Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yarahezagiye cane ingingo nafashe

Yehova yarahezagiye cane ingingo nafashe

Mu bucagucagu, twari duhejeje gucisha udupapuro tw’inkuru nziza munsi y’imiryango yose mu cibare twari twahawe. Hari mu 1939. Twari twavyutse mu gicugu, tugira urugendo rw’isaha irenga n’umuduga, tugiye mu gasagara ka Joplin kari mu bumanuko bushira uburengero bwa leta ya Missouri muri Amerika. Tumaze kurangiza igikorwa cari catujanye, twaciye twiterera mu muduga maze tuja aho twari guhurira n’abari bagiye n’iyindi miduga. Ariko rero wokwibaza igituma twagiye mu busuku muri ico gicugu kandi tukava mu cibare amaguru adakora hasi. Mu kanya ndabibayagira.

NDAKENGURUKA cane kuba narezwe n’abavyeyi bakirisu, ari bo Fred Molohan na Edna. Baranyigishije gukunda Imana kandi igihe navuka mu 1934, bari bamaze imyaka 20 ari Abatohoji ba Bibiliya (Ivyabona vya Yehova) b’abanyamwete. Twaba i Parsons, agasagara kari mu bumanuko bushira ubuseruko bwa leta ya Kansas. Twari mw’ishengero ryari rigizwe hafi n’abakirisu barobanuwe gusa. Umuryango wacu warahimbarwa no kwama witaba amakoraniro be no kubwira abandi ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ku wa gatandatu ku muhingamo twari twahahariye kwamamaza ku mabarabara, ivyo ubu twita kwamamaza ku mugaragaro. Rimwe na rimwe, vyaraturuhisha cane. Mugabo duhejeje, dawe yama atujana gufata twa tuntu dusosa (crème glacée) kugira twiyuhe akuya.

Ishengero ryacu ryari rito ariko rikagira icibare kinini cari kigizwe n’udusagara tutari duke be n’imirima myinshi. Igihe twaba tugendeye abarimyi, akenshi tubahaye ibisohokayandikiro na bo baca baduha ku vyo basoromye, amagi canke mbere inkoko. Kubera ko dawe yaba yaramaze gutanga intererano ku bw’ivyo bitabu, ivyo bifungurwa twaca tuvyikorako.

AMASEKEZA YO KWAMAMAZA

Abavyeyi banje bararonse ifono bakoresha mu kwamamaza. Naho nari muto ku buryo ntashobora kuyikoresha, igihe baba basubiye kugendera abo bayaze canke bari ku nyigisho za Bibiliya, narahimbarwa no kubafasha bariko baravuza insiguro z’umuvukanyi Rutherford.

Ndi kumwe na dawe na mawe iruhande ya wa muduga wacu wasamiriza amajwi

Dawe yarashize hejuru ku muduga wacu icuma kinini gisamiriza amajwi. Uwo muduga warafashije cane gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Akenshi twabanza kuvuza umuziki kugira ngo dukwegere abantu, hanyuma tugaca tuvuza insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Iyo nsiguro iheze, twaca duha ibitabu abashimishijwe.

Mu gasagara ka Cherryvale muri leta ya Kansas, abapolisi babwiye dawe ko atarekuriwe kuzana wa muduga mu kibanza abantu benshi baza kwisamarizamwo ku misi ya mungu, ariko ko ata ngorane agiye inyuma y’ico kibanza. Dawe rero yaciye ajana uwo muduga kw’ibarabara ryari hafi yaho kugira nya bantu bashobore kwumva neza ubutumwa, maze arabandanya kuvuza insiguro. Vyaba biryoshe kwifatanya na dawe be na mukuru wanje Jerry mu bihe nk’ivyo.

Mu mpera z’imyaka ya 1930, twaragize amasekeza adasanzwe mu vyibare vyabamwo abantu baturwanya cane. Twavyuka butaraca (nka kumwe twabigize i Joplin muri Missouri) maze tukaza turacisha munsi y’imiryango n’ukwiyubara kwinshi udupapuro tw’inkuru nziza canke udutabu. Mu nyuma twaca duhurira inyuma y’ico gisagara kugira turabe ko ata we abapolisi bafashe.

