Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe ukuri

Niwigishe ukuri

“Ewe Yehova, . . . Ijambo ryawe uko riri ni ukuri.”​—ZAB. 119:159, 160.

INDIRIMBO: 29, 53

1, 2. (a) Igikorwa Yezu yashira imbere mu buzima bwiwe ni ikihe, kandi kubera iki? (b) Ko turi “abakozi bakorana n’Imana,” dutegerezwa gukora iki kugira turoranirwe?

YEZU KRISTU yari umubaji akaba n’umwigisha. (Mrk. 6:3; Yoh. 13:13) Ivyo bikorwa vyose yarabikora neza. Yari umubaji azi gukoresha ibikoresho bijanye n’uwo mwuga kugira ahingure ibintu vyiza. Vyongeye, yari umwigisha w’inkuru nziza akoresha neza ubumenyi bwo mu Vyanditswe yari afise kugira afashe abantu baciye bugufi gutahura ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. (Mat. 7:28; Luka 24:32, 45) Ashikanye imyaka 30, yarahagaritse igikorwa co kubaza kuko yari azi ko igikorwa co kwigisha ari co cari gihambaye kuruta. Yavuze ko kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari kimwe mu vyatumye Imana imurungika kw’isi. (Mat. 20:28; Luka 3:23; 4:43) Mu buzima bwiwe yashira imbere igikorwa co kwamamaza, kandi yipfuza ko n’abandi babigenza gutyo.​—Mat. 9:35-38.

2 Benshi muri twebwe ntituri ababaji, mugabo turi abamamaji b’inkuru nziza. Ico gikorwa kirahambaye cane kubera ko n’Imana igishigikiye. Nkako, “turi abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9; 2 Kor. 6:4) Turemera neza ko ‘Ijambo rya Yehova uko riri ari ukuri.’ (Zab. 119:159, 160) Twipfuza rero “[gu]koresha neza ijambo ry’ukuri” mu busuku turangura. (Soma 2 Timoteyo 2:15.) Kugira tubishikeko, tuguma twiga gukoresha neza Bibiliya kuko ari co gikoresho nyamukuru kidufasha kwigisha ukuri kwerekeye Yehova, Yezu be n’Ubwami. Kugira turoranirwe mu busuku turangura, ishirahamwe rya Yehova ryarateguye ibindi bikoresho dukwiye kwiga gukoresha neza. Dukunze kuvyita ibikoresho bidufasha kwigisha (Panoplie d’enseignant).

3. Dutegerezwa kwihatira gukora iki muri kino gihe dusigaranye co gushinga intahe, kandi mu Vyakozwe 13:48 hadufasha gute kubishikako?

3 Woshobora kwibaza igituma tuvuga ko ari ibikoresho bidufasha kwigisha aho kuvuga ko ari ibidufasha kwamamaza. “Kwamamaza” bisigura gutangaza ubutumwa, mugabo “kwigisha” bisobanura gusigura ubwo butumwa ku buryo umuntu abutahura neza maze akagira ico akoze. Muri iki kiringo dusigaranye co gushinga intahe, dutegerezwa kwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya no kwigisha abantu ukuri. Ivyo bisobanura ko dukwiye kugira umwete wo kurondera abantu bose “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” kandi tukabafasha gucika abemera.​—Soma Ivyakozwe 13:44-48.

4. Twomenya gute “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”?

4 None twomenya gute “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”? Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, uburyo bumwe gusa bwo kubamenya ni ugushinga intahe. Dukwiye rero kugira nk’uko Yezu yategetse, ati: “Igisagara cose canke ikigwati cose muzokwinjiramwo, muharondere uwukwiriye.” (Mat. 10:11) Ntitwiteze ko abantu badafise umutima nziraburyarya, bibona canke batitaho ivy’Imana bakira neza inkuru nziza. Turondera abantu b’inziraburyarya, bicisha bugufi kandi banyotewe ukuri. Ukwo kubarondera twokugereranya n’ivyo Yezu ashobora kuba yaragira igihe yari umubaji. Yarondera ibiti vyizavyiza yokoramwo imiryango, ingǒgo be n’ibindi bintu. Amaze kuronka imbaho nziza, yaratora isandugu yiwe y’ibikoresho maze agahingura ico kintu abigiranye ubuhinga. Ukwo nyene ni ko dukwiye kubigenza igihe twihatira gufasha abantu b’umutima nziraburyarya ngo babe abigishwa.​—Mat. 28:19, 20.

