ Ibijanye n’ibintu vy’ibanga. Uwo tuvukana arinjira mu cumba canje atadodoye kibure agasoma ubutumwa mba narungikiwe biciye kuri Internet canke kuri telefone ngendanwa atansavye uruhusha.

□ Ikindi._____

Nimba uwo muvukana yama agushavuza mu kuza arakubwira ivyo ukwiye gukora canke mu kuza arakwinjirira mu buzima, vyoshobora kukugora kwigumya. Mugabo hari umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Gufyonda izuru ni vyo bizana amaraso, kandi kuvyura ishavu ni vyo bizana imitongano.” (Imigani 30:33) Ubitse inzika, vyoshobora gutuma ukankama, nka kurya nyene gufyonda izuru ryawe vyoshobora gutuma amaraso yisuka. Iyo ngorane izoca rero irushiriza kwunyuka. (Imigani 26:21) Ushobora gute none gutuma ishavu ritavamwo ibihari bikomeye? Ikintu ca mbere wokora ni ukumenya ikintu nyezina kiba cateye iyo ngorane.

Coba ari ikintu ciyadukije canke hari imvo itumye ico kintu gishika?

Ingorane zishika mu bavukana zimeze nk’amahere. Ihere riri ku mubiri usanga ari akantu kavyimvye gasa nabi, mugabo riba ryatewe n’indwara itaboneka umuntu aba yanduye. Muri ubwo buryo nyene, iyo abavukana babiri bagiraniye ibihari bikomeye akenshi biba vyerekana ko hari imvo itaboneka itumye haba ivyo bihari.

Woshobora kuvura ihere mu kurifyonda. Ariko rero, woba uriko uravura gusa ikimenyetso kikwereka ko wanduye indwara, kandi woshobora gutuma ku mubiri wawe hasigarako igisebe canke ugatuma iyo ndwara wanduye yongerekana. Ikintu ciza kuruta wokora ni ukuvura iyo ndwara wanduye gutyo ugatuma hataza ayandi mahere. Ni na ko bimeze ku bijanye n’ingorane ugiranira n’uwo muvukana. Niwige kumenya imvo iba yatumye haba iyo ngorane, maze urengane ico kintu kiba cabaye, ushike neza na neza ku muzi w’iyo ngorane. Uzoshobora kandi gushira mu ngiro impanuro ya wa Mwami w’inkerebutsi Salomo, uwanditse ati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.”—Imigani 19:11.

Nk’akarorero, Alice, umwe twavuga mu ntango, yavuze ku bijanye na musazawe Dennis ati: “Aritera mu cumba canje maze ‘agatora’ ibintu vyanje atabinsavye.” Ico ni ikintu kiba kibaye. Ariko none, wiyumvira ko imvo nyezina ituma akora ico kintu iba ari iyihe? Birashoboka cane ko iba ijanye n’ukwubaha. *

Alice yoshobora gutorera umuti iyo ngorane mu kubwira Dennis ngo ntaze yigere yinjira mu cumba ciwe canke ngo akoreshe ibintu vyiwe. Mugabo ivyo vyotorera umuti gusa ico kintu kiba cabaye kandi vyoshobora gutuma haba ayandi matati. Ariko rero, Alice ashoboye kujijura Dennis ngo aze arubahiriza ibintu vyiwe, nta gukeka ko ubucuti bafitaniye bworushiriza kumera neza.

Niwige gutorera umuti amatati canke kuyirinda

Ariko ntiwumve, kumenya ibintu bitaboneka bituma haba ingorane hagati yawe n’uwo muvukana ni kimwe gusa mu bintu bigufasha kuzitorera umuti. Wokora iki none kugira ngo utorere umuti ikintu kinaka gituma haba ingorane wongere wirinde gutuma isubira kwaduka? Nugerageze gukurikiza ibintu bitandatu bikurikira.

