Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Si je nzobona ndababwiye nti: “Twese turi hano!”

Si je nzobona ndababwiye nti: “Twese turi hano!”

Si je nzobona ndababwiye nti: “Twese turi hano!”

NK’UKO VYAVUZWE NA ABIGAIL AUSTIN

Ico gihe nari mfise imyaka icenda, ukaba wari umusi mwiza cane wo muri Ndamukiza 1995. Uko twari tugize umugwi wo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere twabamwo, twarafashe ingingo yo kumara uwo musi turi mu gihugu hagati mu Bwongereza. Twafashe urugendo mu miduga itandukanye. Twe na mukuru wanje Sarah be n’umugenzi w’umuryango wacu ari we Deborah, twari kumwe na dawe hamwe na mawe. Bukwi na bukwi, twagiye tubona umuduga uza uriruka utugana wataye inzira, maze uraseka umuduga twarimwo uca urahomberana bimwe bikomeye. Ni je jenyene narokotse.

NIKANGUYE mbona ndi mu bitaro haciye indwi zibiri ivyo bibaye. Inkono yanje y’ubwonko yari yaramenaguritse, kandi abaganga bari barayinjijemwo utwuma tutari duke kugira ngo amagufa agume yegeranye. Naho vyari ari ukwo, sinatevye gutora mitende. Amaherezo incuti zanje zarambwiye ivyari vyabaye, mugabo sinavyemeye. Naguma niyumvira ko abavyeyi banje hamwe na mwene wacu bari baraje kundaba igihe nari nsinziriye maze sinababona. Igihe nashika i muhira ni ho gusa natahura yuko ivyo bambwiye vyari vyo. Naravunitse umutima bimwe bikomeye.

Ni igiki none camfashije kwihanganira ico cago kibabaje?

Iragi ryanje ryo mu vy’impwemu

Nari umuhererezi mu bana batanu. Igihe iryo sanganya ryaba, Sarah yari afise imyaka 22, Shane yari afise 20, Jessica yari afise 17, Luke na we akagira 15. Twari dufise abavyeyi beza igitangaza kandi bitwararikana. Dawe Steve yari umukurambere mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’i West Yorkshire i Shipley kandi yari azwi ko ari umuntu w’igikundiro kubera ko yama afata umwanya wo gutega yompi abandi no kubafasha. Mawe Carol na we nyene yarakundwa cane, akaba yaritwararika abageze mu zabukuru bo mw’ishengero nk’umukobwa wawo. Yaratunganya ivy’uko twebwe abakiri bato dutororokanira hamwe n’abandi kandi yaradufasha kuronka abagenzi beza. Abantu bose barakirwa neza i muhira iwacu. N’ikindi kandi, abavyeyi bacu baratwigishije kugaragariza umutima mwiza ababanyi bacu no kubitwararika.

Imisi yose ku wa gatatu ku mugoroba twarigira hamwe Bibiliya uko tugize umuryango. Rimwe na rimwe twarasubiramwo mu buryo bw’agakino inkuru zo muri Bibiliya kandi tukambara nk’abantu bavugwa muri izo nkuru. Kuva tukiri bato, mawe na dawe baratwigishije ukuntu twokwitegurira amakoraniro yacu y’ishengero be n’ukuntu twoshikiriza abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya ku mihana yabo. Naho abavyeyi bacu bari bafise vyinshi bakora kubera ko bari bareze abana batanu, baramarana umwanya natwe, bakadufasha kuba abantu bakomeye mu vy’impwemu.

Igihe Sarah, Shane, na Jessica barangiza amashure, baciye baba abatsimvyi, ni ukuvuga abasuku bakirisu b’igihe cose, nk’uko na wa mugenzi wacu Deborah yari yarabigize. Twe na Sarah twari abagenzi pfampfe. Yari nka mawe agira kabiri, kandi igihe naba ndi mu karuhuko, umwanya wacu twawumara turi kumwe turiko turafasha abandi kwiga ivyerekeye Bibiliya. Ico kiringo carandyohera cane. Narabona ukuntu abatsimvyi bose bahimbawe, kandi nararyoherwa no kuba ndi kumwe na bo. Nari mfise umugambi wo gukora ubutsimvyi ndi kumwe na Sarah mpejeje amashure.

Mu bihe vy’akaruhuko, umuryango wacu be n’abandi bo mw’ishengero barakunda kumara umwanya bari kumwe. Abakiri bato be n’abakuze bahavuye bagiranira ubugenzi somambike. Siniyumvira ukuntu abo bagenzi beza bomfashije bakongera bakampumuriza mu misi yokurikiye!

