Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abarimyi baguruka bo mu kibira

Abarimyi baguruka bo mu kibira

UMURIMYI wese arazi yuko kugira ngo haboneke igiterwa, bisaba ko atera imbuto ahantu habereye no mu mwanya ubereye. Ariko wari uzi ko zimwezimwe mu mbuto zimera neza gusumba izindi mu kibira ari iziterwa mw’ijoro, zigaterwa n’abarimyi baguruka? Abo barimyi si abandi ni uduhungarema turya ivyamwa. Tumwetumwe muri two batwita imbwebwe ziguruka. *

Turakwiragiza imbuto

Uduhungarema turya ivyamwa usanga akenshi tuguruka mw’ijoro, tukanyuragira mu mashamba turondera ibiti biriko ivyamwa biryoshe canke amashurwe arimwo utuzi dusosa twinshi. Iyo rero turonse ico kurya, umushishito watwo urasya ivyo twariye, ibishishwa vy’ivyamwa be n’imbuto bigasohokana n’umwanda watwo. Uretse ivyo, igihe utwo duhungarema tuba turiko turanunuza twa tuzi dusosa dukunda cane two mu mashurwe, turasiga kuri ayo mashurwe imbuto zituma yama.

Kubera ko utwo duhungarema dushobora kunyuragira ahantu hanini cane mw’ijoro, turashobora gukwiragiza imbuto ahantu hanini rwose uko tugenda turazikorora. Vyongeye, kubera ko imbuto z’ivyo turya zija mu mushishito watwo, ziraheza zigasohoka ari amase atabira isi. Mu gihe utwo duhungarema tutokora ico gikorwa, birumvikana ko amashurwe y’ibiti bimwebimwe vyo mu kibira atoshobora kwama canke ngo imbuto zavyo zikwiragire.

 Kubera ko utwo duhungarema tuguruka cane, tuba dukeneye amaso abona bimwe bidasanzwe n’ubushobozi bwo kumenya inzira twocamwo. Igihe haba hatabona neza, amaso yatwo arabona gusumba ay’abantu. Vyongeye, ntidutinya kuguruka ku murango nk’uko dusanzwe tubigira mw’ijoro. Turashobora no gutandukanya amabara amwamwe.

Turavyara tukarera

WARI UBIZI? Uduhungarema twinshi kugira tumenye ahari ivyo kurya, twisunga ukuntu ijwi ryatwo rigenda rikongera rikaguruka kuri two. Ariko uduhungarema turya ivyamwa twotwo, dukoresha amaso n’amazuru. Dufise amaso manini adufasha cane mw’ijoro

Uduhungarema turya ivyamwa two muri Samoa (Pteropus samoensis) tuvyarana akagabo n’akagore ubuzima bwatwo bwose. Mu bwoko bumwebumwe bwatwo, vyabonetse ko akagore kitwararika neza utwana twako, kakagenda kadutwaye iyo kagiye hose mu kiringo c’indwi nkeyi. Vyongeye karatwonsa gushika turi mu kugera mu bigero. Muri bubiri mu bwoko bw’uduhungarema turya ivyamwa, akagore birashika kagasaba kagenzi kako k’akagore ngo kakabere akakirizi mu gihe co kuvyara.

Ariko ikibabaje ni uko uduhungarema twinshi turya ivyamwa turiko turahona. Ku ruhande rumwe, biterwa n’uko abantu bahonya aho utwo duhungarema tuba. Mu mazinga yo mu bumanuko bw’Ibahari Pasifike, utwo duhungarema turamutse duhonye ibara ryogwa. Kubera iki? Kubera ko amashurwe y’ibimera bimwebimwe vyaho vyogorana cane ko avamwo ivyamwa. Biratomoye rero yuko igikorwa abo barimyi baguruka barangura ari kirumara cane.

^ par. 2 Utwo duhungarema turaboneka muri Afrika, Aziya, Ostraliya no mu mazinga y’Ibahari Pasifike.