Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tube imvugakuri

Tube imvugakuri

“Muvugane ukuri.”​—ZEK. 8:16.

INDIRIMBO: 56, 124

1, 2. Ni ikintu ikihe cagize ingaruka mbi cane ku bantu, kandi ni nde abibazwa?

TELEFONE, amatara y’umuyagankuba, imiduga be n’amafirigo, ni bimwe mu bintu bimaze guhingurwa vyatumye ubuzima burushiriza kworoha. Ariko rero, hariho ibindi bintu bishasha abantu bahinguye vyatumye ubuzima burushiriza kuja mu kaga. Aho twovuga inkoho, amamine, itabi, ibibombe ruhonyanganda, n’ibindi n’ibindi. Yamara rero, hari ikindi kintu ca kera cane kurusha ivyo vyose cagize ingaruka mbi cane ku bantu. Uti ni igiki? Ni ikinyoma! Ikinyoma ni ikintu uvuga uzi neza ko atari co kugira uhende uwundi muntu. None ni nde yatanguje ikinyoma? Yezu Kristu yavuze ko “Shetani” ari we “se w’ikinyoma.” (Soma Yohani 8:44.) None yatanguye ryari kuvuga ikinyoma?

2 Vyatanguriye mw’itongo rya Edeni, hakaba haciye imyaka ibihumbi. Umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva, bari bamerewe neza mw’Iparadizo Umuremyi wabo yari yabashizemwo, maze Shetani aca arabatobera. Imana yari yababwiye yuko baramutse bariye ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi” bociye bapfa, kandi ivyo Shetani yari abizi. Mugabo Shetani akoresheje inzoka, yabwiye Eva ati: “Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.”​—Ita. 2:15-17; 3:1-5.

3. Kubera iki twovuga ko ikinyoma ca Shetani carimwo ububisha, kandi cakweze ingaruka izihe?

3 Ikinyoma ca Shetani carimwo ububisha kubera ko yari azi neza yuko Eva aramutse yemeye ivyo amubwiye, akarya kuri ico camwa yopfuye. Adamu na Eva baragambaraye itegeko rya Yehova, kandi bahavuye bapfa. (Ita. 3:6; 5:5) Ikibabaje kuruta, biciye kuri ico gicumuro, “urupfu [rwarakwiragiye] ku bantu bose.” Kukaba nkako, “urupfu rwaraganje . . . , mbere no ku batari barakoze igicumuro gisa n’ukugabitanya kwa Adamu.” (Rom. 5:12, 14) Ni co gituma tudatunganye kandi tudashobora kubaho ibihe vyose nk’uko Imana yari yabitegekanije. Ahubwo riho, iyo tumaze “imyaka mirongo irindwi, [mbere] naho yoba imyaka mirongo umunani bivuye ku nkomezi zidasanzwe,” tuba twaramvye. N’ico gihe nyene, akenshi ubuzima ‘burangwa n’ivyago be n’ibibi gusa.’ (Zab. 90:10) Umve yemwe ukuntu ikinyoma ca Shetani cadukwegeye!

4. (a) Ni ibibazo ibihe dukeneye kuronkera inyishu? (b) Twisunze Zaburi 15:1, 2, ni nde gusa ashobora kuba umugenzi wa Yehova?

4 Mu gusigura ivyo Shetani yakoze, Yezu yavuze ati: “Ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we.” N’ubu Shetani nta kuri kuri muri we, kuko aguma “azimiza isi yose” akoresheje ibinyoma vyiwe. (Ivyah. 12:9) Kubera ko tutipfuza kuzimizwa n’uwo Mubesheranyi, nimuze turimbure ibibazo bitatu: Shetani azimiza abantu gute? Ni kubera iki abantu bakunda kubesha? Vyongeye, twokwerekana gute ko ‘tuvuga ukuri’ igihe cose kugira ntitwonone ubucuti dufitaniye na Yehova nk’uko Adamu na Eva babwononye?​—Soma Zaburi 15:1, 2.