Muri iyo myaka, uwundi muce uryoshe wo kwamamaza wari uwo twita amadefile. Kugira dutangaze Ubwami, twarambara ivyapa, tugaca tugira idefile duca mu gisagara. Ndibuka ko umusi umwe muri izo defile hari abari bambaye icapa canditseko ngo “Idini ni umutego kandi ni ububeshi.” Baragenze hafi ibilometero 2 mu gisagara, baca baragaruka i muhira. Igishimishije, ntawigeze abarwanya muri iyo defile, ahubwo abantu benshi barabitegereje n’ugushimishwa kwinshi.

AMAHWANIRO NITAVYE NKIRI MUTO

Akenshi umuryango wacu witaba amahwaniro i Texas uvuye i Kansas. Dawe yakora mw’ikompanyi yo kwiyunguruza n’amagariyamoshi, akaba ari co gituma twashobora gufata igariyamoshi ku buntu tugiye ku mahwaniro canke kuramutsa incuti. Mukuru wa mawe ari we Fred Wismar n’umukenyezi wiwe Eulalie, baba i Temple muri Texas. Fred yize ukuri akiri muto mu ntango z’imyaka ya 1900 maze arabatizwa, kandi yarabwiye abo bavukana ivyo yize, na mawe adasigaye inyuma. Abavukanyi benshi bo muri Texas bari bamuzi, kuko yigeze kuhakorera ari umucungezi wa zone (uwo twita ubu umucungezi w’umuzunguruko). Yari umugabo w’umutima mwiza yama aryohewe, kandi kuba kumwe na we vyama biteye umunezero. Yari afitiye umwete ukuri, kandi yarambereye vy’ukuri akarorero keza mu buto bwanje.

Mu 1941, umuryango wacu warafashe igariyamoshi ugiye kw’ihwaniro rinini i St. Louis muri Missouri. Abakiri bato bose basabwe kwicara mu gice bari bateguriwe kugira bumvirize insiguro y’umuvukanyi Rutherford yavuga ngo “Abana b’Umwami.” Iyo nsiguro irangiye, umwe wese muri twebwe yararonse atari avyiteze igitabu gishasha cavuga ngo Abana, tukaba twagihawe n’umuvukanyi Rutherford be n’abariko baramufasha. Abakiri bato barenga 15.000 bari aho bararonse ico gitabu ciza igitangaza.

Muri Ndamukiza 1943, twarinovoye iteraniro ritoya ariko ry’ingirakamaro ryavuga ngo “Kura amaboko mu mpuzu!” ryabereye i Coffeyville muri Kansas. Haratangujwe Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ryogiye riragirwa mu mashengero yose. Vyongeye, harasohowe agatabu karimwo ivyigwa 52 kokoreshejwe muri iryo shure. Mu nyuma muri uwo mwaka nyene, narashikirije ikiganiro canje ca mbere. Iryo teraniro kandi ryarambereye iridasanzwe kubera ko jewe n’abandi bakeya twabatirijwe mu rugomero rwarimwo amazi akanye, hafi yaho.

NARIPFUZA GUKORERA KURI BETELI

Narangije amashure yisumbuye mu 1951, kandi nabwirizwa gufata ingingo ku bijanye na kazoza kanje. Naripfuza cane gukorera kuri Beteli, aho Jerry yari yahoze akorera. Naciye rero nuzuza urupapuro rwo kubisaba, bidatevye bararurungika ku biro i Brooklyn. Iyo ngingo nafasha yahavuye imbera kirumara cane mu vy’impwemu. Inyuma y’igihe gitoyi, baranyemereye maze barantumira ngo ntangure gukorera kuri Beteli ku wa 10 Ntwarante 1952.