Inyuma y’iryo sanganya

Igihe nava mu bitaro, narasubiye i muhira iwacu. Kubera ko Shane na Jessica bakora ubuzi bw’igihe gitogito bakongera bakagira uruhara mu busuku bw’igihe cose, barakora bagatama kugira ngo twese baturonse ivyo twaba dukeneye bongere batwitwararike.

Ivyabona bagenzi bacu benshi bo mw’ishengero twarimwo na bo nyene baradufashije. Baradukoreye ibintu vyinshi cane! Baraturonsa ibifungurwa, bakatugirira isuku, bakadusumira, bakongera bakatumesurira impuzu, gushika dushoboye kuvyikorera. Twarakenguruka vy’ukuri. Ivyabona bo hirya no hino baraturungikira ingabirano be n’udukarata tw’ubutumwa bidaharurika vyo kudufata mu mugongo, ivyo bikaba vyaragaragaza urukundo rugera kure rurangwa mw’ishirahamwe rya Yehova.

Haciye nk’umwaka umwe, basazanje na mwene wacu barabonye ko nari nkeneye kubaho ntekaniwe mu muryango. Kubera ko imiryango imwimwe yimereye neza yo mw’ishengero yari yaremeye kudufasha, umuryango wanje waragiye hamwe urarimbura ivyo mawe na dawe bokwiyumviriye ko vyobaye vyiza kuruta ibindi kuri jewe no kuri kazoza kanje ko mu vy’impwemu. Hari umuryango umwe wari umeze neza cane rwose. Umukurambere umwe yitwa Billy be n’umukenyezi wiwe Dawn bari abagenzi somambike b’umuryango wacu bimwe bidasanzwe, bakaba bari bafise agakobwa k’imyaka itanu kitwa Lois. Baremeye ko nja kuba iwabo kandi kuva ico gihe baranyitwararitse babigiranye urukundo nk’umukobwa wabo bwite. Naho Lois yabwirizwa gusangira nanje abavyeyi biwe, ntiyigeze agira ishari, kandi ubu turashikirana cane nk’abigeme babiri bonse rimwe.

Ingene nihanganiye ico cago

Mu ntango, naribaza igituma ico cago gikomeye cari cashikiye umuryango wacu, na canecane mu gihe abavyeyi banje, hamwe na Sarah be na Deborah, bari baragaragarije Yehova be n’abandi bantu urukundo ukuri aho. Mugabo naciye nibuka inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye na Yobu, uwagumye yizeye Imana naho yari yabuze abana biwe. (Yobu 1:19, 22) Nariyumviriye nti: ‘Egome, Shetani ni we yatumye mw’isi haba imibabaro n’urupfu, kandi yohimbarwa mu gihe ico cago cotuma tureka gusukurira Imana.’ (Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuwe 12:9) Naributse kandi yuko Yehova abigiranye urukundo yaduhaye icizigiro c’izuka. (Yohani 5:28, 29) Tuzosubira kubona umuryango wacu na Deborah, ico gihe hoho hakazoba ari mw’isi y’iparadizo! Mu vy’ukuri, urukundo nkunda Yehova rwararushirije gukomera.

Iyo mpuye n’abantu na bo nyene bashikiwe n’ivyago, ndababara cane mu gihe baba batarumva umuhango w’agaciro Bibiliya itanga werekeye izuka. Ivyo bica bituma nipfuza kubabwira icizigiro dufise, kubera ko nemera ntakeka yuko Yehova be n’ishirahamwe ryiwe ari bo gusa batumye dushobora kurengana ico kiringo kitoroshe, tuzi yuko hariho icizigiro.

Ivyadushikiye bishobora kandi kuba vyarafashije mu bundi buryo, bigatuma abavyeyi bamwebamwe bibaza bati: ‘Twoba twarashiriyeho abana bacu umushinge wo mu vy’impwemu ukomeye bihagije ku buryo hagize ikintu kidushikira, bobandanya gusukurira Yehova tutari kumwe?’

Naragerageje kubaho nk’aho mawe na dawe boba bakiriho. Ndazi yuko bokwipfuje ko nkora nivuye inyuma mu gufasha abandi, nk’uko babigira. Nakoze ubutsimvyi kuva ngiheza amashure, ubu na ho Lois akaba akorana nanje ari umutsimvyi. Basazanje na mwene wacu barubatse izabo bakaba basukurira Yehova bahimbawe mu mashengero barimwo.

Ndarindiranye igishika isi nshasha y’Imana be n’izuka! Ico gihe umubabaro n’urupfu ntibizoba bikiriho. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Kuba nzi yuko tuzosubira kuba turi kumwe biramfasha kwumira kw’ibanga. Si je nzobona ndagumbiriye mawe na dawe na Sarah be na Deborah maze nkababwira nti: “Twese turi hano!”

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]

Uwu ni Abigail (uwugira kabiri uvuye ibubamfu) ari kumwe n’umuryango umureze muri iki gihe