INGENE SHETANI AZIMIZA ABANTU

5. Shetani azimiza abantu gute muri iki gihe?

5 Intumwa Paulo yari azi ko dushobora kwirinda ngo “ntidutsindwe na Shetani, kuko tutayobewe imigabo yiwe.” (2 Kor. 2:11) Turazi ko isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha, aho hakaba harimwo idini ry’ikinyoma, abanyapolitike bononekaye hamwe n’abadandaza b’abanyamwina. (1 Yohani 5:19) Ntidutangara rero igihe Shetani n’amadayimoni yiwe bosha abafise ububasha bagaca “bavuga ibinyoma.” (1 Tim. 4:1, 2) Ni na ko biri ku badandaza bakomakomeye usanga bagurisha ibintu vyonona kandi bakabesha igihe bahayanisha ivyo badandaza.

6, 7. (a) Kubera iki indongozi z’amadini zibesha ari mbi kuruta? (b) Ni ibinyoma ibihe umaze kwumvana indongozi z’amadini?

6 Indongozi z’amadini zibesha zozo ni mbi kuruta kuko zitesha icizigiro ca kazoza abemera ibinyoma vyazo. Iyo umuntu yemeye inyigisho y’ikinyoma maze agakora ivyo Imana yanka, birashobora gutuma atazoronka ubuzima budahera. (Hos. 4:9) Yezu yari azi ko indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe zahenda abantu muri ubwo buryo. Yazibwiye imbonankubone ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mukwiragira mu kiyaga n’i musozi kugira muhindure umuntu yinjire idini ryanyu, yaryinjira mukamugira uwubasumvya kabiri kuba uwa Gehena,” ni ukuvuga uwo gusangangurwa buhere. (Mat. 23:15) Yezu yarakariye izo ndongozi z’idini ry’ikinyoma, azibwira adakikiriza yuko ‘zava kuri se wazo Shetani, umwicanyi.’​—Yoh. 8:44.

7 Indongozi z’amadini zaragwiriye muri iki gihe, uri abitwa ba pasitori, ba padiri canke ayandi mazina y’icubahiro. Cokimwe na bagenzi babo bo mu kinjana ca mbere, usanga batigisha ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, kandi “ukuri kw’Imana bagukavye ikinyoma.” (Rom. 1:18, 25) Barigisha data wanje ngo “wakiriye agakiza, biba biheze”; ngo umuntu arafise umutima w’ubwenge udapfa; ngo uwupfuye aca bandanya kubaho mu kindi kiremwa; mbere bakimonogoza ngo Imana iremera ivyo kuryamana canke kwubakana kw’abasangiye igitsina.

8. Twiteze ko vuba abanyapolitike bazovuga ikinyoma ikihe, ariko dukwiye kuzovyifatamwo gute?

8 Abanyapolitike bamye bakoresha ibinyoma kugira bazimize abantu. Kimwe mu binyoma bikomeye kuruta ibindi vyose, turiteze kucumva igihe bazotangaza ko bashitse ku “mahoro n’umutekano!” Ariko rero, “agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene.” Ese tutohendwa n’ivyo bazovuga barondera guhuma amaso abantu ngo ntibabone ingene ivy’isi bigeze ahatemba! Mu vy’ukuri, twebwe “[tura]zi neza cane yuko umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro.”​—1 Tes. 5:1-4.

IGITUMA ABANTU BAKUNDA KUBESHA

9, 10. (a) Ni kubera iki abantu babesha, kandi ivyo bivamwo iki? (b) Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye na Yehova?

9 Iyo hubuwe ikintu gishasha maze kigahurumbirwa cane, baca bagihingura ku bwinshi. Ukwo nyene ni ko vyagenze ku bijanye n’ikinyoma. Abantu b’iki gihe basigaye babona ko kubesha ari ikintu gisanzwe. Ikiganiro kimwe kijanye n’itohoza ryagizwe carerekanye ko kenshi abantu babesha kugira bikingire canke bahungukire. Vyongeye, barabesha kugira bahishe amakosa bakoze be n’ivyo bononye, canke kugira bironkere akanoti canke ibindi bintu. Ico kiganiro kivuga kandi ko hari abantu “babesha mu bintu bihambaye canke bitobito ata n’umutima usimba, bakabesha abo batazi, abo bakorana, abagenzi be n’incuti zabo.”

10 None ubwo bubeshi bwose buvamwo iki? Buratuma abantu bataba bacizigirana, ubucuti bafitaniye bugasambuka. Nk’akarorero, niwibaze ingene bivuna umutima iyo umugabo canke umugore yarenze ibigo, agaca abesha kugira anyegeze ubuhumbu yakoze. Canke na ho, ibaze ingene bibabaza igihe umugabo ahahaza umukenyezi canke abana biwe muhira, ariko bageze mu bantu akigira serugo w’intungane. Ikizwi coco, abo biyorobetsi nta na kimwe bashobora kunyegeza Yehova, kuko “vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro” imbere yiwe.​—Heb. 4:13.