Icipfuzo canje kwari ugukorera mw’icapuriro kugira mfashe mu gucapura ibinyamakuru n’ibitabu. Yamara rero, banshinze gusereva mu buriro, mu nyuma na ho gukorera mu gikoni, nkaba narahimbawe no kuhigira ibintu vyinshi. Sinigeze rero ndonka ka gateka ko gukorera mw’icapuriro. Naho ari ukwo, urutonde rushasha rw’abakorera mu gikoni rwaramfashije cane, kuko rwatuma ndonka umwanya ku murango wo kwiyigisha nkoresheje ububiko bwa Beteli bwarimwo ibitabu vyinshi. Ivyo vyaratumye nkomera mu vy’impwemu, birakomeza n’ukwizera kwanje. Vyarakomeje n’umwiyemezo nari mfise wo gukorera kuri Beteli igihe kirekire gishoboka. Jerry yari yavuye kuri Beteli mu 1949 maze yubakana na Patricia, mugabo baba mu micungararo ya Brooklyn. Bagumye rero bamfasha kandi bandemesha mu myaka ya mbere nakoreye kuri Beteli.

Haciye igihe gito nshitse kuri Beteli, harabaye intunganyo yo kurondera abashikirizansiguro biyongereye boza baraserukira Beteli. Bararungikwa mu mashengero ari ku bilometero bitarenga 322 uvuye i Brooklyn kugira bayashikirize insiguro ya bose bongere bakorane na yo mu ndimiro. Naratewe agateka ko kuja muri urwo rutonde. N’ubwoba n’akantu, narashikirije insiguro ya mbere y’icese, ico gihe ikaba yamara isaha yose. Mu kugendera amashengero, kenshi nagenda n’igariyamoshi. Umusi umwe ku wa mungu ku muhingamo mu 1954, hari imbeho nyinshi cane. Naruriye igariyamoshi nsubiye i New York, kandi nabwirizwa gushika kuri Beteli ku mugoroba. Ariko rero, haciye hagwa imvura y’isegenya yuzuye ibihuhusi n’urubura rwinshi. Imoteri y’iyo gariyamoshi yaragize ingorane, bica bituma ishika ku gituro co mu gisagara ca New York nk’isaha cumi n’imwe zo ku wa mbere mu gitondo. Naciye nyaragasa nca mw’ibarabara ryo mu kuzimu gushika i Brooklyn. Naciye ndamiriza ku kazi mu gikoni, nacerewe kandi ndushe cane kuko nari namaze ijoro ryose muri iyo gariyamoshi. Ariko umunezero wo gusukurira abavukanyi be no kwironkera abagenzi bashasha muri izo mpera z’imishamvu zidasanzwe z’umurimo waranyibagiza izo ngorane nacamwo.

Turiko turitegurira gutanga ikiganiro kuri ya radiyo WBBR

Mu myaka ya mbere ndi kuri Beteli, narasabwe kuza ndagira uruhara mu biganiro vyaca kw’iradiyo yacu ya WBBR. Ico gihe nya radiyo yari mw’igorofa ya kabiri y’inyubakwa yo ku nomero 124 Columbia Heights. Nasabwe kuza ndagira uruhara mu nyigisho ya Bibiliya yashikirizwa buri ndwi kuri iyo nsamirizi. Umuvukanyi Macmillan, akaba yari umwe mu Banyabeteli bari bahamaze igihe kirekire, na we nyene yama agira uruhara mu biganiro vy’iyo radiyo. Twakunda kumwita ngo umuvukanyi Mac, kandi twebwe Abanyabeteli bakiri bato yaratubera akarorero mu bijanye no kwihangana mu murimo wa Yehova.

Mu busuku twarashikiriza udupapuro two guhimiriza abantu kwumviriza WBBR

Mu 1958 naratewe agateka ko gukora mu bijanye n’Ishure rya Gileyadi. Nasabwa gufasha abasohotse iryo shure kuronka impapuro z’inzira no gutunganya ibijanye n’ingene boshika mu bihugu baba barungitswemwo. Kubera ko muri iyo myaka kugenda n’indege vyari bizimvye cane, wasanga ari bake mu bahejeje iryo shure bagenda n’indege. Abenshi mu baja muri Afrika no muri Aziya bagenda n’ubwato. Mu myaka yakurikiye, ibiciro vy’indege vyaragabanutse maze benshi mu bamisiyonari batangura kugenda n’indege mu bihugu baba barungitswemwo.

