UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3-30 Kigarama 2018.

1918​—Imyaka 100 irarangiye

Naho Intambara ya mbere y’isi yose yari ikibica bigacika i Buraya, ivyabaye mu ntango z’uwo mwaka vyasa n’ivyerekana ko imbere ari heza ku Batohoji ba Bibiliya no kw’isi yose muri rusangi.

Tube imvugakuri

Kubera iki abantu babesha, kandi bivamwo ingaruka izihe? Dushobora gute kuvugana ukuri n’abandi?

Niwigishe ukuri

Muri iki kiringo dusigaranye co gushinga intahe, dutegerezwa kwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya no kwigisha abantu ukuri. None ibikoresho dufise bidufasha gute?

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yarahezagiye cane ingingo nafashe

Charles Molohan akiri muto yaraguye ubusuku bwiwe mu gusaba gukorera kuri Beteli. Yehova yaramuhezagiye cane mu myaka mirongo yakurikiye.

Niwizigire Indongozi yacu Kristu

Ko ishirahamwe ry’Imana ritera imbere ryihuta, ni imvo izihe zituma twizigira ubuyobozi Kristu atanga muri iki gihe?

Nugumane amahoro yo mu mutima igihe ivyawe bihindutse

Iyo ivyacu bihindutse tutari tuvyiteze, birashobora kudutesha umutwe. “Amahoro y’Imana” adufasha gute igihe ivyacu bihindutse?

Wari ubizi?

Sitefano ni we yabaye umuyoboke wa Kristu wa mbere yishwe rumaratiri. None ni igiki camufashije kuguma atekanye igihe yariko arahamwa?