11. Akarorero kabi ka Ananiya na Safira katwigisha iki? (Raba ishusho itangura.)

11 Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ingene ‘Shetani yatinyuye’ umugabo umwe n’umugore wiwe bo mu kinjana ca mbere kugira babeshe Imana. Ananiya na Safira barapfunditse uruyeri rwo guhenda intumwa. Bari bagurishije igice c’itongo, mugabo bazanira intumwa igice c’amahera bari baronse. Uwo mugabo n’umugore wiwe bashaka kwiyerekana mw’ishengero, kugira ngo ribone ko ari abatanzi ba cane, na ho shwi. Yehova wewe yarabonye ivyo bari bakoze, aca arabibahanira.​—Ivyak. 5:1-10.

12. Ababesha babigiranye ububisha ntibigaye bazotahira he, kandi kubera iki?

12 Yehova abona gute ububeshi? Shetani hamwe n’abamwigana bose mu kubesha babigiranye ububisha ntibigaye bazotahira mu “kiyaga cakishwa umuriro.” (Ivyah. 20:10; 21:8; Zab. 5:6) Uti kubera iki? Kubera ko abo babeshi Yehova abashira mu mugwi umwe n’uwo wese “akunda kandi ashishikara ikinyoma.”​—Ivyah. 22:15.

13. Tuzi iki ku bijanye na Yehova Imana, kandi ivyo bituma dukora iki?

13 Nk’uko tubizi, Imana “si umuntu ngo ibeshe.” Nkako, turazi yuko “bidashoboka ko Imana ibesha.” (Guh. 23:19; Heb. 6:18) ‘Yehova aranka ururimi rw’ikinyoma.’ (Imig. 6:16, 17) Kugira adutoneshe, dutegerezwa kubaho twisunga ingingo adushiriraho idusaba kuba imvugakuri. Ni co gituma ‘tutabeshana.’​—Kol. 3:9.

‘TUVUGANA UKURI’

14. (a) Dutandukaniye ku ki n’abari mu madini y’ikinyoma? (b) Ibivugwa muri Luka 6:45 bisobanura iki?

14 Kimwe mu bintu abakirisu b’ukuri dutandukaniyeko n’abari mu madini y’ikinyoma ni ikihe? Twebwe ‘tuvugana ukuri.’ (Soma Zekariya 8:16, 17.) Paulo yasiguye ati: “Turishimagiza nk’abasuku b’Imana, . . . mu kuvuga ukuri.” (2 Kor. 6:4, 7) Yezu yavuze ku bijanye n’umuntu ati: “Akanwa kiwe kavuga bivanye n’ibibogaboga mu mutima.” (Luka 6:45) Ivyo bisobanura ko umuntu w’inzirabugunge yama avuga ukuri, muri bito no mu bihambaye. Arabwiza ukuri bose, baba abo atazi, abo bakorana, abagenzi canke incuti ziwe. Rimbura uturorero tumwetumwe tw’ingene dushobora kwerekana ko twihatira kuba inzirabugunge muri vyose.

Woba ubona ingorane uwo mushiki wacu akiri muto afise? (Raba ingingo ya 15, 16)

15. (a) Kubera iki kugira ubuzima burimwo tubiri bitigera biranga ubukerebutsi? (b) Ni igiki cofasha abakiri bato kunanira akosho kabi? (Raba akajambo k’epfo.)

15 Bite ho nimba ukiri muto, ukaba wipfuza kwemerwa n’abo mu runganwe? Uraba maso ntiwigere wigana ivyo bamwebamwe bakora mu kugira ubuzima burimwo tubiri. Barerekana ko ari intore igihe bari kumwe n’imiryango yabo canke ishengero ariko bakaba abandi bantu igihe bari kumwe n’abo mw’isi canke igihe bakoresha imbuga ngurukanabumenyi. Boshobora gukoresha imvugo mbi, bakambara impuzu ziteye isoni, bakumviriza imiziki itabereye, bakaborerwa canke bagafata ibiyayuramutwe, bakaja mu vyo gukundana mu kinyegero, n’ibindi vy’agahomerabunwa. Baba bihebeye ikinyoma, bagahenda abavyeyi babo, abo basangiye ukwemera be n’Imana. (Zab. 26:4, 5) Yehova ntabiyoberwa igihe ‘tumutera iteka n’iminwa yacu, mugabo imitima yacu yigijwe kure yiwe cane.’ (Mrk. 7:6) Ese rero ukuntu vyoba vyiza wisunze Imigani 23:17, ahagira hati: “Umutima wawe ntiwumvire agashari abacumuzi, ahubwo nutinye Yehova burinde bwira.” *

