Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Isuku be n’ukudahumana

Isuku be n’ukudahumana

Imana yoba ibona ko isuku rihambaye?

“Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.”2 Abakorinto 7:1.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Umuremyi wacu aradukunda kandi yipfuza yuko tugira amagara meza tukabaho igihe kirekire. Imana itubwira iti: “Umutima wawe wubahirize amabwirizwa yanje, kuko uzokwongerwa ubwinshi bw’imisi n’imyaka y’ubuzima be n’amahoro.” (Imigani 3:1, 2) Kimwe mu bintu vyerekana ko Imana ikunda abantu ni amategeko yahaye Abisirayeli. Ayo mategeko yarababwira ingene bakwiye kwitwararika isuku. (Gusubira mu vyagezwe 23:12-14) Gukurikiza ayo mategeko vyatuma Abisirayeli bagira amagara meza. Vyongeye, vyarabakingira indwara zafata ayandi mahanga nka Misiri atari afise amategeko meza cane nk’ayo.Gusubira mu vyagezwe 7:12, 15.

No muri iki gihe, abantu “[biyuhagira] ubuhumane bwose bw’umubiri,” nk’ingeso yo kunywa itabi, kunywa inzoga zirenze urugero n’ukunywa ibiyayuramutwe, barikingira indwara zo ku mubiri n’izo mu mutwe kandi bakaramba. Vyongeye, kubera ko kenshi usanga tubana n’abandi, iyo dukurikije ivyo Imana idusaba ku bijanye n’isuku, tuba twerekanye ko tubitwararika.Mariko 12:30, 31.

 Kugira ingeso nziza no kuba abadahumanye mu bijanye n’ugusenga, hoba hari ico bivuze ku Mana?

“Nimwice . . . ibihimba vy’umubiri wanyu . . . ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana. Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana.”Abakolosayi 3:5, 6.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Nk’uko twari twabivuze, Bibiliya iduhimiriza ngo “twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.” Igihe Yezu Kristu yari kw’isi, abantu benshi ushizemwo n’abakuru b’idini ry’Abayuda, nta ko batagira ngo bitwararike isuku ry’umubiri wabo. Ariko barirengagiza amategeko y’Imana ajanye n’inyifato runtu be n’ayajanye n’ivy’ugusenga. (Mariko 7:1-5) Yezu yarabakebuye mu kubabwira ati: “[Nta] kintu na kimwe kiva hanze kikinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, kuko . . . cinjira mu mara yiwe, hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani.” Yongeyeko ati: “Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu; kuko imbere mu mutima w’abantu ari ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi, ukwiba, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ukugira umwina, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni, ijisho ry’inzigo, . . . ubusazi. Ivyo bintu bibi vyose . . . birahumanya umuntu.”Mariko 7:18-23.

Abitwararika cane isuku ry’umubiri ariko bakirengagiza amategeko y’Imana ajanye n’inyifato runtu be n’ivy’ugusenga, Yezu yabona ko bameze nk’ibikombe bisa neza inyuma ariko indani bicafuye.Matayo 23:25, 26.

Amategeko yo muri Bibiliya yoba arenza urugero?

“Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.”1 Yohani 5:3.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Muri Mika 6:8, havuga hati: “None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane no gukunda ubuntu no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto?” Tuvugishije ukuri, ico kintu Imana idusaba wumva kirenza urugero? Vyongeye, Umuremyi wacu yipfuza ko tumugamburukira tubitumwe n’urukundo. Tubigize, turahimbarwa cane. (Zaburi 40:8) Bishitse na ho tugahuba, Imana irashobora kutugirira imbabazi. “Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, ni ko Yehova [agirira] imbabazi abamutinya. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu,” ni ukuvuga abantu bafise ubugoyagoye kandi badatunganye.Zaburi 103:13, 14.

Muri make rero, amategeko y’Imana ajanye n’isuku, inyifato runtu be n’ukudahumana mu bijanye n’ugusenga arerekana ko idukunda kandi ko itwipfuriza ineza. Iyo dukurikije ayo mategeko tubikunze, tuba twerekanye ko dufise ubukerebutsi kandi ko tuyikunda.