1. Nimwumvikane ku mategeko amwamwe y’ishimikiro. Umwami Salomo yanditse ati: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga.” (Imigani 15:22) Kugira ngo ufashwe kwirinda ko ibintu bipfa, nuzirikane ku vyo werekanye ko vyateje ingorane hagati yawe n’uwo muvukana. Nimurabe yuko mwoba mushobora gushiraho amategeko amwamwe mwempi mwumvikanyeko, yotorera umuti ikintu kitaboneka gituma haba ingorane. Nk’akarorero, nimba mushwana mupfa ivyo mutunze, itegeko rya mbere ryoshobora kuba iri: “Imbere y’uko umuntu atora ikintu c’uwundi, akwiye kubanza kukimusaba.” Itegeko rigira kabiri ryoshobora kuba iri: “Umuntu akwiye kwubahiriza uburenganzira uwo bavukana afise bwo kuvuga ati: ‘Oya, ntukoreshe ico kintu.’ ” Igihe muriko murashiraho ayo mategeko, nimuzirikane kw’itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Ivyo bizobafasha gushiraho amategeko mwe n’uwo muvukana mushobora gukurikiza. Nimuheze mubiyage n’abavyeyi banyu kugira ngo mwiyemeze neza yuko bashima ivyo bintu mwumvikanyeko.—Abanyefeso 6:1.

2. Wewe ubwawe nubeho wisunga ayo mategeko. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha ? Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?” (Abaroma 2:21) Ushobora gute gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako? Nk’akarorero, nimba wipfuza ko uwo muvukana yubahiriza ibintu vyawe vy’ibanga, na wewe rero ukwiye kubanza kudodora imbere y’uko winjira mu cumba ciwe kibure ukabanza kumusaba uruhusha imbere y’uko usoma ubutumwa aba yarungikiwe biciye kuri Internet canke kuri telefone ngendanwa.

3. Ntiwihutire gushavura. Kubera iki iyo ari impanuro nziza? Kubera yuko, nk’uko umugani umwe wo muri Bibiliya ubivuga, “ibipfu ni vyo gusa bishavura ningoga kandi bikabika inzika.” (Umusiguzi 7:9, Contemporary English Version) Nimba ushavura ningoga, uzoba wigorewe. Egome, uwo muvukana azokora canke avuge ibintu bikubabaza. Mugabo niwibaze uti: ‘Noba narigeze kumukorera ikintu nk’ico?’ (Matayo 7:1-5) Uwitwa Jenny avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 13, nabona ko iciyumviro canje ari co caba gihambaye kuruta ibindi vyose be n’uko categerezwa kwemerwa. Mutoyi wanje ubu ariko aca mu kiringo nk’ico. Ndagerageza rero kudashavuzwa n’ivyo aba avuze.”

4. Nubabarire abandi kandi wibagire. Ingorane zikomeye zirakeneye kuganirwako no gutorerwa umuti. Ariko none woba utegerezwa kwama uhora uwo muvukana agakosa kose akoze? Igihe ufise umutima ukunze wo “kwirengagiza ikigabitanyo,” Yehova Imana arabishima. (Imigani 19:11) Uwitwa Alison, uno akaba afise imyaka 19, avuga ati: “Twe na mwene wacu Rachel akenshi turatorera umuti ivyo tudahurizako. Twempi turihutira gusaba ikigongwe maze tugaca dusigura ico twibaza ko ari co cateje iyo ngorane. Rimwe na rimwe ndirinda kugira ico mvuze ku bijanye n’ingorane yinaka. Akenshi, bukeye birarushiriza kunyorohera kubabarira no kwibagira, kandi nsanga mbere atari ngombwa ko nsubira kuvuga ibijanye n’iyo ngorane.”

5. Nimusabe abavyeyi banyu babatātūre. Nimba mwe n’uwo muvukana mudashobora gutorera umuti ikintu gihambaye catumye mugiranira ingorane, abavyeyi banyu barashobora kubafasha kugiranira amahoro. (Abaroma 14:19) Ariko rero, uribuka yuko ubushobozi bwo gutorera umuti amatati mutarinze kwitura abavyeyi banyu ari ikintu cerekana ko umuntu ahumuye vy’ukuri.

6. Nushime kamere nziza z’abo muvukana. Nta gukeka ko abo muvukana bafise kamere ushima. Niwandike ikintu kimwe ushima ku bijanye n’umwumwe wese mu bo muvukana.

Izina Ico nshima kuri we

_____ __________

_____ __________

_____ __________

Aho kuguma wiyumvira gusa amakosa y’abo muvukana, ubona gute urondeye akaryo ko kubabwira ico ushima ku biberekeye?—Zaburi 130:3; Imigani 15:23.