5. Ni ibiki dukeneye kumenya ku bijanye n’ibikoresho bidufasha kwigisha? Tanga akarorero. (Raba amashusho atangura.)

5 Mu bisanzwe, igikoresho cose kiba gifise ico cagenewe. Dufate nk’akarorero ibikoresho Yezu ashobora kuba yarakoresheje mu kubaza. * Yari akeneye igikoresho co gupima urubaho, co kurushirako ikimenyetso, co kurukata, co kurutobora be n’ico kurusena. Yari akeneye kandi ibikoresho bimufasha gutumberanya imbaho no kuziteranya. Muri ubwo buryo nyene, kimwe cose mu bikoresho bidufasha kwigisha kirafise intumbero yaco. Nimuze rero turabe ibikoresho ngirakamaro dufise, maze turabe ingene twobikoresha.

IBIKORESHO BIFASHA ABANTU KUTUMENYA

6, 7. (a) Wakoresheje gute udukarata twa jw.org? (b) Ubutumire bw’amakoraniro y’ishengero bufise intumbero zibiri izihe?

6 Udukarata twa jw.org. Naho utwo dukarata ari dutoduto, ni udukoresho ngirakamaro twikorako mu kumenyesha abantu abo turi no mu kuberekeza ku rubuga rwacu, aho bashobora kumenyera vyinshi ku bitwerekeye, mbere bagasaba no kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Gushika ubu, kuri jw.org abantu barenga 400.000 baramaze gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, kandi buri musi abandi amajana barabisaba. Igihe uri mu bikorwa vyawe vya misi yose, woshobora kwitwaza udukarata dukeyi kugira ngo ntugishe akaryo ko gushinga intahe.

7 Ubutumire. Ubutumire bw’amakoraniro y’ishengero bufise intumbero zibiri. Bwanditseko buti: “Uratumiwe kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.” Buca rero bwerekana ko ushobora kubigira “uri ku makoraniro yacu” “canke uri kumwe n’umuntu akwigisha.” Uretse rero ko ubwo butumire butuma abantu batumenya, buraremesha “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” kwiga Bibiliya. (Mat. 5:3) Ariko ntiwumve, abantu barahabwa ikaze ku makoraniro yacu naho batoba bemeye kwiga Bibiliya. Iyo bayitavye, baribonera ko twigisha neza Bibiliya.

