Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwizigire Indongozi yacu Kristu

Niwizigire Indongozi yacu Kristu

“Indongozi yanyu [ni] imwe, ni Kristu.”​—MAT. 23:10.

INDIRIMBO: 16, 14

1, 2. Musa amaze gupfa, ni ibanga riremereye irihe Yosuwa yaciye aronka?

YEHOVA yabwiye Yosuwa ati: “Musa umusavyi wanje yapfuye; ubu rero haguruka, ujabuke uru ruzi Yorodani, wewe n’aba bantu bose, mwinjire mu gihugu ngira ndabahe.” (Yos. 1:1, 2) Ese ukuntu iryo ryari ihinduka ridasanzwe kuri Yosuwa, uwari amaze imyaka 40 afasha Musa!

2 Musa yari yamaze ikiringo kirekire ari indongozi y’Abisirayeli, ariko Yosuwa ni we yari agiye kumusubirira. Yosuwa rero ashobora kuba yaribajije nimba abantu bokwemeye ko ababera indongozi. (Gus. 34:8, 10-12) Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga ku bijanye na Yosuwa 1:1, 2, giti: “Kuva kera gushika n’ubu, ihinduka ry’ubutegetsi ni kimwe mu bintu bibangamira cane umutekano w’igihugu.”

3, 4. Tuzi gute ko Yosuwa atihenze mu kwizigira Imana, kandi ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza?

3 Yosuwa ashobora kuba yaragize ubwoba kandi vyarumvikana. Ariko haciye imisi mikeyi, yaciye ajako arakora. (Yos. 1:9-11) Yarizigiye Imana kandi ntiyihenze. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, Yehova yarayoboye Yosuwa n’ihanga ryiwe Isirayeli, abicishije ku mumarayika yamuserukira. Uwo mumarayika ashobora kuba yari Jambo, Umwana w’imfura w’Imana.​—Kuv. 23:20-23; Yoh. 1:1.

4 Abisirayeli babifashijwemwo na Yehova, baremeye ata gahigihigi ko Yosuwa ababera indongozi mu gishingo ca Musa. No muri iki gihe cacu haraba amahinduka akomeye. Ku bw’ivyo, umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Ko ishirahamwe rya Yehova riguma ritera imbere ryihuta, twoba turi n’imvo zumvikana zo kwizigira ko Yezu ari we Ndongozi yacu yagenywe?’ (Soma Matayo 23:10.) Nimuze turimbure ingene kera Yehova yatanze ubuyobozi bwo kwizigirwa mu bihe vy’amahinduka.

NI NDE YAYOBOYE ABASAVYI B’IMANA MU GIHUGU C’ISEZERANO

5. Ni igiki cashikiye Yosuwa ari hafi y’igisagara ca Yeriko? (Raba ishusho itangura.)

5 Haheze igihe gito Abisirayeli bajabutse Yorodani, Yosuwa yarashikiwe n’ikintu atari yiteze. Igihe yari hafi y’igisagara ca Yeriko, yarahuye n’umugabo yasokoye inkota. Kubera ko Yosuwa atari yamenye uwo mugabo, yamubajije ati: “Uri ku ruhande rwacu canke ku rw’abaturwanya?” Uwo mugabo amaze kumwidondora, Yosuwa yaratangaye cane. Erega, yari “umukuru w’ingabo za Yehova,” akaba yari yiteguye kurwanira abasavyi b’Imana. (Soma Yosuwa 5:13-15.) Naho mu yindi mirongo iyo nkuru yerekana ko Yehova ari we yariko yivuganira na Yosuwa, mu vy’ukuri yavuganye na we abicishije ku mumarayika, nk’uko yabigize kenshi muri kahise.​—Kuv. 3:2-4; Yos. 4:1, 15; 5:2, 9; Ivyak. 7:38; Gal. 3:19.

6-8. (a) Twisunze ingene umuntu abona ibintu, ni kubera iki bumwe mu buyobozi Yehova yatanze bwasa nk’aho butabereye? (b) Ubwo buyobozi bwagaragaye gute ko buranga ubukerebutsi kandi ko bwari buje hageze? (Raba n’akajambo k’epfo.)