Ndiko negeranya impapuro z’umutsindo imbere y’umusi wo kuzishikiriza abasohotse Ishure rya Gileyadi

INGENDO ZO KUJA KU MAHWANIRO

Igikorwa narangura carahindutse mu 1960, maze banshinga gukota indege zava muri Amerika zigiye i Buraya ku mahwaniro mpuzamakungu yabaye mu 1961. Jewe nagiye mw’ihwaniro ryabereye i Hambourg mu Budagi. Inyuma y’iryo hwaniro, jewe n’abandi bavukanyi batatu bo muri Beteli twarakose umuduga kugira tuje mu Butaliyano gutemberera ibiro vy’ishami ry’i Roma. Tuvuyeyo twaragiye mu Bufaransa duciye mu misozi ya Pyrenées, turaja no muri Espanye aho igikorwa cacu cari kibujijwe. Twarahaye abavukanyi b’i Barcelone ibisohokayandikiro bikeya twari twatekeye nk’utuganuke kugira tubinyegeze. Ese ingene twahimbawe no kubonana na bo! Twaciye tubandanya n’umuduga i Amsterdam, turaheza dufata indege yadusubije i New York.

Haciye nk’umwaka, nashinzwe gutunganya ibijanye n’ingendo z’abavukanyi bogiye mu mahwaniro mpuzamakungu hirya no hino kw’isi. Iryo hwaniro ryabaye mu 1963, rikaba ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera.” Haratunganijwe ivy’uko abashika 583 bagenda hirya no hino kw’isi kwitaba iryo hwaniro i Buraya, muri Aziya no mu Bumanuko bwa Pasifike, bakarangiriza urwo rugendo i Honolulu muri Hawayi n’i Pasadena muri Kaliforniya. Vyongeye, bociye i Libani n’i Yorodaniya ku bw’ivyigwa bidasanzwe vyerekeye ibihugu bivugwa muri Bibiliya. Uretse ivyo gutunganya ibijanye n’izo ngendo z’indege be n’uburaro, urwego nakoreramwo rwararondeye impapuro zose zari zikenewe ku bw’ivyo bihugu vyose bociyemwo.

UMUGENZI MUSHASHA TWAFATANIJE INGENDO

Umwaka wa 1963 warambereye intibagirwa kubera iyindi mvo idasanzwe. Ku wa 29 Ruheshi, narubakanye na Lila Rogers yava muri Missouri, akaba yari amaze imyaka itatu ari Umunyabeteli. Haciye indwi tugize ubugeni, twe na Lila twarajanye n’abari bagiye gutembera hirya hino kw’isi, maze turagendera Ubugiriki, Misiri na Libani. Twarafashe indege yadukuye i Beyrouth idushikana i Yorodaniya. Kubera ko igikorwa cacu cari kibujijwe muri Yorodaniya, tukaba twari twamenyeshejwe ko Ivyabona vya Yehova batabaha uburenganzira bwo kwinjirayo, twaribaza ingene vyogenze dushitseyo. Ibaze rero ingene twatangaye dushitseyo tugasanga isinzi ry’abantu bahagaze ku kibuga c’indege, bafise icandiko cavuga ngo “Kaze Vyabona vya Yehova”! Vyongeye, ese ukuntu twahimbawe no kwibonera uturere tuvugwa muri Bibiliya! Twaragendeye ibibanza ba sekuru b’imiryango babayemwo, uturere Yezu n’intumwa bamamajemwo be n’aho ubukirisu bwatanguriye gushika bukwiye mu turere twa kure tw’isi.​—Ivyak. 13:47.

Ubu Lila aramaze imyaka 55 ari umugenzi wanje w’intahemuka mu bikorwa vyose twagiye dushingwa. Twaragendeye Espanye na Portigale akatari gake igihe igikorwa cari kibujijwe muri ivyo bihugu. Twararemesha abavukanyi tukabashira n’ibisohokayandikiro be n’ibindi bintu baba bakeneye. Twaranagendeye abavukanyi bari bapfungiwe i Cadix muri Espanye. Narahimbawe cane no kuba narabaremesheje mu kubashikiriza insiguro ishingiye ku Vyanditswe.