8. Kubera iki bihambaye ko abantu baza ku makoraniro yacu naho ryoba rimwe gusa? Tanga akarorero.

8 Birahambaye ko tuguma dutumira abantu ngo bitabe amakoraniro yacu n’imiburiburi rimwe. Uti kuki? Kubera ko bazokwibonera yuko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri kwo muri Bibiliya kandi bagafasha abantu kumenya Imana, mu gihe ivyo batabibona mu madini y’ikinyoma. (Yes. 65:13) Haraheze imyaka umugabo yitwa Ray n’umugore wiwe Linda bo muri Amerika biboneye ico kintu. Barafashe ingingo yo gutangura gusenga. Baremera ko Imana ibaho kandi barumva ko bakeneye ivy’impwemu. Baciye rero batangura kuja mu madini yari mu gisagara babamwo, gushika bayahetuye yose. Amadini yari ahari yari injojo. Kuva mu ntango, hari ibintu bibiri uwo mugabo n’umugore barondera mw’idini ryose baba bagiyemwo. Ica mbere, bipfuza kwumva ko hari ico bize igihe bagiye gusenga. Ica kabiri, bashaka kubona ko abari muri iryo dini baboneka nk’abantu bavuga ko baserukira Imana koko. Haciye imyaka itari mike, bari bamaze guhetura amadini yose yo muri ico gisagara, mugabo bari bavunitse umutima. Nta kintu na kimwe bari bize, kandi abasengera muri ayo madini bambara nabi cane. Umusi bava mw’idini rya nyuma, Linda yaciye aja ku kazi, Ray na we ataha muhira. Akiri mu nzira, yaraciye n’umuduga hafi y’Ingoro y’Ubwami aca yibwira ati: ‘Reka ninjire aha na ho ndabe ingene vyifashe.’ Emwe, ico kintu carabaye intibagirwa kuri we! Bose ku Ngoro y’Ubwami baramugaragarije igishika n’umutima mwiza kandi bari bambaye neza cane. Ray yicaye ku ntebe y’imbere kandi yarashimye cane ivyo yize. Ivyo bica bitwibutsa ivyo intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’umuntu yinjiye ku makoraniro ya gikirisu ari bwo bwa mbere, agaca avuga ati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.” (1 Kor. 14:23-25) Kuva ico gihe Ray ntiyasiba amakoraniro yo ku wa mungu, mu nyuma na ho aratangura kwitaba amakoraniro yo hagati mu ndwi. Linda na we nyene yaratanguye kwitaba amakoraniro, kandi naho bari bageze mu myaka 70 baremeye kwiga Bibiliya mu nyuma barabatizwa.

IBIKORESHO BIDUFASHA GUTANGUZA IBIYAGO

9, 10. (a) Kubera iki udupapuro tw’inkuru nziza tworoshe gukoresha? (b) Sigura ingene wokoresha agapapuro kavuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

9 Udupapuro tw’inkuru nziza. Turafise udupapuro tw’inkuru nziza umunani tworoshe gukoresha mu gutanguza ibiyago. Kuva dutanguye gusohorwa mu 2013, haramaze gucapurwa udushika imiliyaridi zitanu! Iciza catwo ni uko igihe umenye gukoresha kamwe muri two uba ushoboye gukoresha twose kuko tumeze kumwe. None wokoresha gute agapapuro k’inkuru nziza kugira utanguze ikiyago?

10 Woshobora guhitamwo gukoresha akavuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki? Niwereke umuntu ikibazo kiri kuri ako gapapuro maze umubaze uti: “Woba umaze kwibaza ico ari co Ubwami bw’Imana? Wovuga ko . . . ?” Nuce umubaza inyishu yohitamwo muri zirya zitatu. Utarinze kumubwira ko yabitoye canke atabitoye, nuce uzingurura indani ahavuga ngo “Ivyo Bibiliya ivuga” maze umwereke ivyanditswe bihari ari vyo Daniyeli 2:44 na Yesaya 9:6. Nimba bishoboka, nubandanye ico kiyago. Mu gusozera, numwereke ikibazo muzoganirako kiri inyuma ahavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu”: “Ubuzima buzoba bumeze gute mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana?” Ico ni co muzokwihweza ubukurikira. Musubiye kubonana, woshobora kumwereka icigwa ca 7 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana, kakaba ari kimwe mu bikoresho bidufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya.

IBIKORESHO BITUMA ABANTU BASHIMISHWA

11. Dukwiye gukoresha gute ibinyamakuru vyacu, ariko ni igiki dukwiye kumenya ku bivyerekeye?

11 Ibinyamakuru. Umunara w’Inderetsi na Be maso! ni vyo binyamakuru bisomwa cane kandi bihindurwa mu ndimi nyinshi kuruta ibindi vyose kw’isi! Kubera ko bisomwa n’abantu bo mu bihugu bitandukanye, usanga bifise imitwe ishimisha abantu bo mu mihingo yose. Dukwiye kubikoresha mu gufasha abantu kwitaho ibihambaye kuruta ibindi mu buzima muri iki gihe. Ariko rero, kugira tubihe abazovyungukirako vy’ukuri, turakwiye kumenya abo ikinyamakuru kimwekimwe cose kigenewe.