16. Ni gute twovugisha ukuri igihe turiko dusaba kwinjira mu murimo udasanzwe?

16 Woba wipfuza kuba umutsimvyi asanzwe canke kwinjira mu murimo udasanzwe w’igihe cose, nko gukorera kuri Beteli? Igihe wuzuza urukaratasi rwo kubisaba, birahambaye ko uba imvugakuri, ugatanga inyishu z’ukuri ku bibazo vyose ubazwa vyerekeye amagara yawe, ingene wisamaza be n’inyifato yawe. (Heb. 13:18) Wokora iki nimba warigeze kwisuka mu ngeso zihumanye canke kwigenza mu buryo buteye amakenga, ariko ntubibwire abakurambere? Nubasabe bagufashe kugira ngo uzokore ufise ijwi ryo mu mutima ryiza.​—Rom. 9:1; Gal. 6:1.

17. Dukwiye gukora iki igihe abaduhama batubajije ibijanye n’abavukanyi bacu?

17 Nk’akarorero, wokora iki nimba abategetsi babujije igikorwa cacu aho ubaye, maze bakagufata kugira bakubaze ivyerekeye abavukanyi? Vyoba ari ngombwa ngo ubabwire ibintu vyose uzi? None Yezu yakoze iki igihe buramatari w’Umuroma yamusambisha? Yezu yisunze ingingo ngenderwako yo mu Vyanditswe ivuga ko hari “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga,” mu bihe bimwebimwe yarinumira! (Umus. 3:1, 7; Mat. 27:11-14) Mu bihe nk’ivyo, biraba vyiza twitondeye ivyo tuvuga kugira ngo ntidushire mu kaga abavukanyi bacu.​—Imig. 10:19; 11:12.

Ni ryari wonuma kandi ni ryari wovuga ukuri kwose? (Raba ingingo ya 17, 18)

18. Dutegerezwa gukora iki igihe abakurambere batubajije ibijanye n’abavukanyi bacu?

18 Bite ho nimba hari uwo mw’ishengero yakoze igicumuro gikomeye, hakaba hari ico ubiziko? Kubera ko abakurambere bafise ibanga ryo gukingira ishengero ngo rigume ridahumanye, boshobora kugusaba ngo ubabwire ivyo uzi ku bijanye n’ico kintu. None wokora iki, canecane igihe uwakoze ico gicumuro ari umugenzi wawe canke incuti yawe ya hafi? Bibiliya igira iti: “Uwusuka ubwizigirwa avuga ibigororotse.” (Imig. 12:17; 21:28) Utegerezwa rero kubwira abakurambere ukuri kwose, aho kubabwira ukuri kw’igice canke ngo ukugoreke. Barafise uburenganzira bwo kumenya ivyabaye vyose kugira ngo bamenye uburyo bwiza bwo gufasha uwo mucumuzi kuryohora ubucuti afitaniye na Yehova.​—Yak. 5:14, 15.

19. Mu kiganiro gikurikira tuzokwiga iki?

19 Dawidi yabwiye Yehova mw’isengesho ati: “Wahimbawe n’ukuri imbere mu muntu.” (Zab. 51:6) Dawidi yari azi ko kugira tube imvugakuri bihera imbere mu mutima. Mu mice yose y’ubuzima rero, abakirisu b’ukuri ‘bavugana ukuri.’ Ubundi buryo twebwe abasavyi b’Imana twerekana ko dutandukanye n’abandi ni ukwigisha abantu ukuri kwayo mu busuku turangura. Mu kiganiro gikurikira tuzorimbura ingene twobigenza.

^ ing. 15 Raba igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, ikigabane ca 15 kivuga ngo “Nonanira gute akosho k’urunganwe?” be n’ikigabane ca 16 kivuga ngo “Ubuzima burimwo tubiri bwoba bubereye?