Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuvukanyi Rutherford ariko aratanga insiguro kw’ihwaniro mu 1919, i Cedar Point muri Ohio

1919: Imyaka 100 irarangiye

1919: Imyaka 100 irarangiye

MU 1919, ya Ntambara ya mbere y’isi yose yararangiye, ikaba yari imaze imyaka irenga ine ibica bigacika. Mu mpera z’umwaka wa 1918, ni ho amahanga yarahagarika kurwana, maze ku wa 18 Nzero 1919 hatangura ibiganiro vyo kurondera amahoro vyabereye i Paris mu Bufaransa. Kimwe mu vyashitsweko, ni Amasezerano y’i Versailles, ayarangije intambara yari hagati y’Ubudagi n’urunani rw’ibihugu vyaburwanya. Ayo masezerano yasinywe ku wa 28 Ruheshi 1919.

Ayo masezerano yaratumye hashingwa n’ishirahamwe rishasha ryiswe Umuhari w’amahanga. Ryari rifise intumbero yo “guhuza ibihugu vyo kw’isi no kurondera amahoro n’umutekano birama.” Amadini menshi y’abiyita abakirisu yarashigikiye uwo Muhari. Inama nkuru y’amadini ya gikristu yo muri Amerika yarawuhayagije, iwita “urwego rwa politike ruserukira Ubwami bw’Imana aha kw’isi.” Mu gushigikira uwo Muhari, iyo nama nkuru yararungitse abayiserukira muri ya nama yabera i Paris yo kurondera amahoro. Umwe mu bayiserukiye yavuze ko iyo nama y’i Paris yari “itanguje ikiringo gishasha muri kahise k’isi.”

Ni ivy’ukuri ko hari hatanguye ikiringo gishasha, ariko nticari gitangujwe n’abitavye iyo nama yo kurondera amahoro. Mu 1919, haratanguye ikiringo gishasha mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza, igihe Yehova yaha abasavyi biwe inkomezi zo kwamamaza ku rugero batari bwigere bashikako. Ariko rero, hari ikintu kidasanzwe Abatohoji ba Bibiliya bari bakeneye kubanza guhindura.

INGINGO YAGORANYE GUFATA

Joseph Rutherford

Amatora ya buri mwaka y’abagize komite nyobozi y’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society yari ategekanijwe ku wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Nzero 1919. Ico gihe, Joseph Rutherford uwari ahagarikiye igikorwa c’abasavyi ba Yehova, be n’abandi indwi, bari bapfunzwe bazira ubusa. Bari mw’ibohero ry’i Atlanta muri leta ya Jeworojiya, muri Amerika. Ikibazo rero cari iki: Abavukanyi bo mu bagize ibiro nshingwabikorwa bari mw’ibohero, boba bari bakwiye gusubira gutorwa canke bari bakwiye gusubirizwa?

Evander Coward

Umuvukanyi Rutherford ari mw’ibohero, yari arajwe ishinga na kazoza k’ishirahamwe. Yari azi ko abavukanyi bamwebamwe babona ko vyoba vyiza hatowe uwundi ngo abe prezida w’ishirahamwe. Ku bw’ivyo, yararungikiye ikete abari gutora, asaba ko umuvukanyi Evander Coward ari we yotorwa ngo abe prezida. Rutherford yavuze ko Coward ari umuntu “atekereje,” “abona kure,” kandi “yihebeye Umukama.” Yamara rero, abavukanyi benshi bashaka ko ayo matora yigizwa inyuma amezi atandatu. Abavukanyi baburanira abari mw’ibohero baravyemeye. Bakiriko baravugana icokorwa, haravyutse impari.

Richard H. Barber

Hari ikintu rero caciye kiba, ico umuvukanyi Richard Barber yahavuye avuga ko ari co ‘casutsemwo mabisi.’ Umuvukanyi umwe mu bari ng’aho yaravuye hasi maze avuga ati: “Naho ntari umuhinga mu vy’amategeko, ndazi ico bisobanura kuba intahemuka. Imana isaba ko tuba intahemuka. Nta bundi buryo twokwerekana ko turi intahemuka ku Mana bwoza buruta kugira amatora ubu, kandi tugatora umuvukanyi Rutherford ngo abandanye kuba prezida.”​—Zab. 18:25.