Ibibwirizwa gushika mu buzima: Niwava i muhira, bizoza birashika usange uri kumwe n’abantu bagushavuza, nk’akarorero abo mukorana be n’abandi batagira urupfasoni, batitwararika abandi, kandi b’abikunzi. I muhira ni ho hantu wokwigira gutorera umuti izo ngorane mu mahoro. Nimba ufise uwo muvukana agoye, nubone ibintu mu buryo bwiza. Aba ariko aragufasha gutsimbataza kamere z’agaciro zizogufasha mu buzima!

Bibiliya iremera icese yuko uwo muvukana yoshobora kutazokwama ari we mugenzi somambike kuruta abandi bose uzogira. (Imigani 18:24) Mugabo urashobora gukomeza ubugenzi ufitaniye na bo ‘nimwabandanya kwihanganirana,’ n’igihe nyene bakoze ikintu cotuma ‘ubidogera.’ (Abakolosayi 3:13) Ubigenjeje gutyo, birashoboka cane ko utazoshavuzwa rwose n’abo muvukana. Kandi na wewe woshobora mbere kutabashavuza rwose!

Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ype

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 8 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 20 Nimba ushaka kuronka ikindi kintu cogufasha, raba uruzitiro ruri aho hepfo.

IVYO UKWIYE KUZIRIKANAKO

● Ni kubera iki bihambaye kumenya itandukaniro riri hagati y’ikintu kiba kibaye be n’imvo itaboneka iba itumye kiba?

● Muri vya bintu bitandatu biri aho haruguru ni ikihe ukeneye kurushiriza kwitwararika?

[Uruzitiro ku rup. 27]

NUMENYE IKINTU NYEZINA KIBITUMA ICO ARI CO

Woba wipfuza kuryohora ubuhanga ufise mu bijanye no kumenya ibintu bitaboneka bituma haba ingorane hagati y’abavukana? Nimba uvyipfuza, nusome wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’umuhungu yavuye i muhira akaja gusesagura intoranwa yiwe.—Luka 15:11-32.

Niwihweze neza ukuntu umuhungu mukuru yavyifashemwo igihe murumunawe yagaruka i muhira. Nuce wishura ibibazo bikurikira.

Ni ikintu ikihe cabaye kigatuma uwo muhungu mukuru avyifatamwo gutyo?

Wibaza yuko ikintu kitaboneka cabitumye cari ikihe?

Se wabo yagerageje gute gutorera umuti ico kintu?

Uwo muhungu mukuru yari akeneye gukora iki kugira ngo atorere umuti ico kintu?

Ubu naho niwiyumvire ukutumvikana guheruka kuba hagati yawe n’uwo muvukana. Nuce wandika inyishu zawe iruhande y’ibi bibazo.

Ni igiki catumye haba ukwo kutumvikana?

Wiyumvira yuko ari ikintu kitaboneka ikihe coba caratumye haba ukwo kutumvikana?

Ni amategeko y’ishimikiro ayahe mwoshobora kwumvikanako yotorera umuti ico kintu akongera agatuma hadasubira kuba ukutumvikana?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28, 29]

IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA

“Ndipfuza kugiranira ubugenzi na bene wacu imisi yose nsigaje kubaho, akaba ari co gituma ubu ari ho nkwiye gutangura uwo mugambi wo mu buzima bwanje bwose.”

“Turakorera ibintu hamwe uko tugize umuryango, kandi ivyo biradufasha kwunga ubumwe. Dusa n’abatagihazuka nk’uko twahora.”

“Hari ukuntu dutandukanye nka kurya kw’ijoro n’umurango. Naho ari ukwo, mwene wacu ni umuntu adasanzwe. Nta kintu na kimwe nomuguza!”

“Hamwe noba ntari kumwe n’abo tuvukana, ibintu vyiza kuruta ibindi vyose nibuka vyokamangana. Abafise abo bavukana, nobabwira nti: ‘Ntimubafate nk’aho ata co bamaze!’ ”

[Amafoto]

Tia

Bianca

Samantha

Marilyn

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 27]

Ingorane ziba hagati y’abavukana zimeze nk’amahere; kugira ngo uzitunganye urakeneye gutorera umuti imvo zitaboneka ziba zateye izo ngorane, ntiwibande gusa kuri izo ngorane