Turi kumwe na Jerry Molohan be n’umukenyezi wiwe Patricia tugiye kw’ihwaniro ryo mu 1969 ryataziriwe ngo “Amahoro kw’isi”

Kuva mu 1963, naratewe agateka ko gutunganya ingendo z’abitaba amahwaniro mpuzamakungu muri Afrika, Amerika yo Hagati n’iyo mu Bumanuko, Aziya, i Buraya, Hawayi, Nouvelle Zélande, Ostraliya n’i Porto Riko. Twe na Lila twaritavye amahwaniro menshi y’intibagirwa, harimwo iryabereye i Varsovie muri Polonye mu 1989. Abavukanyi benshi bo mu Burusiya barashoboye kwitaba iryo hwaniro rinini ari bwo bwa mbere! Twarahuye n’abavukanyi be na bashiki bacu bari baramaze imyaka myinshi bapfungiwe mu busho bw’Abasoviyeti bahorwa ukwizera kwabo.

Kugendera ibiro vy’amashami hirya no hino kw’isi kugira ndemeshe imiryango ya Beteli n’abamisiyonari na vyo nyene vyarambereye agateka kadasanzwe. Igihe twagendera ishami rya Koreya y’Epfo ari na ryo twaherejeko, twarabonanye n’abavukanyi 50 bari bapfungiwe i Suwon. Bose bari bakibona ibintu mu buryo bwiza kandi bari bashashaye gusubira kugira uruhara mu busuku. Kubonana na bo vyaraturemesheje cane!​—Rom. 1:11, 12.

IYONGEREKANA RIRATERA AGAHIMBARE

Uko imyaka irengana, nariboneye ingene Yehova yahezagiye abasavyi biwe. Igihe nabatizwa mu 1943, kw’isi hari abamamaji nka 100.000. Ubu hari abarenga 8.000.000 basukurira Yehova mu bihugu 240. Abasohotse Ishure rya Gileyadi barabigizemwo uruhara runini. Ese ingene vyampimbaye kumara imyaka n’iyindi nkorana n’abo bamisiyonari nongera ndabafasha gushika mu bihugu baba barungitswemwo!

Ndashima kubona narafashe ingingo yo kwagura umurimo ngasaba gukorera kuri Beteli nkiri muto. Yehova yarampezagiye cane muri vyose. Uretse imihezagiro yo gukorera kuri Beteli, twe na Lila twaramaze imyaka mirongo dufise agateka ko gukorana mu busuku n’amashengero y’i Brooklyn, tukaba twaraharonkeye abagenzi tumaranye igihe kirekire.

Ubu ndabandanya gukorera kuri Beteli, Lila akaba anshigikira buri musi. Naho mfise imyaka irenga 84, ndacakora bigashimwa mu gufasha mu bijanye n’amakete y’ishami.

Twe na Lila muri iki gihe

Birahimbaye cane kuba mw’ishirahamwe ritangaje rya Yehova, maze tukibonera itandukaniro rinini riri hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera. Turarushiriza gutahura ibivugwa muri Malaki 3:18, ahagira hati: “Ntimuzobura kwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye.” Uko umusi urengana, turabona ingene isi ya Shetani irushiriza kuba mbi, ikaba yuzuye abantu batagira icizigiro kandi badahimbawe namba mu buzima. Abakorera Yehova bo naho bari mu bihe bitoroshe, barifitiye agahimbare mu buzima be n’icizigiro ntakekeranywa ca kazoza. Mbega agateka dufise ko kubwira abandi inkuru nziza y’ubwami! (Mat. 24:14) Turarindiranye umushasharo igihe Ubwami bw’Imana buzokuraho iyi si ishaje bukayisubiriza isi nshasha be n’ivyiza vyose yadusezeraniye, harimwo amagara meza n’ubuzima budahera. Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa ng’aha kw’isi bazoca biberaho ibihe bidahera.