Alexander Macmillan

Umuvukanyi Macmillan, uwari apfunganywe na Rutherford, yavuze ko bukeye bw’aho Rutherford yadodoye ku ruhome rwari hagati yabo, akavuga ati: “Sohora ukuboko kwawe.” Rutherford yaciye amwereka ubutumwa bugufi yari ahejeje kurungikirwa n’abari mu matora. Macmillan akibubona, yaciye amenya ico busobanura. Ubwo butumwa bwavuga ko abari muri komite nyobozi bose bari basubiye gutorwa be n’uko umuvukanyi Rutherford n’umuvukanyi William Van Amburgh bari basubiye gutorwa mu bagize ibiro nshingwabikorwa. Umuvukanyi Rutherford ni we rero yobandanije ari prezida w’ishirahamwe.

BAREKURWA

Igihe abo bavukanyi umunani bari bapfunzwe, Abatohoji ba Bibiliya baratembereje mu bantu urwandiko rwasaba ko barekurwa. Abo bavukanyi na bashiki bacu b’intwari bararonse abantu barenga 700.000 barusinyako. Ku wa gatatu igenekerezo rya 26 Ntwarante 1919, imbere y’uko urwo rwandiko rushikirizwa abategetsi, umuvukanyi Rutherford be n’abavukanyi bari bapfunganywe bararekuwe.

Mw’ijambo umuvukanyi Rutherford yashikirije abamwakiriye, yavuze ati: “Ndemeza neza ko ibi bintu twese twaciyemwo ari ibidutegura gusa ku bw’ibihe bigoye cane biri imbere. . . . Urugamba mwarwanye ntirwari urwo kubohoza abavukanyi banyu. Iyo si yo yari intumbero nyamukuru. . . . Intumbero y’urwo rugamba yari iyo gushingira intahe ukuri, kandi abarurwanye bose barironkeye ivyiza bitangaje.”

Ivyabaye mu kiringo cose c’urubanza rw’abo bavukanyi, bisa n’ivyerekana ko Yehova yariko ayobora ibintu. Ku wa 14 Rusama 1919, sentare y’iyungururizo yafashe ingingo igira iti: “Abitwariwe muri uru rubanza . . . bararenganijwe, akaba ari co gituma rufuswe.” Iyo ngingo yari nziza cane. Kubera ko abo bavukanyi bagirizwa ivyaha bikomeye, iyo bagirirwa ikigongwe gusa canke bakagabanirizwa umunyororo, bogumye bakurikiranwa na dosiye z’ivyaha. Baciye rero bambikwa izera. Ivyo vyatumye umuvukanyi Rutherford agumana uburenganzira ahabwa n’amategeko bwo kuba umucamanza, ivyatumye ashobora kuburanira abasavyi ba Yehova imbere ya Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kandi ivyo yarabikoze kenshi inyuma y’aho arekuriwe.

BIYEMEZA KWAMAMAZA

Umuvukanyi Macmillan yavuze ati: “Ntitwaciye tuja ng’aho ngo twiraramire maze ngo turindire gusa ko Umukama aza kudutwara mw’ijuru. Twarabonye ko twari dukwiye kugira ico dukoze cotuma tumenya ivyo Umukama agomba.”

Abavukanyi bo ku cicaro gikuru ntibabandanije igikorwa bari bamaze imyaka bakora. Uti kubera iki? Kubera ko igihe bari mw’ibohero, ibikoresho bimwebimwe bakoresha mu gucapura ibitabu vyari vyarononekaye. Kubera ko ivyo bitahumuriza, abavukanyi bamwebamwe baribaza nimba igikorwa co kwamamaza cari kirangiye.

Hoba hari hakiriho abantu bari banyotewe kwumva inkuru nziza y’Ubwami yamamazwa n’Abatohoji ba Bibiliya? Kugira ngo ico kibazo kironke inyishu, umuvukanyi Rutherford yafashe ingingo yo gushikiriza insiguro. Botumiye abavyipfuza bose. Umuvukanyi Macmillan yavuze ati: “Iyo hatagira n’umwe aza, twari guca tubona ko hageze ko igikorwa gihagarara.”