6 Uwo mumarayika yarahaye Yosuwa ubuyobozi butomoye bw’ingene yokwigarurira igisagara ca Yeriko. Mu ntango, ubwo buyobozi wamengo si umukenyuro nyawo. Nk’akarorero, Yehova yategetse ko ab’igitsina gabo bose bagenyerwa, bikaba vyotumye bamara imisi itari mike badashobora kuja ku rugamba. None vy’ukuri coba cari co gihe kibereye co kugenyera abo bagabo?​—Ita. 34:24, 25; Yos. 5:2, 8.

7 Kumbure izo ngabo z’Abisirayeli zaribajije ingene zokingiye imiryango yabo umwansi aramutse ateye ikambi barimwo. Ata n’uwari avyiteze, haraje inkuru ivuga ko i Yeriko “hadadiye kubera bene Isirayeli.” (Yos. 6:1) Ubwo none ukwo kuntu vyahindutse batavyiteze ntivyatumye barushiriza kwizigira ubuyobozi Imana itanga?

8 N’ikindi kandi, Abisirayeli bategetswe kudatera Yeriko, mugabo ko boza barahazunguruka rimwe ku musi mu misi itandatu, maze ku musi ugira indwi bakahazunguruka incuro indwi. Ingabo zimwezimwe zishobora kuba zaribwiye ziti: ‘Emwe, uku ni uguta umwanya n’inguvu!’ Yamara rero, Indongozi ya Isirayeli yoyo yari izi neza ico yariko irakora. Uretse ko umukenyuro wayo wakomeje ukwizera kw’Abisirayeli, waranabarinze gutana mu mitwe n’ingabo zikomeye z’i Yeriko.​—Yos. 6:2-5; Heb. 11:30. *

9. Kubera iki dukwiye gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ry’Imana? Tanga akarorero.

9 None iyo nkuru itwigisha iki? Rimwe na rimwe twoshobora kudatahura neza imvo zatumye ishirahamwe rihindura uburyo rikora ibintu. Nk’akarorero, dushobora kuba twarabanje kwibaza akamaro ko gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none mu kwiyigisha, mu busuku no mu makoraniro. Mugabo ubu hari aho twoba tubona akamaro katwo nimba tudukoresha. Igihe twiboneye ivyiza bivamwo naho twoba twarigeze kugira amakenga, birakomeza ukwizera kwacu n’ubumwe dufitaniye.

INGENE KRISTU YAYOBOYE ABAKIRISU MU KINJANA CA MBERE

10. Ni nde yatumye haba inama ihambaye y’abagize inama nyobozi i Yeruzalemu?

10 Haciye imyaka nka 13 Koruneliyo acitse uwemera, Abayuda bamwebamwe bari baracitse abakirisu bari bacumiye ku mugenzo wo kugenyerwa. (Ivyak. 15:1, 2) Igihe ico kibazo cavyura impari i Antiyokiya, Paulo yaragenywe ngo agishikane ku nama nyobozi i Yeruzalemu. Ariko none ni nde yari ayoboye ibintu? Paulo yavuze ati: “Naduze bivuye ku guhishurirwa.” Biboneka rero ko Kristu ari we yayoboye ibintu kugira ngo inama nyobozi yicarire ico kibazo.​—Gal. 2:1-3.

Mu kinjana ca mbere vyaragaragara ko Kristu ari we yari ayoboye ishengero (Raba ingingo ya 10, 11)

11. (a) Ni igiki abakirisu b’Abayuda bagumye bemera ku bijanye no kugenyerwa? (b) Paulo yerekanye gute ko ashigikiye abakurambere b’i Yeruzalemu yicishije bugufi? (Raba n’akajambo k‘epfo.)

