BE MASO! Gitugutu 2014 | Ni igiki cotuma uroranirwa vy’ukuri?

Kwoba ari ugukurikira gusa ico umutima ukubwiye? Kwoba ari ugushika ku vyo wipfuza vyose? Canke vyoba bisaba ikintu gihambaye kuruta ivyo?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ni igiki gituma umuntu aroranirwa vy’ukuri?

Hari ukuroranirwa kubabaje kurutwa n’ukutaroranirwa.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wewe ukuroranirwa ukurabira ku ki?

Niwisuzume urabiye ku bantu bane.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene wororanirwa vy’ukuri

Ibintu bitanu bishobora gutuma uroranirwa vy’ukuri.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: ingorane ziva ku nkwano idahagije, ubutunzi abibisha amato bironkera, n’inyoni ziguruka zitaruha.

ICOFASHA UMURYANGO

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Belize

Ako gahugu ni ko gafise ahantu ha mbere hatungiwemwo ingwe zitwa jaguar. Ibirundorundo vy’ibinyabuzima vyo mu mazi vyaho bigira kabiri kw’isi mu burebure.

Abarimyi baguruka bo mu kibira

uduhungarema turya ivyamwa, utwitwa kandi imbwebwe ziguruka, ni kirumara cane mu bijanye no gukingira ibidukikije.

TWISUNZE BIBILIYA

Ibishusho

Abakirisu bo mu ntango boba barakoresha ibishusho mu gusenga?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuguru kw’ifarasi

Ni kubera bitarakunda ko abahinga bigana ukuntu amaguru y’ifarasi akora?