12. (a) Be maso! igenewe bande, kandi intumbero yayo ni iyihe? (b) Ni ivyiza ibihe uheruka kwibonera igihe wariko urakoresha ico kinyamakuru?

12 Be maso! igenewe abasomyi bashobora kuba bazi bike canke batazi namba ibijanye na Bibiliya. Boshobora kuba batazi namba inyigisho za gikirisu, batacizigiye amadini, canke batazi ko Bibiliya ari ngirakamaro. Intumbero nyamukuru ya Be maso! ni ukujijura umusomyi ko Imana ibaho. (Rom. 1:20; Heb. 11:6) Igenewe kandi gufasha umusomyi kwizera ko Bibiliya ari “ijambo ry’Imana” koko. (1 Tes. 2:13) Be maso! zitatu zo mu 2018 zifise imitwe ivuga ngo “Ivyotuma ugira agahimbare,” “Ibintu 12 vyofasha ingo kurama” be na “Ivyofasha abatuntuye.”

13. (a) Integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi igenewe bande? (b) Ni ivyiza ibihe uheruka kwibonera igihe wariko urakoresha ico kinyamakuru?

13 Umunara w’Inderetsi integuro ya bose, ushimika kuri Bibiliya, ukaba ugenewe abantu bubaha Imana n’Ijambo ryayo ku rugero kanaka. Naho bashobora kuba batahura Bibiliya ku rugero kanaka, ntibaba batahura neza inyigisho ziri muri yo. (Rom. 10:2; 1 Tim. 2:3, 4) Iminara y’Inderetsi itatu yo mu 2018 irishura ibi bibazo: “Bibiliya yoba igihuje n’igihe tugezemwo?,” “Kazoza katubikiye iki?,” “Imana yoba ikwitwararika?

IBIKORESHO BIVYURIRA ABANTU INGIRO

14. (a) Amavidewo ane aboneka ahari ibikoresho bidufasha kwigisha afise intumbero iyihe? (b) Ni ivyiza ibihe wiboneye igihe wariko urerekana ayo mavidewo?

14 Amavidewo. Mu gihe ca Yezu, umubaji yakoresha ibikoresho vy’amaboko. Ariko rero muri iki gihe, ababaji barafise n’ibikoresho vy’umuyagankuba nk’imisumeno, ivyo gutobora, ivyo gusena n’ibindi. Uretse ibisohokayandikiro vyo mu mpapuro, na twebwe ubu turafise amavidewo meza cane yo kwereka abantu, ane muri yo akaba aboneka ahari ibikoresho bidufasha kwigisha. Ayo na yo ni aya: Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?, Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga be na Ivyabona vya Yehova, turi bande? Ayo mavidewo atarenza iminuta ibiri ni ngirakamaro igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Ayamara umwanya muremure yoshobora gukoreshwa igihe usubiye kugendera umuntu canke igihe uwo muganira afise umwanya wiyongereye. Ivyo bikoresho vyiza igitangaza birashobora gutuma abantu biga Bibiliya kandi bakitaba amakoraniro yacu.

15. Tanga akarorero kerekana ingene kuraba akavidewo mu rurimi umuntu avuga bikora ku mutima abantu.

15 Tubitangire akarorero: Igihe mushiki wacu umwe yahura n’umugore yavuga ururimi rwitwa Yap yari yimutse avuye muri Micronésie, yaramweretse akavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? kari muri urwo rurimi. Ako kavidewo gatanguye, uwo mugore yaciye avuga ati: “Kari mu rurimi rwanje. Biratangaje! Ndumva ko uwu muntu ariko aravuga ari uwo mw’izinga nturukamwo. Avuga ururimi rwanje!” Mu nyuma, yaciye avuga ko azosoma yongere arabe ibintu vyose biri mu rurimi rwiwe kuri jw.org. (Gereranya n’​Ivyakozwe 2:8, 11.) Rimbura akandi karorero. Mushiki wacu umwe wo muri Amerika yararungikiye umusengezana wiwe yari mu mahanga ako kavidewo nyene mu rurimi rwiwe. Amaze kukaraba yaciye amwandikira ati: “Nakozwe ku mutima n’ahavuga ko Shetani ari we aganza isi. Nasavye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.” Uwo muhungu aba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe.