11 Inama nyobozi iyobowe na Kristu, yaratomoye yuko atari ngombwa ko abakirisu batari abayuda bagenyerwa. (Ivyak. 15:19, 20) Yamara haciye imyaka iyo ngingo ifashwe, Abakirisu benshi b’Abayuda bari bakigenyera abana babo. Igihe abakurambere b’i Yeruzalemu bumva urukurukuru rw’uko Paulo atariko arakurikiza Itegeko rya Musa, baciye bamuha ubuyobozi atari yiteze. * (Ivyak. 21:20-26) Bamubwiye ngo ajane n’abagabo bane ku rusengero kwityorora kugira abantu babone ko yariko ‘agumya Itegeko.’ Paulo yari gushobora gutora amahinyu ubwo buyobozi, akavuga ko nya Bayuda ari bo bari bafise ingorane kuko batatahura neza ikibazo co kugenyerwa. Ariko rero, kugira ngo Paulo yerekane ko ashigikiye icipfuzo abo bakurambere bari bafise co kuremesha ubumwe mu basavyi b’Imana, yaremeye yicishije bugufi ubuyobozi yari yahawe. Yamara twoshobora kwibaza duti: ‘Kubera iki Yezu yaretse hagaca igihe kirekire ataratorera umuti ico kibazo kandi urupfu rwiwe rwari rwarahagaritse Itegeko rya Musa?’​—Kol. 2:13, 14.

12. Kubera iki Kristu ashobora kuba yararetse hagaca igihe imbere yuko atorera umuti ikibazo kijanye no kugenyerwa?

12 Kuri bamwe, bisaba igihe kugira bisunge umuco mushasha. Abakirisu b’Abayuda bari bakeneye umwanya ukwiye kugira bahindure ingene babona ibintu. (Yoh. 16:12) Hari abo vyabereye urugamba kwemera ko kugenyerwa bitari bicerekana ko umuntu afitaniye n’Imana ubucuti budasanzwe. (Ita. 17:9-12) Abandi na bo kubera batinya guhamwa, ntibashaka kwerekana ko batakibona ibintu nk’abandi Bayuda bo mu kibano. (Gal. 6:12) Ariko uko igihe carengana, Kristu yaratanze ubuyobozi bwiyongereye abicishije ku makete yanditswe na Paulo.​—Rom. 2:28, 29; Gal. 3:23-25.

KRISTU ARACAYOBORA ISHENGERO RYIWE

13. Ni igiki codufasha kwemera kuyoborwa na Kristu muri iki gihe?

13 Igihe tudatahura neza igituma ibintu bimwebimwe vyahinduwe, turakwiye kwibuka ingene Kristu yayoboye abasavyi b’Imana muri kahise. Haba mu gihe ca Yosuwa canke mu kinjana ca mbere, Kristu yamye aha abasavyi b’Imana ubuyobozi bwiza kugira abakingire uko bagize umugwi, abakomereze ukwizera yongere atume baguma bunze ubumwe.​—Heb. 13:8.

14-16. Ubuyobozi duhabwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” bwerekana gute ko Kristu yipfuza ko tumererwa neza mu buryo bw’impwemu?

14 Ubuyobozi duhabwa ku gihe kibereye na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” burerekana ko Yezu yipfuza yuko tumererwa neza mu vy’impwemu. (Mat. 24:45) Marc, akaba ari sebibondo w’abana bane avuga ati: “Shetani ariko aragerageza guhungabanya amashengero mu guteza ingorane mu miryango. Muri iki gihe ba serugo baraterwa akamo ko gukingira imiryango yabo biciye ku kugira umugoroba wahariwe ugusenga kwo mu muryango buri ndwi.”

15 Igihe dutahuye ingene Kristu atuyobora, duca tubona ko yitayeho cane iterambere ryacu ryo mu buryo bw’impwemu. Umukurambere yitwa Patrick agira ati: “Mu ntango, hari abatakiriye neza ya ntunganyo yo guhurira mu migwi mitomito yo gusohoka mu ndimiro mu mpera z’imishamvu. Mugabo iyo ntunganyo irashira ahabona imwe muri kamere zidasanzwe za Yezu, na yo ikaba ari ukwitaho umuntu mutoyi. Abavukanyi be na bashiki bacu b’abanyamasoni canke batasohoka cane mu ndimiro, ubu barumva ko bafise agaciro, bikaba vyaratumye batera imbere mu vy’impwemu.”

