Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Muri Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko

Ikigega mpuzamakungu kigenewe ibidukikije kivuga yuko hagati ya 1997 na 2011, hubuwe amoko menshi mashasha y’ibimera n’ibikoko, ushizemwo n’inzoka y’amaso atukura (Trimeresurus rubeus), mu karere ka Mékong kagizwe na Kamboje, Laos, Birmaniya, Tayilande, Vietnam n’intara ya Yunnan mu Bushinwa. Mu moko yubuwe mu 2011 honyene, harimwo amoko 82 y’ibimera, 21 y’ibikwega inda hasi, 13 y’amafi, 5 y’ibikoko biba mu mazi n’i musozi n’amoko 5 y’ivyonsa.

I Buraya

Ikinyamakuru kimwe co mu Burusiya (The Moscow Times) kivuga ko urudandaza rw’abantu rusigaye ari ikibazo gikomeye mu “karere kose k’Ubumwe bwa Buraya.” Abantu baragurishwa kugira bakoreshwe mu vy’igitsina, mu bikorwa vy’agahato, mbere no “mu rudandaza rwa magendo rw’ibihimba vy’umubiri vy’abantu.” Abakora urwo rudandaza usanga bafatira ku bukene abantu barimwo, ku kuba badafise akazi no ku kutangana kw’ibitsina.

Muri Nouvelle-Zélande

Abashakashatsi batohoje ibijanye n’ingaruka imboneshakure igira ku bana bato no ku miyabaga, basanze kuyiraba cane “biri mu bituma barushiriza kubana nabi n’abandi iyo bageze mu bigero.” Abo bashakashatsi bavuga ko ivyo babonye bishigikira impanuro y’uko abana bakwiye kuraba “ibiganiro birobanuwe neza kandi ntibarenze isaha 1 gushika kuri 2 ku musi.”

Muri Alaska

“Ibigwati vy’imvukira zo muri Alaska” nka vyose usanga biri ku nkengera y’ibahari canke hafi y’inzuzi, kandi ibice 86 kw’ijana vy’ivyo bigwati birashikirwa n’imyuzure be n’inkukura. Amaraporo yerekana yuko iyongerekana ry’ubushuhe ririko riratuma hateba kuboneka ibibarafu vyo ku nkombe bikingira ivyo bigwati, bino bigaca birushiriza kugeramirwa n’ibihuhusi vyo mu gatasi.

Kw’Isi yose

Uwitwa Maria van der Hoeven, umuyobozi nshingwabikorwa mw’Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’amasôko ntanganguvu, avuga ko naho hagizwe utwigoro twinshi kugira hakoreshwe amasôko ntanganguvu adatosekaza ibidukikije, nk’umuyaga canke izuba, “umucafu uboneka mu guhingura ingero isanzwe y’umuyagankuba canke izindi nguvu muri iki gihe, usanga uhakwa kungana n’uwaboneka haraheze imyaka 20.”