BE MASO! Nzero 2014 | Umuhora wo kuri Internet udasanzwe

Woba wipfuza kurushiriza gutahura Bibiliya no kuryohora ubuzima bw’umuryango wawe? Woba uri uwukiri muto ariko ararondera impanuro? Umuhora wacu wemewe urafasha abantu bose.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Umuhora wo kuri Internet udasanzwe

Niwihweze ibiri ku muhora wacu wo kuri Internet uheze urabe ukuntu wewe n’umuryango wawe mwokwungukira ku mpanuro Bibiliya itanga ziranga ubukerebutsi kandi zidata igihe.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: uburenganzira bw’abana muri Afrika yo munsi ya Sahara, Abataliyano batinya gutotezwa biciye kuri Internet, n’iyongerekana ry’igitigiri c’Abayapani bageze mu bigero banka kuduzwa igiti ku kazi.

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuhinga w’utunyabuzima dutoduto asigura icatumye yemera Imana

Kuba akagingo ngengabuzima kagizwe n’ibintu bihanitse kuruta uko abahinga bahoze bavyiyumvira, vyatumye Feng-Ling Yang, umuhinga mu vya siyansi wo mu Tayiwani, ahindura ukuntu yabona inyigisho y’ihindagurika. Kubera iki?

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

Akosho k’urunganwe karashobora gutuma abantu bameze neza bakora ibintu bibi. Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye ako kosho, kandi wogatsinda gute?

TWISUNZE BIBILIYA

Irema

Bibiliya iravuga ivyerekeye “imisi” itandatu Imana yamaze irema ibinyabuzima. Yoba yari imisi y’amasaha 24?

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje mu Butaliyano

Ubutaliyano burazwi cane kubera kahise kabwo, ubwiza bwaho butandukanye, n’ukuntu abantu baho bakunda kwifatanya n’abandi. Nusome ivyerekeye ico gihugu be n’igikorwa Ivyabona vya Yehova baharangurira.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Uburembo bw’igitangurirwa co mu nzu

Igitanguriwa co mu nzu kirakomeza canke kikorosha inzu yaco bivanye n’ivyo kiba gikeneye. Raba igituma kigira gutyo n’ukuntu kibigenza.