Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Igihe ubucuti buhagaze

Igihe ubucuti buhagaze

INGORANE

“Nari nzi ngo naguyeko. Nibwira nti: ‘Tuzobana ibihe vyose.’ Mugabo inyuma y’amezi abiri tureshanya, ubucuti bwacu bwarahagaze. Sintahura ingene ubucuti bwari bwatanguye neza bwahagaze ningoga ukuraho!”—Anna. *

“Twari tuberanye cane. Narabona neza ko tuzokwubakana. Ariko uko igihe carengana naratanguye kubona ko twari dutandukanye cane. Maze kubona ko ndiko ndihenda, nafashe ingingo yo guhagarika ubwo bucuti.”—Elaine.

Ivyo vyoba bimaze kugushikira? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

ICO UKWIYE KUMENYA

Uguhebana birababaza mbere n’igihe ari wewe wafashe iyo ngingo. Umwigeme yitwa Sarah yahebanye n’umuhungu bari bamaze amezi atandatu bakundana, avuga ati: “Vyarambabaje cane. Naramwiyumvamwo cane, mugabo bukwi na bukwi ubucuti bwacu bwarahagaze. Numvise indirimbo twakunda cane, vyaca binyibutsa ibihe vyiza twamaranye. Ngiye ahantu twakunda kuja, naca numva ndamukumbuye cane. Uwo mubabaro narawugize naho ari jewe nafashe ingingo yo guhagarika ubwo bucuti.”

Naho guhebana bibabaza, hari igihe biba ari vyiza. Elaine avuga ati: “Ntuba wipfuza kubabaza uwo muntu. Ariko urabona ko hamwe mwobandanya gukundana kandi ata co muzoshikako, bizohava bibababaza mwempi.” Sarah na we ni ko abibona. Avuga ati: “Nibaza ko nimba udahimbawe mu gihe co kureshanya, utazohimbarwa mumaze kwubakana. Vyoba vyiza rero muhebanye.”

Bishitse mugahebana, ntibisobanura ko kabaye. Mu bisanzwe, iyo abantu bareshanije si ngombwa ngo bazokwubakane. Nimba hari ibintu bikomeye mudahurizako n’uwo mureshanije, vyoba vyiza muhagaritse. Ivyo bishitse, ntibisobanura ko kabaye. Ubuzima burabandanya. Ni ibiki vyogufasha?

ICO WOKORA

Niwemange umubabaro ufise. Elaine, umwe twavuga, agira ati: “Sinatakaje umugenzi gusa, ahubwo natakaje umugenzi andutira abandi bose.” Igihe uhebanye n’umugenzi nk’uwo mwari mukundanye cane, kumara igihe ubabaye ni ibisanzwe. Umusore yitwa Adam avuga ati: “Igihe cose ubucuti buhagaze urumva ubabaye naho nyene uba uzi ko vyari bikenewe.” Woshobora kwumva umerewe nk’Umwami Dawidi avugwa muri Bibiliya. Igihe yari mu mubabaro yanditse ati: “Ubusaswa bwanje ndabudengereza amosozi.” (Zaburi 6:6) Rimwe na rimwe, uburyo bwiza bwo kurwanya umubabaro, ni ukuwemanga aho kuwirengagiza. Kwemanga umubabaro ufise ni yo ntambwe ya mbere yo kuwurwanya.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Zaburi 4:4.

Niwifatanye n’abantu bakwitaho. Tuvugishije ukuri, hari igihe ivyo bitaba vyoroshe. Anna, umwe twavuga, agira ati: “Mu ntango sinashaka no kubona abantu. Nari nkeneye umwanya kugira ntahure neza ivyari vyabaye.” Ariko mu nyuma, Anna yaratahuye ko ari vyiza kumarana umwanya n’abagenzi bashobora kumuremesha. Avuga ati: “Ubu mbona ibintu mu buryo bwiza, kandi singifise umubabaro mwinshi nko mu ntango.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 17:17.

Niwigire ku vyagushikiye. Niwibaze uti: ‘Mfatiye ku vyanshikiye, hoba hari ivyo nkwiye gukosora? Hoba hari ikintu nohindura ninasubira gukundana n’uwundi muntu?’ Umwigeme yitwa Marcia avuga ati: “Haciye igihe, narashoboye gutahura neza ivyashitse. Ariko vyansavye umwanya kugira ngo nsubire kubona ibintu mu buryo bwiza.” Na Adam nyene ni kwo kw’uko. Avuga ati: “Vyansavye umwaka kugira nsubirane. Mbere vyansavye igihe kirekire kuruta kugira nkure icigwa ku vyanshikiye. Ivyo naciyemwo vyaranyigishije vyinshi ku binyerekeye, ku bijanye n’abo tudasangiye igitsina no ku vyerekeye ubucuti umuntu agiranira n’abandi. Ubu simbabajwe cane n’ukuba ubucuti bwacu bwarahagaze.”

Nushire mw’isengesho amaganya yawe. Bibiliya ivuga ko Imana “[i]kiza abavunitse umutima, [i]gatubika ahantu habababaza.” (Zaburi 147:3) Naho Imana atari yo itorera umuntu uwo bokwubakana, kandi ikaba atari yo ituma ubucuti buhagarara, ikwipfuriza ineza. Nuyiserurire uko wiyumva mw’isengesho.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 5:7.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.