UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 2-29 Kigarama 2019.

1919: Imyaka 100 irarangiye

Yehova yarahaye abasavyi biwe inkomezi zo kwamamaza ku rugero batari bwigere bashikako. Ariko rero, hari ikintu kidasanzwe Abatohoji ba Bibiliya bari bakeneye kubanza guhindura.

Imanza z’Imana: Imana yoba yama iburira abantu bihagije?

Yehova ariko araburira ababa kw’isi ku bijanye n’‘igihuhusi’ gikomeye cane kuruta ibihuhusi vyose vyovugwa mu makuru yerekeye ibirere. None ariko abigenza gute?

Nugume wituniye ku gikorwa muri iki gihe gisozera “imisi ya nyuma”

Ni ibintu ibihe bizoba kw’iherezo ry’“imisi ya nyuma”? Vyongeye, Yehova yiteze ko dukora iki mu kurindira ko ivyo bintu bishika?

Uraguma uri intahemuka muri ya “makuba akomeye”

Yehova yiteze ko tuzokora iki mu gihe ca ya “makuba akomeye”? Twokwitegura gute muri iki gihe kugira tuzogume turi intahemuka?

Yehova azotuma ucika iki?

Muri kahise, Yehova yaratumye abasavyi biwe bagira ugushaka n’ububasha kugira bakore. None tweho adufasha gute muri iki gihe kugira ngo tumukorere?

Niwihebere Yehova wenyene gusa

Rimbura imice ibiri yo mu buzima yodufasha gusuzuma urugero dushikanako mu kwihebera Yehova.