UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2018
Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3-30 Kigarama 2018.
1918—Imyaka 100 irarangiye
Naho Intambara ya mbere y’isi yose yari ikibica bigacika i Buraya, ivyabaye mu ntango z’uwo mwaka vyasa n’ivyerekana ko imbere ari heza ku Batohoji ba Bibiliya no kw’isi yose muri rusangi.
Tube imvugakuri
Kubera iki abantu babesha, kandi bivamwo ingaruka izihe? Dushobora gute kuvugana ukuri n’abandi?
Niwigishe ukuri
Muri iki kiringo dusigaranye co gushinga intahe, dutegerezwa kwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya no kwigisha abantu ukuri. None ibikoresho dufise bidufasha gute?
INKURU Y’UBUZIMA
Yehova yarahezagiye cane ingingo nafashe
Charles Molohan akiri muto yaraguye ubusuku bwiwe mu gusaba gukorera kuri Beteli. Yehova yaramuhezagiye cane mu myaka mirongo yakurikiye.
Niwizigire Indongozi yacu Kristu
Ko ishirahamwe ry’Imana ritera imbere ryihuta, ni imvo izihe zituma twizigira ubuyobozi Kristu atanga muri iki gihe?
Nugumane amahoro yo mu mutima igihe ivyawe bihindutse
Iyo ivyacu bihindutse tutari tuvyiteze, birashobora kudutesha umutwe. “Amahoro y’Imana” adufasha gute igihe ivyacu bihindutse?
Wari ubizi?
Sitefano ni we yabaye umuyoboke wa Kristu wa mbere yishwe rumaratiri. None ni igiki camufashije kuguma atekanye igihe yariko arahamwa?