IBIKORESHO BIDUFASHA KWIGISHA UKURI

16. Sigura intumbero y’utu dutabu: (a) Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. (b) Inkuru nziza iva ku Mana. (c) Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

16 Udutabu. Wokwigisha gute ukuri umuntu atazi gusoma neza canke adafise ibisohokayandikiro biri mu rurimi rwiwe? Emwe, turafise igikoresho kigenewe abantu nk’abo, ico na co kikaba ari agatabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. * Igikoresho ciza cane kidufasha gutanguza inyigisho za Bibiliya ni agatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Woshobora kwereka umuntu ibibazo 14 biri inyuma kuri ako gatabu, maze ukamureka akitorera ikimushimisha kuruta ibindi. Nimuce mutangurira kuri ico cigwa. Woba umaze kugerageza ubwo buryo igihe usubira kugendera abantu? Agatabu kagira gatatu kari muri vya bikoresho bidufasha kwigisha ni akavuga ngo Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe? Kagenewe kwigisha umutohoji ibijanye n’ishirahamwe ryacu. Kugira umenye kugakoresha kuri buri nyigisho ya Bibiliya, raba Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ko muri Ntwarante 2017.

17. (a) Buri gitabu dukoresha mu kwigisha abantu Bibiliya gifise intumbero iyihe? (b) Abantu bose batera imbere bakabatizwa bakwiye gukora iki, kandi kubera iki?

17 Ibitabu. Mumaze gutangura kwiga n’umuntu mu gatabu kanaka, igihe ico ari co cose mwoshobora kwimukira mu gitabu Bibiliya itwigisha iki? Ico gikoresho kizofasha uwo muntu kurushiriza gutahura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Mumaze kurangiza ico gitabu kandi uwo mutohoji akaba ariko aratera imbere, nimuce mubandaniriza mu gitabu Nugume mu rukundo rw’Imana. Ico gikoresho kizomwigisha ingene yoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwa misi yose. Ntiwibagire ko naho umutohoji aba amaze kubatizwa, akwiye kubandanya kwiga gushika ahejeje ivyo bitabu vyompi. Ivyo bizomufasha gushikama mu kuri.​—Soma Abakolosayi 2:6, 7.

18. (a) Muri 1 Timoteyo 4:16 haturemesha gukora iki twebwe abigisha b’ukuri, kandi ivyo bizovamwo iki? (b) Igihe dukoresha ibikoresho bidufasha kwigisha Bibiliya dukwiye kuba dufise intumbero iyihe?

18 Twebwe Ivyabona vya Yehova twarajejwe “ukuri kw’iyo nkuru nziza” ishobora gushikana abantu ku buzima budahera. (Kol. 1:5; soma 1 Timoteyo 4:16.) Kugira tubishikeko, twarahawe ibikoresho dukeneye. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ibikoresho bidufasha kwigisha.”) Ese twokoresha neza ivyo bikoresho uko bishoboka kwose. Buri mwamamaji arashobora guhitamwo igisohokayandikiro yokoresha be n’igihe yogikoresha. Ariko rero intumbero yacu si ugutanga ibitabu gusa, eka kandi ntidukwiye kubiha abantu badashimishwa n’ubutumwa dutanga. Intumbero yacu ni ugufasha abantu bafise umutima nziraburyarya, bicisha bugufi kandi banyotewe ivy’impwemu, ni ukuvuga abantu “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” Tubafasha kugira babe abigishwa.​—Ivyak. 13:48; Mat. 28:19, 20.

^ ing. 5 Raba ikiganiro kivuga ngo “Umubaji” be n’uruzitiro ruvuga ngo “Isandugu y’ibikoresho vy’umubaji” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2010.

^ ing. 16 Nimba uwo muntu atazi gusoma, woshobora kumusaba ngo akurikire mu gatabu Niwumvirize Imana, kano kakaba ahanini kagizwe n’amashusho.