IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Belize
BELIZE ni agahugu gatoyi ariko karimwo ibintu vy’ubwoko bwinshi, nk’ibibira, amazi y’ubururu bugomba gusa n’urwatsi rutoto akikuje utuzinga twinshi turi hafi y’inkombe y’ibahari, n’ibindi. Ivyo ni bimwe mu bigize intara zaho, ariko si vyo vyiza vyonyene biharangwa.
Ico gihugu kibamwo ubwoko amajana bw’inyoni n’ibindi bikoko. Nk’akarorero, urahasanga inyoni y’umunwa munini w’amabara meza (Ramphastos sulfuratus) n’igikoko c’uruzuru rurekera co mu bwoko bw’igifaro (Tapirus bairdii). Ico gikoko kiranyaruka iyo kiri mu mazi canke i musozi. Urahasanga n’ingwe nyamwigendako yitwa jaguar (Panthera onca). Belize ni co gihugu gifise ahantu ha mbere hatungiwemwo mwene izo ngwe.
Igihugu ca Belize cahoze kibamwo abantu bitwa Abamaya. Abanyesupanye baraje kucigarurira mu kinjana ca 16 ariko ntibashoboye kumara igabo Abamaya. Mu nyuma, Abongereza barahatse Abanyesupanye, maze mu 1862 batangura kuhiyitirira, bahita Honduras y’Abongereza. Mu 1981, igihugu ca Belize cararonse intahe y’ukwikukira.
Abanyabelize bari ubwoko butandukanye nk’uko nyene n’igihugu cabo gifise ubwiza butandukanye. Amoko nyamukuru yaho ni Abakrewole, Abahindi, Abagarifuna, Abamaya be n’abakomotse ku Banyespanye bavyaranye n’Abamaya. Abanyabelize ni abantu b’umutima mwiza kandi b’urupfasoni. Igihe abana bariko bavugana n’abakuze, usanga kenshi bavuga ngo “Mushinganta” canke “Mupfaso.” Bagize ico bababaza na ho, bishura ngo “Ego nyina wanje” canke ngo “Oya mushinganta.”
Muri Belize hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova akoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, igikrewole co muri Belize, icongereza, ururimi rwo mu bwoko bw’ikidagi, igishinwa c’ikimandarini, ikimaya (citwa mopán), n’igisupanyoli. Mu 2013, Umunyabelize 1 kuri 40 yaritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu Ivyabona vya Yehova bahimbaje.
WARI UBIZI? Ibirundorundo vy’ibinyabuzima vyo mu mazi vyo muri Belize biri ahareha n’ibilometero 290. Biri mu birundo vya kabiri kw’isi yose. Ivya mbere biboneka muri Ostraliya.