Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI IGIKI GITUMA UMUNTU ARORANIRWA VY’UKURI?

Wewe ukuroranirwa ukurabira ku ki?

Wewe ukuroranirwa ukurabira ku ki?

Kugira ngo wisuzume, iyumvire ibi bintu bishoboka.

Ni nde wovuga ko aroraniwe vy’ukuri?

  • ALEXIS

    Alexis akora urudandaza. Ni imvugakuri, arakora cane kandi ni umuntu w’urupfasoni. Urudandazwa rwiwe rwarateye imbere, bikaba bituma we n’umuryango wiwe babaho neza.

  • KAROLI

    Karoli na we nyene akora urudandaza, akaba aronka amahera menshi kuruta Alexis. Kubera kurondera kurusha abandi, Karoli yacitse umuja w’akazi maze bituma arwara ibirwara vyinshi.

  • JANETI

    Janeti ni umunyeshure yigana ubwira kandi akunda kwiga. Ivyo bituma aronka amanota meza.

  • HELENA

    Helena aronka amanota meza kuruta Janeti. Aba mu ba mbere, ariko ariba mu bibazo. Vyongeye ntakunda kwiga.

Uvuze yuko Karoli na Helena baroraniwe canke ukavuga ko ari bose uko ari bane, ushobora kuba urabira ukuroranirwa ku vyo umuntu aronka, utaravye inzira acamwo kugira abironke.

Ku rundi ruhande, uhisemwo gusa Alexis na Janeti, ushobora kuba uraba kamere z’umuntu be n’ukuntu abona ibikorwa kugira uvuge ko aroraniwe. Kandi ivyo birumvikana. Nk’akarorero, niwiyumvire:

  • Ni igiki kizogirira akamaro Janeti mu buzima bwiwe? Ni ukuronka amanota menshi canke ni ugukunda kwiga?

  • Ni giki cobera ciza abana ba Alexis? Kwoba ari ukuronka ibintu vyose amahera ashobora kubaronsa canke ni ukugira umuvyeyi abereka ko kumarana umwanya na bo bihambaye?

Muri make: Ukuroranirwa kw’uruhendo gushingiye ku biboneka inyuma. Ukuroranirwa nyakuri na kwo gushingiye ku gukora ibibereye.