Ikinyamakuru c’i Los Angeles muri Kaliforniya mu 1919 camenyekanishije insiguro y’umuvukanyi Rutherford yavuga ngo “Icizigiro ku bantu bigorewe”

Rero, ku wa mungu igenekerezo rya 4 Rusama 1919, naho umuvukanyi Rutherford yari arwaye cane, yaratangiye insiguro i Los Angeles muri Kaliforniya yavuga ngo: “Icizigiro ku bantu bigorewe.” Ico gihe yitabwe n’abantu nka 3.500, abandi amajana barasubizwa inyuma. Bukeye, abandi 1.500 baraje kuyumviriza. Inyishu ya ca kibazo yari ibonetse. Abantu bari bakinyotewe ukuri.

Ivyo abavukanyi baciye bakora, ni vyo n’ubu Ivyabona vya Yehova bisunga mu kwamamaza.

BITEGURIRA ITERAMBERE

Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1919, waramenyesheje ko mu ntango za Nyakanga hobaye ihwaniro i Cedar Point, muri Ohio. Umutohoji wa Bibiliya akiri muto yitwa Clarence Beaty wo muri leta ya Missouri, yavuze ati: “Umwe wese yabona ko ategerezwa kujayo.” Iryo hwaniro ryitabwe n’abavukanyi na bashiki bacu barenga 6.000, bakaba barenga kure n’iyo abari bitezwe. Icatumye ico kiringo kirushiriza gutera umunezero ni ibatisimu y’abantu barenga 200 babatirijwe mu kiyaga citwa Erie cari hafi y’aho.

Igipfukisho c’ikinyamakuru ca mbere Ikiringo c’agakura, co ku wa 1 Gitugutu 1919

Ku wa 5 Nyakanga 1919, hakaba hari ku musi ugira gatanu w’ihwaniro, umuvukanyi Rutherford yarashikirije insiguro yavuga ngo: “Insiguro igenewe abo dufatanije ibikorwa.” Ico gihe, yaramenyesheje ko hasohowe ikinyamakuru gishasha citwa Ikiringo c’agakura. * Cari kuza kiravuga “amakuru ahambaye agezweho, kigatanga n’insobanuro ishingiye kuri Bibiliya y’ibintu bihambaye [vyariko] biraba kw’isi.”

Abatohoji ba Bibiliya bose bararemeshejwe kwamamaza n’umwete bakoresheje ico kinyamakuru gishasha. Ikete ryavuga ingene ico gikorwa cari gutunganywa ryagira riti: “Uwitanze wese [uwabatijwe] akwiye kwibuka ko gukora iki gikorwa ari agateka kadasanzwe maze agacakira aka karyo, akagira uruhara mu kumenyesha isi iyi nkuru nziza y’Ubwami ihambaye.” Abitabiriye ako kamo babaye benshi cane. Gushika muri Kigarama, abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete bari bamaze kuronka abantu barenga 50.000 basaba kuza bararonswa ico kinyamakuru.

Abavukanyi b’i Brooklyn muri New York, bari iruhande y’ikamyo ipakiye ibinyamakuru Ikiringo c’agakura

Mu mpera z’umwaka wa 1919, abasavyi ba Yehova bari basubiye gutunganywa neza no kururumba umwete. N’ubuhanuzi buhambaye butari buke bwerekeye imisi ya nyuma bwari bumaze kuranguka. Ubwa mbere, abasavyi b’Imana bari barahejeje kugezwa no gutyororwa nk’uko bivugwa muri Malaki 3:1-4. Ubwa kabiri, bari bamaze gukurwa mu bunyagano bwo mu buryo bw’ikigereranyo bwa “Babiloni Akomeye.” Vyongeye, Yezu yari yamaze kugena wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” * (Ivyah. 18:2, 4; Mat. 24:45) Abatohoji ba Bibiliya rero, bari biteguriye gukora igikorwa Yehova yashaka ko bakora.

^ ing. 22 Ico kinyamakuru Ikiringo c’agakura cahavuye citwa Uruhoza (Consolation) mu 1937, mu 1946 na ho citwa Be maso!

^ ing. 24 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, rup. 10-12, 21-23; n’uwo muri Ntwarante 2016, rup. 29-31.