16 Uretse ukuturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, Kristu aradufasha kuguma twituniye ku gikorwa gihambaye kiriko kirarangurwa muri iki gihe. (Soma Mariko 13:10.) Umukurambere aheruka kugenwa yitwa André, arakunda gukurikiranira hafi amahinduka aba mw’ishirahamwe ry’Imana. Agira ati: “Kugabanya abakorera ku biro vy’amashami biratwibutsa ko iherezo ryegereje cane kandi ko dukwiye kwitunira ku gikorwa co kwamamaza.”

TUGAMBURUKE UBUYOBOZI DUHABWA NA KRISTU

17, 18. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyiza twironkeye mu gukurikiza amahinduka yabaye?

17 Ubuyobozi duhabwa n’Umwami yimitswe ari we Yezu Kristu, buradufasha ubu no muri kazoza. Nimuze rero twungukire ku vyiza biva kuri ayo mahinduka ariko araba. Mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango, murashobora kwihweza ingene mwungukiye ku mahinduka yagizwe mu bijanye n’amakoraniro canke mu busuku.

Woba uriko urafasha umuryango wawe be n’abandi kuguma bajana n’ishirahamwe rya Yehova? (Raba ingingo ya 17, 18)

18 Nitwatahura ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova be n’ingene butugirira akamaro, bizotuma tubukurikiza tunezerewe. Turatahura ko kugabanya ibisohokayandikiro bicapurwa bigabanya amahera akoreshwa, gukoresha cane utwuma two mu buhinga bwa none na vyo bikaba biteza imbere igikorwa c’Ubwami kw’isi yose. Kumenya ivyo, vyoshobora gutuma dukoresha cane ibisohokayandikiro vyo mu buhinga bwa none be n’amavidewo uko bishoboka kwose. Tubigenjeje gutyo, tuzoba dushigikiye Kristu kuko ashaka ko dukoresha neza ubutunzi bw’ishirahamwe.

19. Kubera iki dukwiye kugamburuka ubuyobozi duhabwa na Kristu?

19 Tugamburutse ubuyobozi duhabwa na Kristu, birakomeza ukwizera kw’abandi kandi bigatuma twunga ubumwe. André azirikanye ku ntunganyo yo kugabanya abagize imiryango ya Beteli, agira ati: “Agatima keza kagaragajwe n’abahoze ari Abanyabeteli mu kwakira neza ayo mahinduka, karatuma nizigira Yezu kandi nkubaha abo bavukanyi. Baguma bajana n’umukogote wa Yehova mu guhimbarirwa igikorwa ico ari co cose bashingwa.”

NIWIZIGIRE INDONGOZI YACU

20, 21. (a) Kubera iki dukwiye kwizigira Indongozi yacu Kristu? (b) Ni ikibazo ikihe kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira?

20 Vuba Indongozi yacu Yezu Kristu, ‘azoheraheza intsinzi yiwe’ yongere akore “ibintu biteye ubwoba.” (Ivyah. 6:2; Zab. 45:4) Imbere y’uko ivyo biba, ariko arategura abasavyi b’Imana kugira ngo twese tuzogire uruhara mu gikorwa amahero co kwigisha no kwubaka kizokorwa mu kiringo c’izuka.

21 Umwami wacu yimitswe azotuyobora adushikane mw’isi nshasha, dukire gusa kumwizera duherejeko naho dushikirwa n’amahinduka. (Soma Zaburi 46:1-3.) Rimwe na rimwe amahinduka aratugora kwihanganira, canecane igihe ibintu bihindutse tutari tuvyiteze. None ni igiki codufasha kugumana amahoro yo mu mutima no kwizera Yehova duherejeko? Ico kibazo kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 8 Abacukuzi b’ivya kahise barasanze mu bisigarira vya Yeriko intete nyinshi, bikaba vyerekana ko ico gisagara kitigeze gisugerezwa igihe kirekire canke ngo gikene ibifungurwa. Narirya Abisirayeli batari barekuriwe gusahura Yeriko, ico cari igihe ciza co kuhatera kuko cari ikiringo c’iyimbura kandi bakaba barashobora kuronka ivyimburwa vyinshi mu mirima.​—Yos. 5:10-12.

^ ing. 11 Raba uruzitiro ruvuga ngo “Paulo ahangana n’ikigeragezo abigiranye ukwicisha bugufi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2003, rup. 24.